Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 31

Turi Ivyabona vya Yehova!

Turi Ivyabona vya Yehova!

(Yesaya 43:10-12)

1. Kw’isi barahinguye

Imana z’amabuye.

Ya Mana y’ukuri

Ntibatahuye.

Nta kintu zishoboza,

Ntizimenya kazoza.

Ivyabona vyazo vyova he

Ngo bizishingir’intahe?

(ICITABIRIZO)

Twebwe tur’Ivyabona

Vya Yehova we Mana.

Avug’ibizob’atihenda;

Kandi ni ko bigenda.

2. Hose turamurata

Tugakora twihata,

Tukavug’Ubwami

Bwiwe, we Data.

Ntihobur’abotora

Kwa kuri kubohora.

Na bo baje, twese twoheza

Tugaca tumushemeza.

(ICITABIRIZO)

Twebwe tur’Ivyabona

Vya Yehova we Mana.

Avug’ibizob’atihenda;

Kandi ni ko bigenda.

3. Igihe twamamaza

Biramuninahaza.

Biburir’ababi

Bamwandagaza.

Abatarigarura

Bituma bihanura.

Bizan’urweze mu mutima,

Tukitega bwa buzima.

(ICITABIRIZO)

Twebwe tur’Ivyabona

Vya Yehova we Mana.

Avug’ibizob’atihenda;

Kandi ni ko bigenda.