Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Numarane umwanya n’abakunda Yehova

Numarane umwanya n’abakunda Yehova

Kubera iki dukwiye kumarana umwanya n’abakunda Yehova? Kubera ko abo tumarana umwanya bashobora gutuma dukora ivyiza canke ibibi. (Img 13:20) Nk’akarorero, Umwami Yehowasi yaguma akora “ivyari bigororotse mu maso ya Yehova” imisi yose yamaranye n’umuherezi mukuru Yehoyada. (2Ng 24:2) Ariko Yehoyada amaze gupfa, Yehowasi yarahevye Yehova kubera abagenzi babi.​—2Ng 24:17-19.

Mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristu, intumwa Paulo yagereranije ishengero rya gikirisu n’“inzu nini,” abarigize na bo abagereranya n’“ivyombo” canke ibikoresho vyo mu nzu. Turashobora kuguma turi “icombo gikoreshwa ibiteye iteka” igihe twirinze kwifatanya cane n’uwo wese akora ibidahimbara Yehova, mbere n’aho yoba ari uwo mu muryango canke mw’ishengero. (2Tm 2:20, 21) Ese rero twobandanya kurondera abagenzi bakunda Yehova, kandi baturemesha kumukorera.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NIWIRINDE ABAGENZI BABI, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Ni gute twosanga twamaranye umwanya n’abagenzi babi?

  • Muri iyo videwo, ni ibiki vyafashije abo bakirisu batatu kuvavanura n’abagenzi babi?

  • Ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya zogufasha guhitamwo neza abagenzi?

Noba ndi “icombo gikoreshwa ibiteye iteka”?​—2Tm 2:21