Abantu bunze ubumwe
Voma:
1. Isegenya riraje.
Twari tuvyiteze.
Uruhamo rukaze
S’ubwa mbere rushitse.
Ntiruzoduhungabanya
Yehov’aratubona.
Nta ‘kirwanisho bacura’
Kizoduter’ubwoba.
(ICITABIRIZO)
Tur’abantu bunz’ubumwe
Naho tutava hamwe.
Twama tur’intadohoka.
Yehov’aradufasha,
Gutyo tugashikama.
2. Twiteze dutekanye
Ko Yehov’adukiza—
Ntaziger’aduheba,
Azam’atwikundira.
Ntazot’abasavyi biwe,
Ya mpwem’azoyiduha.
Abansi bazonanirwa,
Twegukira Yehova.
(ICITABIRIZO)
Tur’abantu bunz’ubumwe
Naho tutava hamwe.
Twama tur’intadohoka.
Yehov’aradufasha.
(IKIRARO)
Tugiz’urunani;
Ntidutiny’iryo sinzi.
Yehova ni we twumvira.
Tumutuy’umutima.
(ICITABIRIZO)
Tur’abantu bunz’ubumwe
Naho tutava hamwe.
Twama tur’intadohoka.
Yehov’aradufasha.
Yehov’aradufasha.