UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Woba uriko urakoresha neza Bibiliya yafashwe amajwi?
Bibiliya yafashwe amajwi ni iki? Bibiliya yafashwe amajwi ni igisomwa ca Bibiliya y’isi nshasha yasubiwemwo cafashwe amajwi. Ico gisomwa kigenda kirasohorwa mu ndimi nyinshi zishoboka. Kimwe mu bintu nyamukuru bikigize ni uko hakoreshwa amajwi atandukanye ku bavugwa muri Bibiliya. Abasomyi basoma n’inyiyumvo bakongera bagashimika ku majambo mu buryo bubereye kugira bashikirize ubutumwa bwo muri Bibiliya mu buryo butagira amakosa.
Ni ivyiza ibihe bamwebamwe bariko barakura mu kwumviriza Bibiliya yafashwe amajwi? Abantu benshi bama bumviriza Bibiliya yafashwe amajwi barakunda ukuntu ituma Ijambo ry’Imana riba rizima. Babona ko kwumviriza abasomyi batandukanye basubiramwo abavugwa muri Bibiliya, bituma bashobora kwiha ishusho y’ibivugwa muri Bibiliya bakongera bagatahura neza ibiba vyanditse. (Img 4:5) Benshi basanze kandi kwumviriza Bibiliya yafashwe amajwi bibaruhurira igihe bafise amaganya.—Zb 94:19.
Kwumviriza Ijambo ry’Imana risomwa n’ijwi ryumvikana birashobora kugira ikintu kinini bikoze ku buzima bwacu. (2Ng 34:19-21) Nimba Bibiliya yafashwe amajwi iboneka yose canke igice cayo mu rurimi utahura, ubona gute ugize akamenyero ko kuza urayumviriza?
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO UKUNTU BAFATA AMAJWI Y’IGISOMWA CA BIBILIYA—AGACE, MUCE MWISHURA IKI IKIBAZO:
Ni ibiki bigutangaza ku bijanye n’ukuntu bafata amajwi y’igisomwa ca Bibiliya?