Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 49

Urugo rwanyu rushobora gute kugira agahimbare?—Igice ca 1

Urugo rwanyu rushobora gute kugira agahimbare?—Igice ca 1

Ababa baherutse kurushinga baba biteze ko umunezero bagira umusi w’ubugeni uzokwamaho. Kandi ivyo birashoboka. Abakirisu bamaze igihe bubatse kandi bihatira gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ivyo barabizi.

1. Ni impanuro iyihe Bibiliya iha abagabo?

Yehova yahaye umugabo ibanga ryo kuba umutwe w’urugo. (Soma Abanyefeso 5:23.) Rero yiteze ko umugabo afata ingingo zigirira akamaro umuryango. Bibiliya ihanura abagabo iti: “Mubandanye gukunda abagore banyu.” (Abanyefeso 5:25) None ivyo bisobanura iki? Umugabo akunda umugore wiwe aramufatana ubuntu haba muhira canke bari mu bandi bantu. Aramukingira ivyomugirira nabi kandi akamuronsa ivyo akeneye haba ku mubiri canke mu nyiyumvo. (1 Timoteyo 5:8) N’igihambaye kuruta, aritwararika kumuronsa ivyo akeneye mu vy’impwemu. (Matayo 4:4) Nk’akarorero, arasenga akongera agasomera Bibiliya hamwe n’umukenyezi wiwe. Igihe umugabo yitwararika ivyo umugore wiwe akeneye abigiranye urukundo, biratuma ubucuti afitaniye na Yehova bukomera.—Soma 1 Petero 3:7.

2. Ni impanuro iyihe Bibiliya iha abagore?

Ijambo ry’Imana ribwira umugore ko “ategerezwa kugirira umugabo wiwe icubahiro kigera kure.” (Abanyefeso 5:33) None ivyo yobigira gute? Yoshobora kuzirikana kuri kamere nziza umugabo wiwe afise hamwe n’utwigoro agira kugira yitwararike umuryango. Arashobora kandi kubigira mu gushigikira ingingo umugabo wiwe afata, mu kumuyagisha neza, kandi akamuvuga neza mu bandi naho yoba adasenga Yehova.

3. Abubakanye bokomeza gute umubano wabo?

Ku vyerekeye abubakanye, Bibiliya ivuga iti: “Abo babiri bazoba umubiri umwe.” (Matayo 19:5) Ivyo bisigura ko bategerezwa kwirinda ikintu ico ari co cose coshobora kubatandukanya. Ivyo barabigira mu kuza baramarana umwanya kandi bakayaga badahishanya, bakongera bakaza baravugana ku kuntu umwe wese muri bo yiyumva. Ntibareka ngo hagire ikintu canke umuntu n’umwe abarutira uwo bubakanye kiretse Yehova. Baraba maso kandi mu kwirinda gutsimbataza ubucuti bugera kure n’uwundi muntu batubakanye.

TWINJIRE MU MIZI

Raba ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zoshobora gukomeza umubano wanyu.

4. Bagabo, nimukunde mwongere mwitwararike abakenyezi banyu

Bibiliya ivuga ko “abagabo babwirizwa gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite.” (Abanyefeso 5:28, 29) Ivyo bisobanura iki? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe umugabo yokwerekana ko akunda umugore wiwe kandi ko amwitwararika?

Nimusome Abakolosayi 3:12, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Umugabo yogaragaza gute izo kamere mu rugo?

5. Bagore, nimukunde mwongere mwubahe abagabo banyu

Bibiliya irahimiriza umugore kwubaha umugabo wiwe, yaba asenga Yehova canke atamusenga. Nimusome 1 Petero 3:1, 2, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Nimba ufise umugabo adasenga Yehova, nta gukeka ko wipfuza ko amusenga. None uburyo bwiza bwo kumufasha ni ubuhe? Wibaza ko ari kumubwira ivyerekeye Yehova umwanya wose canke kugaragaza ingeso nziza kandi ukamwubaha? Kubera iki wishuye gutyo?

Abubakanye barashobora gufata ingingo nziza bari kumwe. Naho biri ukwo, birashobora gushika umukenyezi ntashigikire ingingo umugabo wiwe yafashe. Arashobora gushikiriza ivyiyumviro vyiwe atekanye kandi abigiranye icubahiro, ariko ategerezwa kwibuka ko Yehova yahaye umugabo ibanga ryo gufata ingingo ku bw’ineza y’umuryango. Rero arakwiye kugira ivyo ashoboye vyose kugira ashigikire iyo ngingo. Muri ubwo buryo, aba agize ico aterereye kugira ngo mu rugo harangwe agahimbare. Nimusome 1 Petero 3:3-5, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Yehova yiyumva gute iyo abonye umukenyezi agaragariza icubahiro umugabo wiwe?

6. Murashobora gutsinda ingorane zishika mu mubano wanyu

Nta mubano utagira ingorane. Ku bw’ivyo, abubakanye babwirizwa gufashanya kugira batsinde ingorane zoshika. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Muri iyo videwo, ni ibintu bimwebimwe ibihe vyerekana ko abo bubakanye batari bagishikirana?

  • Ni ibiki bakoze kugira bakomeze umubano wabo?

Nimusome 1 Abakorinto 10:24 n’Abakolosayi 3:13. Muhejeje gusoma icanditswe kimwekimwe cose, nimuce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni gute gushira mu ngiro iyo ingingo ngenderwako bikomeza umubano?

Bibiliya ivuga ko dukwiye guterana iteka. Gutera iteka umuntu birimwo kumufatana ubuntu n’icubahiro. Nimusome Abaroma 12:10, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Abubakanye boba bakwiye kurindira ko umwe muri bo ari we atangura gutera iteka uwundi? Kubera iki wishuye gutyo?

HARI ABAVUGA BATI: “Jewe n’uwo twubakanye ntitugifitaniye igishika nka kera.”

  • Wobasigurira gute ko Bibiliya ishobora kubafasha?

INCAMAKE

Abubakanye barashobora guhimbarwa igihe bakundana, bubahana kandi bashira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.

Wize iki?

  • Ni ibiki umugabo yokora kugira mu rugo harangwe agahimbare?

  • Ni ibiki umugore yokora kugira mu rugo harangwe agahimbare?

  • Nimba wubatse, ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya zoshobora kugufasha gukomeza umubano wanyu?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Nurabe ivyiyumviro ngirakamaro bishobora kugufasha kuronka agahimbare mu rugo rwanyu.

Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare (agatabu)

Nurabe ividewo y’umuziki ishira ahabona ivyiza biva ku gushira mu ngiro impanuro Imana itanga zerekeye umubano.

Urukundo nyakuri (4:26)

Nurabe ico bisobanura kuyobokera ubukuru bw’umugabo mu rugo.

“Bagore, kubera iki mwoyoboka ubukuru?” (Umunara w’Inderetsi, 15 Rusama 2010)

Umugabo umwe n’umugore wiwe bavyifashemwo gute igihe bashikiwe n’ingorane zikomeye harimwo no kwahukana?

Twarasubiriye gukomeza umubano wacu (5:14)