Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nurabe kuri JW.ORG ubukerebutsi bwogufasha mu buzima bwa misi yose

Nurabe kuri JW.ORG ubukerebutsi bwogufasha mu buzima bwa misi yose

Ijambo ry’Imana riraturonsa ibikenewe vyose kugira dushobore kwihanganira ibigeragezo bidushikira muri iyi misi ya nyuma igoye. (2Tm 3:1, 16, 17) Ariko rero, vyoshika tugakenera icodufasha kubona ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zihuye n’ikintu kanaka. Nk’akarorero, woba uri umuvyeyi ukaba ukeneye impanuro z’ingene worera abana bawe? Woba uri umuyabaga uriko urashikirwa n’ibintu bigerageza ukwizera kwawe? Woba uri umupfakazi canke umupfakare utuntujwe no kubura uwo mwari mwubakanye? Kuri jw.org urashobora kuhasanga amakuru yogufasha kuronka ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zogufasha mu bihe nk’ivyo no mu bindi vyinshi.​—Img 2:3-6.

Uri ku ntango kuri jw.org, fyonda kuri INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA. (Raba ifoto ya 1.) Mu bica biza munsi, nuhitemwo umuce wipfuza. Canke ufyonde kuri IVYASOHOWE > IBIZA BIRASOHOKA uce uhitamwo umuce wipfuza. (Raba ifoto ya 2.) Imice nk’iyo nyene urashobora kuyisanga no kuri JW Library®. * Ivyo biganiro urabisanga aho ari ho hose muri aho. Urashobora kandi kurondera kuri jw.org ikiganiro wipfuza uciye ahavuga ngo Rondera.

Niwandike ivyiyumviro bikurikira ahavuga ngo Rondera, uca ubona ibiganiro woshima gusoma.

  • Kurera abana

  • Akabonge mu miyabaga

  • Kubura uwo mwubakanye

^ Ku mice imwimwe, kuri jw.org honyene ni ho usanga ibiganiro vyose vyasohowe.