Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 28

Ya ndirimbo nshasha

Ya ndirimbo nshasha

(Zaburi 98)

1. Muririmbire Yehov’indirimbo nshasha.

Tangaz’ivy’akora, bimwe vy’ububasha.

Ni nyen’intsinzi, Imana y’ubutungane.

Nimumushemeze hose vyumvikane.

(ICITABIRIZO)

Ririmbe

Ya ndirimbo nshasha!

Ririmbe

Yehov’araganza!

2. Mushemagize! Muhaye mwivuy’inyuma!

Mbeg’izina ryiwe har’uworinuma?

Kumwe n’isinzi, nimutazir’iyo Mana,

Inanga n’inzamba bivuzwe bijana.

(ICITABIRIZO)

Ririmbe

Ya ndirimbo nshasha!

Ririmbe

Yehov’araganza!

3. Yewe kiyaga n’ibikurimwo, muyage!

Biremwa vyo kw’isi, tambe mutarike.

Wa butaka we, namwe nzuzi muh’amashi.

Namwe mwa misozi, muh’impundu nyinshi.

(ICITABIRIZO)

Ririmbe

Ya ndirimbo nshasha!

Ririmbe

Yehov’araganza!