UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Woba ushobora gusigura ivyo wemera?
Nka hamwe bokubaza igituma wemera ko ibiriho vyaremwe, wokwishura gute? Kugira wishure udakekeranya, ukwiye gukora ibintu bibiri: Ubwa mbere, ukwiye kuba warajijutse yuko ibiriho vyaremwe koko. (Rm 12:1, 2) Ubwa kabiri, ukwiye kwiyumvira ukuntu wosigurira uwundi muntu ivyo wemera.—Img 15:28.
KUGIRA MUMENYE IMVO ZATUMYE ABANDI BEMERA KO IBIRIHO VYAREMWE, RABA IVIDEWO IVUGA NGO UMUGANGA ABAGA INGINGO Z’AMAGUFA ASIGURA ICATUMYE YEMERA IMANA BE N’IYIVUGA NGO UMUHINGA MU VY’IBIKOKO ASIGURA ICATUMYE YEMERA IMANA, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
-
Kubera iki Irène Hof Laurenceau yemera ko ibiriho vyaremwe aho kwemera ko vyabayeho biciye kw’ihindagurika?
-
Kubera iki Yaroslav Dovhanych yemera ko ibiriho vyaremwe aho kwemera ko vyabayeho biciye kw’ihindagurika?
-
Wosigurira gute umuntu igituma wemera ko ibiriho vyaremwe?
-
Mu vyasohowe n’ishirahamwe rya Yehova, ni ibihe mufise mu rurimi rwanyu bikujijura kandi wokoresha mu kujijura abandi yuko Imana ari yo yaremye vyose?