“Akora kuno nyene”
Iyumvire akigoro vyasavye Nowa n’umuryango wiwe kugira bubake ubwato kandi batagira ibikoresho n’ubuhinga bwo kwubaka nk’ivya none.
-
Ubwo bwato bwari bunini cane: uburebure bw’imetero 133, ubwaguke bw’imetero 22, n’amahagarara y’imetero 13
-
Bategerezwa kwicira ibiti, bakabibaza neza, bagaca babizana aho bubakira
-
Bategerezwa kubuhomekako ikaburimbo imbere n’inyuma
-
Bategerezwa kubika imfungurwa zobafashije bo hamwe n’ibikoko umwaka wose
-
Ico gikorwa gishobora kuba camaze imyaka 40 gushika kuri 50
Iyi nkuru yodufasha gute igihe tubona ko bigoye gukora ivyo Yehova adusavye?