Indirimbo zisanzwe

Urukurikirane rw’indirimbo zidufasha guha agaciro itunga ryacu rya gikirisu.

Gukora ivyo ugomba ni vyo bimpimbara (Ururirimbo rw’ihwaniro ryo mu 2025)

Kurya nyene Yezu yagamburutse abikunze, na twebwe turahimbarwa no gukora ivyo Imana igomba.

Ndi mu minwe yawe

Kureka Yehova akakubumbabumba birashobora gutuma ubuzima bwawe buba bwiza kuruta.

Tube abanyamahoro naho bitoroshe

Kuba abanyamahoro biraninahaza Yehova.

Nuninahaze Yehova

Kuba dukunda Yehova kandi tukamukengurukira bituma tumuninahaza.

Ni wewe umpa inkomezi zidasanzwe

Raba ingene Yehova «[a]tuma abantu b’inyakamwe baronka aho baba.»

Tworoshe ubuzima

Tuzogir a umunezero nyakuri nitwabumbwa n’ibintu bisanzwe Yehova aturonsa.

Dufate akanya turuhuke

Kuzirikana ku vyo Imana yaremye bidufasha gute kuruhuka no kwihanganira ingorane zidushikira?

Ubuzima Nyakuri

Kuzirikana ku cizigiro dufise ca kazoza biraduha inguvu zo kwihanganira ibihe bitoroshe.

«Inkuru nziza» (Ururirimbo rw’ihwaniro ryo mu 2024)

Kuva mu kinjana ca mbere gushika muri iki gihe, abantu barahimbawe no kugira uruhara mu gikorwa gihambaye cane co kwamamaza inkuru nziza. Ico gikorwa kiyobowe na Yezu ubwiwe kandi gishigikiwe n’abamarayika.

Amahoro ameze nk’uruzi

Amahoro Yehova atanga ameze nk’uruzi kandi ntirukama.

Ndakomeza ukwizera kwanje

Nukomeze ukwizera kwawe maze ntusubire gukekeranya.

Ntiduheba

Niwizigire Yehova, wamamaze naho woba ufise bwoba.

Yehova aratuzi

Yehova arazi umwe wese muri twebwe kandi aratahura ukuntu twiyumva.

Uduceri tubiri

Yehova arashima ivyo utanga, vyaba bike canke vyinshi.

Igihe abantu bose bazosenga Yehova

Gukorera Yehova bituma tugira amahoro.

Nunyiyegereze

Imana iritaho cane abo bose bipfuza kuyiyegereza itaravye ivyo baciyemwo mu buzima.

«Ntibizocerwa!» (Ururirimbo rwo kw’ihwaniro ryo mu 2023)

Nurindire Yehova wihanganye, wigane abandi basavyi b’Imana b’intahemuka.

Hanga amaso ubuzima bw’ibihe vyose

Turashobora kubaho duhimbawe ubu no muri kazoza.

Niwigire kw’ikosa wakoze

Niwigira kw’ikosa wakoze, uzoca ukomera.

Dusubire kuba abagenzi

Niwirengagize ivyakubabaje musubire kuba abagenzi.

Ndazi ko Yehova turi kumwe

Dufashijwe na Yehova, turashobora gutsinda ubwoba ubwo ari bwo bwose twoba dufise.

Noja kwa nde?

Nukore umurimo w’Imana udahemuka mu buzima bwawe mu kwumviriza ijwi rya wa mwungere.

Tuza twibera mu mahoro (Ururirimbo rw’ihwaniro ryo mu 2022)

Nurengere ingorane ufise, maze ubone amahoro nyakuri Imana yasezeranye.

Dufatane mu nda

Uko tugize umuryango w’abavukanyi, turashobora kwihanganira ingorane iyo ari yo yose dufatanye mu nda tukongera tugafashwa na Yehova.

Umuryango wa Yehova

Kw’isi hari abantu bakirondera kumenya ukuri. Iyi videwo izotuma wumva wipfuje kurondera mwene abo bantu.

Nuhe umwanya Yehova

Kubaho dufise vyinshi duha Yehova ni ivya mbere.

Niwibone uri mw’iparadizo

Nugire umunezero kubera isi nshasha iri hafi.

Nukoreshe inguvu ufise ku bwa Yehova

Nukoreshe inguvu ufise ku bwa Yehova. Ntuzokwicuza namba.

Tunezerwe

Ururirimbo rw’umunezero rurashobora kutwibutsa imvo nyinshi dufise zo kunezerwa.

Ndabona n’amaso y’ukwizera

Niwiye ishusho kazoza gateye igomwe Imana yasezeraniye abantu.

Abantu bunze ubumwe

Naho duca mu bigeragezo bitari bimwe, tuguma turi abantu bunze ubumwe.

Rinda umutima

Yehova abigufashijemwo, urashobora gutsinda ivyiyumviro biguhagarika umutima.

Ni wewe nkunda

Himbarirwa ingabirano y’umubano Yehova yatanze.

Sinzoheba

Ukwizera gukomera iyo tukwubakije ibikoresho bikomeye.

Guma mw’isiganwa

Nufate ingingo nziza kugira uzotsinde mw’isiganwa ry’ubuzima

Mfasha ntange imbabazi

Hoba hari uwakubabaje? Vyoba biriko birakugora kuvyikuramwo? Nurabe icogufasha gutanga imbabazi.

Tuzokwama mu munezero

Yehova ni we dukesha umunezero dufise kandi ni we tuzokwama tuwukesha.

Nujijuke

Naho twoba turi mu ngorane zimeze gute, turashobora kujijuka ko Yehova adukunda.

Tube nk’abana

Dushobora gute kuba nk’abana mu kuntu tugaragaza urukundo?

Niwiture Yehova

Igihe utuntuye, nubandanye kwiheka kuri Yehova umusaba inkomezi n’uruhoza.

Ngutuye Ubuzima

Tubitumwe n’urwo dukunda Yehova, turatera imbere tukamwiyegurira maze tukabatizwa.

Urukundo rutananirwa

Urukundo ruva kuri Yehova ntirwigera runanirwa. Rutuma tugira umunezero n’agahimbare.

Ya si nshasha yimirije

Turashobora gukabura ivyiyumviro vyacu dukoresheje ivyo tubonesha amaso yacu y’umuzirikanyi. Uru ruririmbo ruradufasha kubona mu bwenge isi nshasha.

Yehova ntazoduheba

Yehova yama yiteguriye kudufata ukuboko.

“Rwana indwano nziza y’ukwizera”

Naho duhura n’ingorane be n’ibibazo, turashobora kuguma turi abizigirwa kuri Yehova.

Turi umuryango

Aho tuba turi hose, turi mu bagize umuryango wa Yehova.

Nzokwama nshima ivyo Imana yaremye

Fata akanya uzirikane ku vyo Yehova yaremye maze umushimire mw’isengesho.

Gira umutima rugabo kandi ukomere

Ururirimbo rw’inkoramutima rudufasha kwumira kw’ibanga.

Ntitwiganyire ku vy’ejo

Turashobora kuronka amahoro naho dufise ibituremera.

Ngutuye ivyanje vyose

Yehova arabereye vy’ukuri ko tumwihebera kandi tukamukorera duherejeko..

Ku bwa Yehova, turi umwe

Naho tubaye mw’isi mbi, tugize umuryango w’abavukanyi urangwa amahoro n’ubumwe.

Sinzoguheba

Haba mu mahirwe be no mu magorwa, umugenzi nyawe ntaguheba.

Numpe umutima rugabo

Yehova arashoboye kuduha umutima rugabo kugira twihanganire ibigeragezo vyose twocamwo.

Umugenzi nyawe

Umugenzi nyawe twomukura he?

Twararondeye

Abipfuza vy’ukuri kumenya Imana n’imigambi yayo barabishikako igihe bagize utwigoro bakayirondera.

Ntugire ubwoba

Igihe tutorohewe mu buzima, dukwiye kwibuka ko Yehova atuguma hafi.

Urukundo rwa kivukanyi

Abasavyi ba Yehova barafashanya kuruta abandi bose muri iyi si.

Yehova anguma hafi

Igihe cose twizigiye Yehova, atuguma hafi!

Ngiye guhindura uburyo nkora

Woba nawe ubona ko ukwiye guhindura uburyo urangura umurimo wawe?

Urukundo nyakuri

Guha ikaze Yehova Imana mu mubano wanyu bituma ukomera!

Twibuke ibihambaye

Turakwiye kwicungurira umwanya w’ibihambaye kuruta: gusenga, kwiyigisha no gukorera Imana.

Ivyo waremye biranyigisha

Turajorerwa iyo twihweje ivyo Yehova yaremye, bigatuma twipfuza kumuhaya.

Nuyage

Niwungukire cane ku mwanya umarana n’abavukanyi be na bashiki bacu.

Ahantu hazotuma ushemezwa

Ni agateka kwegurira Yehova ahantu hazotuma izina ryiwe rihambaye rininahazwa.

Tuve hasi

Igihe twebwe abasavyi ba Yehova twaguye umurimo wacu, aho twoba dukorera hose, biratuma twironkera umunezero mwinshi.

Mukobwanje nkunda

Sebibondo aramara imyaka n’iyindi araba ingene umukobwa wiwe agira ukuri ukwiwe.

Turatangarira ivyo ukora

Woba uhimbarwa n’agateka ufise ko gukorana na Yehova?

Nzohaguruka

Nurabe ukuntu uwahoze ari umusavyi wa Yehova aronka agatege ko gusubira kwungukira ku rukundo ishengero rigaragaza.

Nzumvira ivyo uvuga

Nimuze twerekane mu mvugo no mu ngiro yuko dukunda ivyo Yehova avuga.

Ukwizera kurakora

Naho bisaba akigoro kugira ngo tugire ukwizera gukomeye, Yehova azoduha impera nitwabigira.

Ntegura kazoza nisunga Yehova

Nushimishe Imana buri musi mu vyo ukora vyose.

Zirikana, kandi usenge

Igihe turi mu ngorane, twokora iki?

Ijambo ryawe rizokwamaho

Nushemeze Imana kubera yazigamiye abantu Ijambo ryayo!

Hitamwo neza

Vyoba vyiza turimbuye ukuntu amahitamwo tugira mu buzima agira ico akoze ku murimo turangurira Imana, no ku bandi bantu.

Isi nshasha iri hafi

Kuba turindiranye igishika ya paradizo yimirije biradufasha kwihangana.

Duharirane

Niwame urondera uturyo two kwigana Yehova, maze uharire abandi.

Aho nkwiye kuba

Ushobora gute guhitamwo abagenzi beza kuruta?

Dukunde kwakirana

Ni mu buryo ubuhe ushobora kuba umwakiranyi?

Guma ujana n’ishirahamwe

Nugume ujana n’ishirahamwe rya Yehova ririko ritera imbere cane!

Niwitonde, uhitemwo neza

Igihe turondera uwo twokwubakana, turakwiye kwitonda maze tugahitamwo neza.

Ndaguhaye ikiruta ibindi mfise

Ntivyorohera abavyeyi igihe abana bimutse bakaja kure y‘i muhira.

Turanezerwa ku mahwaniro

Igihe twitavye amahwaniro, turibonera ubumwe n’urukundo rw’abavukanyi bo hirya no hino kw’isi.

Numwenyure

Kumwenyura birahambaye cane mu gikorwa co kwamamaza no mu buzima bwacu bwa misi yose.

Ubu ni co gihe

Gukora ubutsimvyi bituma twitangira abandi.

“Nzoshikanira Yehova ivy’agaciro mfise”

Ni igiki twoha Yehova comunezereza umutima?

Wame ushikamye

Komera ku muheto, wizigire Yehova.

Ubuzima bwiza kuruta

Nta kintu gitera umunezero nko gufasha abandi no kubaremesha.

Sorry, there are no terms that match your selection.