URURIRIMBO RWA 8
Yehova ni we buhungiro bwacu
-
1. Yehova tumusenge,
Ni we buhungiro.
Aturons’ubwugamo;
Ni we bwirukiro.
Ntitwobura kwizigira
Kw’agiye kuturwanira.
Ni we gihome cacu.
Ntahemuka ku ndahiro.
-
2. Amasinzi y’abantu
Naho yotikira,
Yehova ntazoheba
Barya bamwumvira.
Ubwoba rero bwohera:
Nta vyago bizotwegera.
Azoturind’akaga.
Ubwiw’azodukingira.
-
3. Yehov’azoturinda
Kugwa mu mitego.
Nta kizoduc’ivutu.
Dutekane rero.
Nta kizoduter’ubwoba.
Azogum’atuyobora.
Kw’ari we buhungiro,
Nimuze tumugumeko.
(Raba kandi Zab. 97:10; 121:3, 5; Yes. 52:12.)