Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Urukundo nyakuri ni iki?

Urukundo nyakuri ni iki?

Yehova yashaka ko umugabo n’umugore babana imyaka yose. (It 2:22-24) Bokwahukanye bivuye gusa ku kurenga ibigo. (Ml 2:16; Mt 19:9) Kubera ko Yehova yipfuza ko abubakanye bahimbarwa, yaraduhaye ingingo ngenderwako zodufasha guhitamwo neza uwo twokwubakana, zikanadufasha guhimbarwa mu rugo.​—Ums 5:4-6.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO URUKUNDO NYAKURI NI IKI?, MUCE WISHURA IBI BIBAZO:

  • Kubera iki impanuro François na Béatrice bahaye umukobwa wabo Lyse yari nziza kandi iranga urukundo?

  • Kubera iki kwiyumvira ko uzohindura uwo muriko murareshanya ari ukwihenda?

  • Ni impanuro nziza iyihe Paul na Prisila bahaye Lyse?

  • Ni kubera iki mu mubano wa Jacques na Mireille hadutse ingorane?

  • Ni imigambi iyihe John na Lyse bari bahuriyeko?

  • Kubera iki ukwiye kurondera kumenya “umuntu yihishije wo mu mutima” w’uwo mureshanije imbere yuko mwubakana? (1Pt 3:4)

  • Urukundo nyakuri ni iki? (1Kr 13:4-8)