Iyerekwa rikomeza ukwizera
Muri rya yerekwa aho Yezu yahinduka ukundi, iyumvire ukuntu yumvise amerewe igihe yumva Se wiwe wo mw’ijuru amenyesha ko amushima. Nta gukeka ko ivyo vyatumye aronka intege zo kwihanganira imibabaro yari igiye kumushikira. Iryo yerekwa kandi ryarakomeje cane Petero, Yakobo na Yohani. Ryarabajijuye ko Yezu yari we Mesiya, kandi vyari bibereye ko bamwumviriza. Inyuma y’imyaka nka 32, Petero yari acibuka ico kintu cabaye be n’ingene catumye arushiriza kwizigira “ijambo ry’ubuhanuzi.”—2Pt 1:16-19.
Naho ubwacu tutiboneye iryo yerekwa, turibonera ingene ririko riraranguka muri kino gihe. Ubu Yezu araganza, akaba ari Umwami w’ububasha. Vuba ‘azoheraheza intsinzi yiwe,’ maze duce twinjira mw’isi nshasha igororotse.—Ivy 6:2.
Kwibonera ingene ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buranguka vyakomeje gute ukwizera kwawe?