Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 108

Yezu ahindura ubusa imigambi yo kumutega

Yezu ahindura ubusa imigambi yo kumutega

MATAYO 22:15-40 MARIKO 12:13-34 LUKA 20:20-40

  • GUHA SEZARI IVYIWE

  • ABAZUTSE BOBA BAZOKWUBAKA IZABO?

  • AMABWIRIZWA ARUTA AYANDI

Abansi ba Yezu ishavu riraniga. Ahejeje gutanga uturorero dushira ahabona ububisha bwabo. Ubu rero Abafarizayo baja inama yo kumutega. Bashaka ko avuga ikintu gituma bamurengutsa imbere ya buramatari w’Umuroma. Nuko bahera bamwe mu bigishwa babo kugira baje kumutega.​—Luka 6:7.

Bamubwira bati: “Mwigisha, turazi ko uvuga kandi ukigisha neza be n’uko utagira nkunzi, mugabo ukigisha inzira y’Imana uhuje n’ukuri: Vyoba vyemewe ko turiha ikori Sezari canke ntivyemewe?” (Luka 20:21, 22) Yezu ntahendwa n’akarimi kabo gasosa, kuko buzuye ubwiyorobetsi n’amayeri. Hamwe yovuga ngo ‘Oya ntimukwiye gutanga iryo kori,’ boca bamwagiriza ko yagararije intwaro y’Abaroma. Hamwe na ho yovuga ngo ‘Ego nimuritange,’ abantu baterekwa ubutegetsi bw’Abaroma bohava bamutahura nabi bagaca bamurwanya. None yishura gute?

Yezu yishura ati: “Kubera iki mungeza, mwa biyorobetsi mwe? Nyereka igiceri c’ikori.” Bamuzanira idenariyo, agaca ababaza ati: “Iyi shusho n’ibi vyandiko ni ivya nde?” Bamwishura bati: “Ni ivya Sezari.” Yezu aca abaha inyishu irimwo ubwenge ati: “Nimwishure rero Sezari ivya Sezari, mugabo ivy’Imana muvyishure Imana.”​—Matayo 22:18-21.

Abo bagabo barumirwa. Iyo nyishu irimwo ubwenge ituma babura ico basubizayo, bagaca bagenda. Ariko rero umusi nturarangira, kandi n’abo bagabo ntibatana n’akabando. Abafarizayo bamaze kunanirwa gutega Yezu, haca haza abakuru b’irindi dini.

Abasadukayo, bano bakaba bavuga ko ata zuka ririho, baravyura ikibazo cerekeye izuka n’ugucura umugore wa mwene wanyu. Bamubaza bati: “Mwigisha, Musa yavuze ati: ‘Nihagira umuntu apfa ata bana asize, mwene wabo ategerezwa kwabira umugore wiwe, agahagurukiriza uruvyaro mwene wabo.’ Iwacu rero hari abavukana indwi; uwa mbere ararongora hanyuma arahwera, maze kubera ko atagira uruvyaro, asigira umugore wiwe mwene wabo. Bigenda gutyo nyene no ku wugira kabiri be no ku wugira gatatu, gushika bamwe indwi bose barangiye. Hanyuma ya bose nya mugore arapfa. None mw’izuka, azoba umugore wa nde muri abo indwi? Kuko bose baramwabiriye.”​—Matayo 22:24-28.

Afatiye ku vyo Musa yanditse, Abafarizayo bakaba basanzwe bavyemera, Yezu yishura ati: “None si co gituma mwahuvye, kuba mutazi Ivyanditswe canke ububasha bw’Imana? Kuko igihe bazuka mu bapfuye, abagabo ntibarongora canke abagore ngo bashingirwe, mugabo baba bameze nk’abamarayika bo mw’ijuru. Nayo ku vyerekeye abapfuye, yuko bazurwa, ntimwasomye mu gitabu ca Musa, muri ya nkuru y’igisaka c’amahwa, ingene Imana yamubwiye iti: ‘Ndi Imana ya Aburahamu n’Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo’? Ni Imana, atari iy’abapfuye, ahubwo y’abazima. Mwarahuvye cane.” (Mariko 12:24-27; Kuvayo 3:1-6) Isinzi rirajorezwa n’iyo nyishu.

Yezu yamaze kunumya Abafarizayo n’Abasadukayo. Ubu na ho baca bagira urunani kugira basubire kumugeza. Umunyabwenge umwe w’ivyanditswe amubaza ati: “Mwigisha, ibwirizwa risumba ayandi mw’Itegeko ni irihe?”​—Matayo 22:36.

Yezu yishura ati: “Irya mbere ni iri: ‘Umve, ewe Isirayeli, Yehova Imana yacu ni Yehova umwe, kandi utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose n’inkomezi zawe zose.’ Irigira kabiri ni iri: ‘Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.’ Nta rindi bwirizwa ririho riruta ayo.”​—Mariko 12:29-31.

Uwo munyabwenge yumvise iyo nyishu, amubwira ati: “Mwigisha, uvuze neza mu buryo buhuye n’ukuri, ‘Ni Umwe, kandi nta wundi ariho atari We’; kandi ico c’uko umuntu amukunda n’umutima wiwe wose n’ubwenge bwiwe bwose n’inkomezi ziwe zose be n’ukwo gukunda mugenziwe nk’uko yikunda, biri n’agaciro rwose kuruta amashikanwa yose aturiwe uko yakabaye be n’ibimazi vyose.” Yezu arabona ko yishuranye ubwenge, akamubwira ati: “Nturi kure y’ubwami bw’Imana.”​—Mariko 12:32-34.

Yezu amaze imisi itatu (ku wa 9, 10 na 11 Nisani) yigisha mu rusengero. Abantu bamwebamwe, nk’uwo munyabwenge w’ivyanditswe, barahimbawe no kumwumviriza. Ariko si ko biri ku bakuru b’idini, bakaba badasubira “kwubahuka kumubaza ikibazo.”