Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Niwihe ishusho y’ibigize inkuru vyose

Niwihe ishusho y’ibigize inkuru vyose

Igihe usoma inkuru zo muri Bibiliya, nugerageze kwiha ishusho y’ibizigize vyose. Nusuzume amakikuro, abavugwamwo be n’imvo zishobora kuba zaratumye bakora ibintu muri ubu buryo canke buriya. Nukoreshe ububasha bwawe bwo kwiyumvira kugira use n’uwubona ibiriko biraba, wumve amajwi, akamoto be n’inyiyumvo z’abavugwamwo.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NURYOHORE INGENE USOMA BIBILIYA​—AGACE, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Ni ibiki bishobora kuba vyaratumye Yozefu na benewabo batumvikana?

  • Ni imvo izihe zishobora kuba zaratumye benewabo na Yozefu bakora ibintu batiyumviriye ingaruka zavyo?

  • Ni amakuru ayahe dushobora gutahura dusuzumye Ivyanditswe bivuga ibijanye na Yakobo, se wa Yozefu?

  • Ni akarorero keza akahe Yakobo yahaye abahungu biwe mu bijanye no gutorera umuti amatati?

  • Ni ibiki wungukiye kuri iyi videwo?