30 Gitugutu–5 Munyonyo
YOWELI 1-3
Ururirimbo rwa 77 n’isengesho
Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovuga ubuhanuzi”: (Imin. 10)
[Erekana ividewo ivuga Incamake y’igitabu ca Yoweli.]
Yw 2:28, 29—Abakirisu barobanujwe impwemu ni abavugizi ba Yehova (w02 1/8 15 ing. 4-5; jd 167 ing. 4)
Yw 2:30-32—Abambaza izina rya Yehova ni bo bonyene bazokira ku musi wiwe uteye ubwoba (w07 1/10 13 ing. 2)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)
Yw 2:12, 13—Iyi mirongo itwigisha iki ku bijanye n’ukwigaya nyakuri? (w07 1/10 13 ing. 5)
Yw 3:14—“Ikiyaya co hasi co gushitsa ingingo” ni iki? (w07 1/10 13 ing. 3)
Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi cakwigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Hari ubundi butunzi woba warabonye mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Yw 2:28–3:8
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Mugihura: (Imin. 2 canke idashika) Agakarata ka JW.ORG
Usubiyeyo: (Imin. 4 canke idashika) Agakarata ka JW.ORG—Ako gakarata ni ko waheruka kumuha. Bandanya ikiyago, mu gusozera umubwire canke umwereke ividewo kanaka yo kuri jw.org.
Inyigisho: (Imin. 6 canke idashika) lv 196-197 ing. 3-5
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Yehova aradufasha kwihanganira ibigeragezo: (Imin. 9) Erekana akavidewo kavuga ngo Yehova ni umunara ukomeye. Nuce ubaza abumviriza uti: Umuryango wa Henschel washikiwe n’ibigeragezo ibihe? Ukwizera n’ukudahemuka kw’abavyeyi bifasha gute abana babo? Yehova ashobora kugukomeza gute nk’uko yabigize ku muvukanyi Henschel?
Nube umugenzi wa Yehova—Izina rya Yehova: (Imin. 6) Erekana akavidewo Nube umugenzi wa Yehova—Izina rya Yehova. Nuce usaba abana wateguye imbere y’igihe baze ku mukiruruko, ubabaze uti: Izina Yehova risobanura iki? Ni ibiki Yehova yaremye? Yehova yogufasha gute?
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) kr ikig. 20 ing. 17-19; inzitiro “Carahinduye ubuzima bwiwe”, “Kw’isi yose abitanga barakora igikorwa co gutabara”; n’isubiramwo “Woba ubona ko Ubwami bw’Imana bubaho koko?”
Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)
Ururirimbo rwa 106 n’isengesho