Ururirimbo 107
Nimuze ku musozi wa Yehova
1. Raba umusozi
Urut’iyindi yose.
Ni wo wa musozi wa
Yehova Rugira.
Abantu baraza
Bavuye iyo bigwa,
Bagatumirana
Kandi bakamwumvira.
Hageze k’umuto
Ab’ihanga ry’ubushobozi.
Uko twiyongera,
Agum’aduh’ubuyobozi.
Abantu isinzi
Baraza kumusenga,
Bakamuraganira
Kumushigikira.
2. Yezu yategetse
Ko tugenda kwigisha,
Bose ya nkuru nziza
Ikabashikira.
Ko Kristu aganza,
Bose nibamwumvire.
Abumv’ijwi ryiwe
Ni bo berekw’inzira.
N’ikintu ciza pe
Kubon’isinzi ryiyongera!
Bamenye Yehova
Ntivyobura kuturyohera.
Dutumire duti:
‘Nimuze ku musozi
Wa Yehova kandi
Ni ho muzigumira.’
(Raba kandi Zab. 43:3; 99:9; Yes. 60:22; Ivyak. 16:5.)