Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

9-15 Ruheshi

IMIGANI 17

9-15 Ruheshi

Ururirimbo rwa 157 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Umugabo n’umugore b’Abisirayeli bariko bafungura ibifungurwa bisanzwe ariko bafise amahoro

1. Umubano wanyu nurangwemwo amahoro

(Imin. 10)

Kuzigama amahoro bisaba akigoro, mugabo biravamwo ivyiza (Img 17:1; raba ifoto)

Niwirinde kugagamisha utuntu dutoduto (Img 17:9; g 9/14 11 ing. 2)

Nucungere inyiyumvo zawe (Img 17:14; w08 1/5 10 ing. 6–11 ing. 1)

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Img 17:24—Ni mu buryo ubuhe ‘ikijuju cangaza amaso gushika ku mpera y’isi’? (it-2 432 ing. 9)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) AKARYO KIZANYE. (lmd icigwa ca 3 iciyumviro ca 5)

5. Gutanguza ikiyago

(Imin. 4) KU MUGARAGARO. Numusabe mwige Bibiliya. (lmd icigwa ca 6 iciyumviro ca 4)

6. Insiguro

(Imin. 5) ijwbv ikiganiro 60—Umutwe: Ibivugwa mu Migani 17:17 bisobanura iki? (th icigwa ca 13)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 113

7. Nimukore ibintu bituma haba ikiyago ciza

(Imin. 15) Guhana ijambo.

Kuyaga neza birashobora gutuma mu rugo harangwa agahimbare. Igihe abagize umuryango bayaga badahishanya, barasenyera ku mugozi umwe kandi bagashigikirana mu bihe vy’ingorane. (Img 15:22) None mwokora iki kugira ngo mutume umwe wese mu rugo rwanyu ashobora guserura uko yiyumva yisanzuye?

Nimumarane umwanya. (Gus 6:​6, 7) Igihe abagize umuryango bakorera hamwe, bakajana mu makoraniro no mu ndimiro, bakaryoherwa bari kumwe, bararushiriza gukundana no kwizigirana. Baranaronka uturyo two kugiranira ikiyago kiryoshe. Rimwe na rimwe birashobora kuba ngombwa ko muheba ivyo mwikundira kugira mukore ivyo abandi mu muryango bashaka gukora, kandi haravamwo ivyiza! (Fp 2:​3, 4) None mwokoresha neza gute umwanya mumara muri kumwe?—Ef 5:​15, 16.

Nimurabe IVIDEWO Ivyotuma mu rugo harangwa amahoro—Nimurushirize guseruranira akari ku mutima. Nuce ubaza uti:

  • Gukoresha nabi utwuma two mu buhinga bwa none bishobora gute kwonona ikiyago mu muryango?

  • Ni ibiki kandi wigiye muri iyi videwo mu bijanye n’ikiyago ciza?

Nimube abantu bumviriza. (Yak 1:19) Abana bararushiriza guserura uko biyumva igihe badatinya ko abavyeyi bohava babatahura nabi canke bagashavura. Rero nimwirinde gushavura igihe umwana wanyu avuze ikintu kitabanezera. (Img 17:27) Ahubwo nimumwumvirize mubigiranye ikibabarwe. Nimugerageze gutahura ivyiyumviro vyiwe n’uko yiyumva kugira mushobore kumuhumuriza canke kumufasha mubigiranye urukundo.

8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 35 n’isengesho