UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Twigenze neza mu ndimiro
Abakirisu ni “akabarore kw’isi.” (1Kr 4:9) Ntibitangaje rero kubona hari abaturungurukira mw’idirisha iyo turi mu ndimiro canke bakatwumviririza inyuma y’umuryango. Hari igihe usanga ku muhana hari icuma gifata amasanamu canke amajwi gituma batwitegereza, bakatwumva bakanadufata amajwi. Reka turabe ingene twokwigenza neza igihe dushitse ku muhana w’umuntu.—2Kr 6:3.
MU NYIFATO (Fp 1:27):
-
Ubahiriza umuhana ugendeye mu kwirinda kurunguruka mu nzu. Irinde kurya, kunywa, guterefona canke kwandika amamesaje uhagaze imbere y’umuhana w’umuntu
MU MVUGO (Ef 4:29):
-
Iyo uhagaze imbere y’umuhana w’umuntu, niwirinde kuvuga ikintu utoshima ko nyeneho yumva. Hari abamamaji bashima guca bahagarika kuyaga kugira bitegurire neza gutanguza ikiyago