Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IVYAKOZWE 1-3

Impwemu nyeranda isukwa kw’ishengero rya gikirisu

Impwemu nyeranda isukwa kw’ishengero rya gikirisu

2:1-8, 14, 37, 38, 41-47

Abayuda benshi bari i Yeruzalemu kuri Pentekote yo mu 33, baje bava mu bindi bihugu. (Ivk 2:9-11) Naho bubahiriza Itegeko rya Musa, bashobora kuba babaye mu bihugu binyamahanga kuva kera. (Yr 44:1) Ni co gituma bamwe muri bo batashoka baboneka ko ari Abayuda, kuko bari basigaye basa kandi bavuga nk’imvukira zo muri ivyo bihugu. Igihe abantu 3.000 bo muri iryo sinzi babatizwa, ishengero rya gikirisu ryaciye rigirwa n’abantu b’amoko atandukanye. Naho imico yabo yari itandukanye, “bama ku rusengero bahuje inama.”​—Ivk 2:46.

Wokwerekana gute ko witwararika vy’ukuri . . .

  • ba kavamahanga baba mu cibare iwanyu?

  • abavukanyi bava mu bindi bihugu muri kumwe mw’ishengero?