URURIRIMBO RWA 28
Ni nde aba umugenzi wa Yehova?
-
1. Umugenzi wawe
Ni nde ga Mana we?
Mw’ihema ryawe n’umuntu ki
Wakira vy’ukuri?
N’abakund’Ijambo
Wanditse, Mukama.
N’intahemuka, bakwizera,
Bameze nk’intama.
-
2. Ni nde yokwegera
Ahant’uvyagiye?
Ni nde wemera kw’akubera
Umugenz’akwiye?
N’abagushemeza
Birinda kubesha.
N’abo bose bagukundira
Ukabakoresha.
-
3. Mu maganya yacu
Ni wewe twitura.
Utugir’abagenzi bawe
Kand’ukatwirura.
Ese twokubera
Abagenzi nk’abo.
Nta Mugenzi yoz’akuruta,
Nta n’uwuzobaho.
(Raba kandi Zab. 139:1; 1 Pet. 5:6, 7.)