21- 27 Ntwarante
YOBU 6-10
Ururirimbo rwa 68 n’isengesho
Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Wa mwizigirwa Yobu aserura intuntu afise”: (Imin. 10)
Yb 6:1-3, 9, 10, 26; 7:11, 16
—Hari aho ivyo abantu bavuga kubera umubabaro atari vyo vyerekana uko bameze mu mutima vy’ukuri (w13 15/8 19 ing. 7; w13 15/5 22 ing. 13) Yb 9:20-22
—Yobu yarashitse ku ciyumviro kitari co c’uko naho yari yizeye Imana, yoyo itari ibinezwe (w15 1/7 12 ing. 2) Yb 10:12
—Mbere n’igihe yari mu bigeragezo bikomeye, Yobu yaravuze ibintu vyiza ku vyerekeye Yehova (w09 15/4 7 ing. 18; w09 15/4 10 ing. 13)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)
Yb 6:14
—Yobu yerekanye gute akamaro ko kugira urukundo rudahemuka? (w10 15/11 32 ing. 20) Yb 7:9, 10; 10:21
—Nimba Yobu yaremera izuka, ni kubera iki yavuze amajambo dusanga muri iyi mirongo? (w06 15/3 14 ing. 11) Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi kinyigisha iki ku vyerekeye Yehova?
Ni ivyiyumviro ibihe vyo mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi nokoresha mu ndimiro?
Igisomwa ca Bibiliya: Yb 9:1-21 (Imin. 4 canke idashika)
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Mugihura: wp16.2 16
—Nuvuge ibijanye n’intererano. (Imin. 2 canke idashika) Usubiyeyo: wp16.2 16
—Nucire inzira ikiyago kizokurikira. (Imin. 4 canke idashika) Inyigisho: fg icigwa ca 2, ing. 6-8 (Imin. 6 canke idashika)
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Nukoreshe ugutahura igihe uremesha abandi: (Imin. 15) Guhana ijambo. Nimwerekane ividewo abakurambere baravye mw’Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami riheruka. Nusabe abumviriza bavuge ingene abavukanyi babiri bo muri iyo videwo batanze akarorero keza mu kuremesha umuntu yari atuntujwe n’ukubura uwiwe.
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: ia ikig. 11 ing. 12-20, n’isubiramwo ry’ikigabane (Imin. 30)
Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)
Ururirimbo rwa 27 n’isengesho