Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 23

Ibatisimu ni umugambi mwiza cane wokwishingira

Ibatisimu ni umugambi mwiza cane wokwishingira

Yezu yigishije ko ibatisimu ari igisabwa ku bakirisu. (Soma Matayo 28:19, 20.) Ariko none ibatisimu ikwiye kugirwa gute? Vyongeye ni ibiki umuntu ategerezwa kubanza gukora kugira ashikire uwo mugambi?

1. Ibatisimu ikwiye kugirwa gute?

Ijambo “kubatiza” rivuye mw’ijambo ry’ikigiriki risigura “kwibiza” mu mazi. Igihe Yezu yabatizwa, yibijwe mu ruzi Yorodani maze ‘aduga avuye mu mazi.’ (Mariko 1:9, 10) Muri ubwo buryo nyene, abakirisu b’ukuri babatizwa mu kwibizwa mu mazi.

2. Ibatisimu igaragaza iki?

Igihe umuntu abatijwe, aba yerekanye ko yiyeguriye Yehova Imana. None umuntu yiyegurira Imana gute? Imbere y’uko abatizwa, arasenga Yehova ari wenyene, akamusezeranira kumukorera ibihe vyose be no kumusenga wenyene. Muri iryo sengesho ariyemeza kandi ko gukora ivyo Imana igomba ari vyo azoshira imbere mu buzima bwiwe. Arahitamwo kwiyanka no kuguma akurikiza inyigisho za Yezu n’akarorero kiwe. (Matayo 16:24) Ukwo kwiyegura no kubatizwa bituma bishoboka ko agiranira ubucuti somambike na Yehova hamwe n’abo basangiye ukwemera.

3. Ni ibiki umuntu yokora imbere y’uko abatizwa?

Imbere y’uko ubatizwa, birahambaye yuko wiga ivyerekeye Yehova ukongera ugakomeza ukwizera kwawe. (Soma Abaheburayo 11:6.) Uko ubumenyi ufise bwiyongera n’ukwizera kwawe kugakomera ni ko n’urukundo ukunda Yehova ruzorushiriza kwongerekana. Ivyo bizotuma ugira icipfuzo co kubwira abandi ibimwerekeye be no kubaho wisunga ingingo ngenderwako ziwe. (2 Timoteyo 4:2; 1 Yohani 5:3) Igihe umuntu abayeho “nk’uko bibereye Yehova ngo [a]mushimishe bimwe bishitse,” nta gukeka ko azoca agira icipfuzo co kumwiyegurira maze akabatizwa.—Abakolosayi 1:9, 10. a

TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe ivyo dushobora kwigira kw’ibatisimu ya Yezu hamwe n’ukuntu umuntu yokwitegurira iyo ntambwe ihambaye.

4. Ivyigwa dukura kw’ibatisimu ya Yezu

Nimusome Matayo 3:13-17 kugira mubone ayandi makuru ajanye n’ibatisimu ya Yezu. Nimuce muganira kuri ibi bibazo:

  • Igihe Yezu yabatizwa yoba yari uruyoya?

  • Yabatijwe gute? Boba bamusutse amazi ku mutwe?

Yezu amaze kubatizwa, yaciye atangura igikorwa kidasanzwe yatumwe n’Imana. Nimusome Luka 3:21-23 na Yohani 6:38, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Yezu amaze kubatizwa, ni igikorwa ikihe yaciye ashira imbere mu buzima bwiwe?

5. Ibatisimu ni umugambi ushobora gushikako

Mu ntango woshobora kubona ko kwiyegura no kubatizwa bisa n’ibikurengeye. Ariko uko ubandanya kwiga ivyerekeye Yehova ukarushiriza kumumenya, urashobora gushika aho utaba ugitinya gufata iyo ngingo ihambaye. Kugira ubone abantu babigize, nimurabe iyo VIDEWO.

Nimusome Yohani 17:3 na Yakobo 1:5, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni ibiki vyofasha umuntu kwitegurira kubatizwa?

  1. Mu kwiyegura, turabwira Yehova ko twipfuza kumukorera ibihe vyose

  2. Igihe tubatijwe, tuba tweretse abandi bose ko twiyeguriye Yehova

6. Kubatizwa bituma uba mu bagize umuryango wa Yehova

Igihe tubatijwe, duca tuba mu bagize umuryango wunze ubumwe ukwiye kw’isi yose. Naho twoba dukomoka he canke dufise kahise kameze gute, twese twemera bimwe kandi tukabaho twisunga ingingo ngenderwako zimwe zo muri Bibiliya. Nimusome Zaburi 25:14 na 1 Petero 2:17, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni ivyiza ibihe umuntu yironkera amaze kubatizwa?

HARI ABAVUGA BATI: “Numva hataragera ko mbatizwa.”

  • Nimba ari uko wiyumva, woba ubona ko kubatizwa ari umugambi mwiza wokwishingira?

INCAMAKE

Yezu yavuze ko abakirisu bakwiye kubatizwa. Kugira umuntu abishikeko ategerezwa gukomeza ukwizera kwiwe, kubaho yisunga ingingo ngenderwako za Yehova no kumwiyegurira.

Wize iki?

  • Ibatisimu ikwiye kugirwa gute, kandi ni kubera iki ihambaye?

  • Kubatizwa bigaragaza iki?

  • Ni ibiki umuntu yokora imbere y’uko yiyegurira Yehova maze akabatizwa?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Nurabe ico ibatisimu isobanura be n’ico idasobanura.

“Ibatisimu ni iki?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Nimusome icatumye umugabo umwe afata ingingo yo kubatizwa.

“Bashaka ko nitohoreza ukuri” (Umunara w’Inderetsi, 1 Ruhuhuma 2013)

Nurabe igituma kubatizwa ari umugambi mwiza wokwishingira n’ingene wowushikira.

“Noba nkwiye kubatizwa?” (Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, igitabu ca 2, ikigabane ca 37)

a N’igihe umuntu aba yarabatijwe mu rindi dini, arakenera kwongera kubatizwa. Uti kubera iki? Kubera ko iryo dini ritaba ryigisha ukuri kwo muri Bibiliya.—Raba Ivyakozwe 19:1-5 n’icigwa ca 13.