Ururirimbo 44
Tujemwo mw’iyimbura tunezerewe
1. Turi mu gihe c’iyimbura.
Es’agateka twatewe
Ko gufash’abamarayika
Bimbura banezerewe.
Kristu yatanz’akarorero
Mu kwitanga mw’isarura.
Twaratew’agateka ntangere
Ko kujamwo mw’iyimbura.
2. Ko dukund’Imana n’abantu
Turakora dushimitse.
Gusarura birihutirwa,
Iherezo rirashitse.
Ubuhirwe tubwironkera
Mu gukorana n’Imana.
Tugume ku gikorwa c’Ubwami,
Ivyiza ntizovyimana.
(Raba kandi Mat. 24:13; 1 Kor. 3:9; 2 Tim. 4:2.)