Ururirimbo 66
Dukorere Yehova n’ubuzima bwacu bwose
1. Yehova, wewe Segaba
Ni we nkunda kandi nkumvira.
Ni we nihebera rwose;
Oya sinzoguhemukira.
Ivy’utegeka ndavyisunga,
Ngakora ivyo wipfuza.
(ICITABIRIZO)
Yehova urakwiriye
Ko nkwihebera wewe gusa.
2. Ibikorwa vyawe vyose
Ni we vyama bininahaza.
Nditanze ngo ngukorere
N’izina ryawe ngatangaza.
Naremeye kukwihebera,
Nzoryumako ntahemuka.
(ICITABIRIZO)
Yehova urakwiriye
Ko nkwihebera wewe gusa.
(Raba kandi Gus. 6:15; Zab. 40:8; 113:1-3; Umus. 5:4; Yoh. 4:34.)