Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Woba witeguye?

Woba witeguye?

Hamwe icago c’icaduka cotera mu karere iwanyu, cosanga witeguye? Vya nyamugigima, ibivumbuzi, imiriro ya Nyakanga be n’imyuzure vyoshobora kwaduka bukwi na bukwi kandi bikiha inkumbi. Vyongeye, ibitero vya bagaterabwoba, intambara be n’indwara z’ibiza birashobora kudutera tutiteguye aho twoba turi hose. (Ums 9:11) Ntidukwiye rero kwibwira ko ibintu nk’ivyo bitazokwigera bishika aho tubaye.

Umwe wese muri twebwe akwiye gukora ibishoboka vyose akitegurira icago c’icaduka. (Img 22:3) Naho ishirahamwe rya Yehova rihaseruka mu bihe vy’ivyago, ntibisobanura ko twoca twiraramira ntiturangure uruhara rutwega.​—Gl 6:5.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO WOBA WITEGURIYE ICAGO C’ICADUKA? MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Kwikomeza mu vy’impwemu bidufasha gute kwitegurira icago?

  • Kubera iki bihambaye ko . . .

    • tuguma duhana amakuru n’abakurambere imbere y’icago, igihe kiriko kiraba be n’inyuma yaco?

    • dutegura isakoshi yama irimwo ivya nkenerwa?​—g17.5 6

    • twihweza ubwoko bw’ivyago bishobora kwaduka be n’ico twokora kuri buri cago?

  • Ni mu buryo butatu ubuhe dushobora gufasha abandi igihe bahuye n’icago?