Ururirimbo 16
Hungire ku Bwami bw’Imana!
1. Rondere Yehova, yemw’abitonda;
Muronder’ineza n’ubwitonzi.
Kumbure ku musi w’ishavu ryiwe
Muzohishwa nk’abatoni.
(ICITABIRIZO)
Hungira ku Bwami ntubuveko,
Kukw’ari bwo mizero.
Ni ho Yehova azogukingira.
Gum’umwumvira rero.
2. Nimuze mwebwe munyotew’ukuri,
Muher’intuntu n’umubabaro.
Ronder’Imana mukir’umukazo.
Muyoboker’iyo ntwaro.
(ICITABIRIZO)
Hungira ku Bwami ntubuveko,
Kukw’ari bwo mizero.
Ni ho Yehova azogukingira.
Gum’umwumvira rero.
3. Nimurangamize munezerewe,
Rabe ntu, bwa Bwami buraganza!
Akir’umuco Yehov’arungika,
Mutiny’uwo Mucamanza.
(ICITABIRIZO)
Hungira ku Bwami ntubuveko,
Kukw’ari bwo mizero.
Ni ho Yehova azogukingira.
Gum’umwumvira rero.
(Raba kandi Zab. 59:16; Imig. 18:10; 1 Kor. 16:13.)