1-7 Myandagaro
ZABURI 87-91
Ururirimbo rwa 49 n’isengesho
Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Guma ahihishije ha Musumbavyose”: (Imin. 10)
Zb 91:1, 2
—Abibera “ahihishije” ha Yehova barakingirwa mu vy’impwemu (w10 15/2 26-27 ing. 10-11) Zb 91:3
—Nka kurya kw’umutezi w’inyoni, Shetani aragerageza kuducakira (w07 1/10 26-30 ing. 1-18) Zb 91:9-14
—Yehova ni ubuhungiro bwacu (w10 15/1 10-11 ing. 13-14; w01 1/12 17-19 ing. 13-19)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)
Zb 89:34-37
—Isezerano rivugwa muri iyi mirongo ni irihe, kandi Yehova yakoresheje ikigereranyo ikihe mu kwerekana ko ari iryo kwizigirwa? (w14 15/10 10 ing. 14; w07 15/7 32 ing. 3-4) Zb 90:10, 12
—Dushobora gute “[gu]harura imisi yacu mu buryo butumaturonka umutima w’ubukerebutsi”? (w06 15/7 13 ing. 4; w01 1/12 11 ing. 19) Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi kinyigisha iki ku vyerekeye Yehova?
Ni ivyiyumviro ibihe vyo mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi nokoresha mu ndimiro?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Zb 90:1-17
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Tegura uburyo bwo gutanguza ibiyago muri uku kwezi: (Imin. 15) Guhana ijambo. Kuri buri buryo bwo gutanguza ibiyago, nimwerekane akavidewo bijanye muce muganira ku vyiyumviro nyamukuru. Nuremeshe abamamaji kwitegurira uburyo bwabo bwo gutanguza ibiyago.
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ibikenewe iwanyu: (Imin. 5)
“Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro
—Fasha abo wigisha Bibiliya gutera imbere gushika kw’ibatisimu”: (Imin. 10) Guhana ijambo. Nubaze umwamamaji yafashije umutohoji wa Bibiliya gutera imbere gushika kw’ibatisimu. Koresha ibi bibazo: Ni ibiki wakoze kugira umufashe gukunda Yehova? Wamufashije gute gushikira imigambi y’ivy’impwemu? Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) ia ikig. 21 ing. 1-12
Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)
Ururirimbo rwa 137 n’isengesho