Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 64

Ukuri nukugire ukwawe

Ukuri nukugire ukwawe

(Imigani 3:1, 2)

1. Inzira nyayo, ni ya nzira y’ukuri,

Eka nta yindi yoyisumba.

Umvir’Imana, ikuber’urumuri.

Ivy’ivuga twovyisunga.

(ICITABIRIZO)

Nyurwa n’ukuri

Kand’ukugir’ukwawe,

Maz’uhimbarwe,

Kuko ukuri

We wakugiz’ukwawe.

2. Uko witanga mu gukorer’Imana

N’Umwany’ukawuyihebera,

Uzironkera ivyiz’uzohorana,

N’ubuzima budahera.

(ICITABIRIZO)

Nyurwa n’ukuri

Kand’ukugir’ukwawe,

Maz’uhimbarwe,

Kuko ukuri

We wakugiz’ukwawe.

3. Ku Mana twese turi nk’abana bato.

Dukeneye kw’ituyobora.

Gendana rero na yo ata gahato,

Izoshima ivy’ukora.

(ICITABIRIZO)

Nyurwa n’ukuri

Kand’ukugir’ukwawe,

Maz’uhimbarwe,

Kuko ukuri

We wakugiz’ukwawe.