Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 24

Gumiza amaso ku gashimwe!

Gumiza amaso ku gashimwe!

(2 Abakorinto 4:18)

1. Impumyi nizahumuka

N’amatwi akazibuka,

Mu bugaragwa hatoshe

N’ahagadutse habomvye

Ibimuga nivyasimba,

Ata wucicwa n’intimba,

Uzobibona wumirwe,

Niwaguma ku gashimwe.

2. Ibiragi nivyavuga

Uwushaj’akiyubura

Kw’isi umwimb’ukagwira

Ivyiza bikisukira.

Indirimbo nizasana,

Urweze tukarwamana,

Uzokwumva k’uhiriwe,

Niwaguma ku gashimwe.

3. Ingwe n’intama vyabanye

Intambw’inka vyakundanye.

Umwan’azobishorera,

Bizonamuyobokera;

Amosozi nitwabaza,

Ata ntunt’iduhahaza,

Uzobona bishikijwe

Niwaguma ku gashimwe.