Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 13

Niwubahe ubuzima

Niwubahe ubuzima

1. Ni nde yaduhaye ubuzima?

YEHOVA ni “Imana nzima.” (Yeremiya 10:10) Ni we yaduhaye ubuzima. Bibiliya ivuga iti: “Waremye vyose, kandi kubera ukugomba kwawe vyarabayeho, biraremwa.” (Ivyahishuwe 4:11) Egome, Yehova ashaka ko tubaho. Ubuzima ni ingabire nziza cane yaduhaye.—Soma Zaburi 36:9.

2. Twokora iki kugira turoranirwe mu buzima?

2 Yehova araduha ibikenewe vyose kugira tubandanye kubaho, nk’akarorero ibifungurwa n’amazi. (Ivyakozwe 17:28) N’ikirushirije, aripfuza ko duhimbarirwa ubuzima. (Ivyakozwe 14:15-17) Kugira turoranirwe mu buzima, turakeneye kugamburuka amategeko y’Imana.Yesaya 48:17, 18.

INGENE IMANA IBONA UBUZIMA

3. Yehova yakoze iki igihe Kayini yica Abeli?

3 Bibiliya itubwira ko ubuzima bwacu n’ubw’abandi bufise agaciro kuri Yehova. Nk’akarorero, igihe Kayini umwana wa Adamu na Eva yashavurira cane mwene wabo Abeli, Yehova yamubwiye ko akwiye gucungera ishavu ryiwe. Kayini ntiyamwumviye. Ahubwo yararakaye cane ku buryo “agurukira kuri Abeli mwene wabo, aramwica.” (Itanguriro 4:3-8) Yehova yarahanye Kayini kubera yishe Abeli. (Itanguriro 4:9-11) Ivyo biratwereka ko ishavu n’urwanko ari bibi, kuko bishobora gutuma tugirira abandi nabi canke tukabica. Umuntu afise ishavu n’urwanko ntazoronka ubuzima budahera. (Soma 1 Yohani 3:15.) Kugira duhimbare Yehova, dutegerezwa gukunda abantu bose.1 Yohani 3:11, 12.

4. Rimwe mu mabwirizwa Imana yahaye Abisirayeli ryerekana iki?

4 Haciye imyaka ibihumbi, Yehova yarerekanye ko aha agaciro ubuzima igihe yaha Musa ya Mabwirizwa cumi. Rimwe muri yo ryagira riti: “Ntukice.” (Gusubira mu vyagezwe 5:17) Uwishe uwundi n’ibigirankana, na we nyene yaca yicwa.

5. Imana ibona gute ivyo gukorora inda?

5 Imana ibona gute ivyo gukorora inda? Ubuzima bw’umwana ataravuka na bwo nyene buri n’agaciro kuri Yehova. Amategeko Yehova yahaye Abisirayeli yavuga ko hagize umuntu akomeretsa umugore yibungenze maze umwana wiwe agapfa, uwo muntu na we nyene yari guca yicwa. (Soma Kuvayo 21:22, 23; Zaburi 127:3.) Ivyo biratwigisha ko gukorora inda ari bibi.—Raba akajambo ko ku mpera ka 28.

6, 7. Twokwereka gute Yehova ko duha agaciro ubuzima?

6 Twokwereka gute Yehova ko duha agaciro ubuzima bwacu n’ubw’abandi? Mu kwirinda ikintu cose coshira mu kaga ubuzima bwacu canke ubw’abandi. Ku bw’ivyo, ntidukwiye kunywa itabi, ubugoro canke ibiyayuramutwe, kuko vyotugirira nabi mbere no kutwica bikatwica.

7 Imana ni yo yaduhaye umubiri, kandi dukwiye kuwukoresha nk’uko yipfuza. Turakwiye rero kuwubungabunga. Tutabigize, tuba duhumanye mu maso y’Imana. (Abaroma 6:19; 12:1; 2 Abakorinto 7:1) Igihe tudaha agaciro ubuzima, ntidushobora gusenga Yehova we yabuduhaye. Naho guheba ingeso mbi bitama vyoroshe, Yehova azodufasha mu twigoro tugira kubera ko duha agaciro ubuzima.

8. Twokwirinda gute gushira mu kaga ubuzima bwacu canke ubw’abandi?

8 Twabonye ko ubuzima ari ingabire nziza cane. Yehova yiteze ko dukora ibishoboka vyose ngo ntidushire mu kaga ubuzima bwacu canke ubw’abandi. Ivyo turabigira igihe dutwara umuduga, ipikipiki canke ikindi cuma. Turirinda inkino ziteye akaga canke zishobora kubangamira ubuzima. (Zaburi 11:5) Turihatira kandi kwirinda amasanganya aho tuba. Yehova yategetse Abisirayeli ati: “Niwubaka inzu nshasha, uze ukore igitangirizo c’igisenge cawe [canke, agahome gatoyi], kugira ntukwegere amaraso inzu yawe, kuko hogira uwukoroka avuye kuri co.”Gusubira mu vyagezwe 22:8.

9. Dukwiye gufata gute ibikoko?

9 Yehova aritwararika n’ingene dufata ibikoko. Aremera ko tuvyica kugira tubifungure canke kugira turonke ivyambarwa. Aremera kandi ko tuvyica igihe bitugeramiye. (Itanguriro 3:21; 9:3; Kuvayo 21:28) Ariko ntidukwiye gufata nabi ibikoko canke ngo tuvyice turiko turikinira gusa.Imigani 12:10.

AMARASO NI MERANDA

10. Ni igiki kitwereka ko amaraso ari bwo buzima?

10 Yehova abona ko amaraso ari meranda kuko agereranya ubuzima. Igihe Kayini yica Abeli, Yehova yamubwiye ati: “Amaraso ya mwene wanyu ariko a[ra]semererera mu butaka antakambira.” (Itanguriro 4:10) Amaraso ya Abeli yagereranya ubuzima bwiwe, kandi Yehova yarahanye Kayini kubera yishe Abeli. Inyuma ya wa mwuzure wo mu gihe ca Nowa, Yehova yarongeye kwerekana ko amaraso ari bwo buzima. Yehova yarahaye Nowa n’umuryango wiwe uburenganzira bwo kurya inyama z’ibikoko. Yamubwiye ati: “Igikoko kigendagenda cose kizima kirashobora kubabera ibifungurwa. Ndabibahaye vyose nk’uko nabahaye ibimera bitoto.” Ariko rero, hariho ikintu Yehova yabihanikirije ngo ntibarye. Yababwiye ati: “Gusa, inyama zirimwo ubuzima bwazo, ari bwo maraso yazo, ntimuze muzirye.”Itanguriro 1:29; 9:3, 4.

11. Ni igiki Imana yategetse Abisirayeli ku bijanye n’amaraso?

11 Haheze nk’imyaka 800 Yehova abujije Nowa kurya amaraso, yarongeye gutegeka abasavyi biwe ati: “Umuntu wese wo muri bene Isirayeli, canke kavamahanga wese abayeho ari kavamahanga hagati muri mwebwe, azofata igikoko canke ikiguruka kiribwa ari guhiga, aze asese amaraso yaco hasi hanyuma ayarenzeko umukungugu.” Yaciye yongerako ati: “Ntimuze murye amaraso.” (Abalewi 17:13, 14) Yehova yari acipfuza ko abasavyi biwe babona ko amaraso ari meranda. Bari barekuriwe kurya inyama, mugabo ntibarye amaraso. Igihe baba bishe igikoko kugira bagifungure, bategerezwa gusesa hasi amaraso yaco.

12. Abakirisu babona gute amaraso?

12 Haheze imyaka mikeyi Yezu apfuye, intumwa n’abagabo b’inararibonye bo mw’ishengero rya gikirisu ry’i Yeruzalemu barakoraniye hamwe kugira barabe amategeko abakirisu bari bagikeneye gukurikiza muri ya mategeko yahabwa Abisirayeli. (Soma Ivyakozwe 15:28, 29; 21:25.) Yehova yarabafashije gutahura ko yari akibona ko amaraso ari meranda kandi ko na bo nyene bari bakwiye kuyabona gutyo. Abakirisu bo mu ntango ntibarya amaraso canke ngo bayanywe, kandi ntibarya inyama zitakuwemwo amaraso neza. Baramutse babigize, baba bagize nabi nka kurya kwo gusenga ibigirwamana canke gusambana. Kuva ico gihe, abakirisu b’ukuri baciye birinda kurya amaraso canke kuyanywa. Ubu ho bite? Yehova aracipfuza ko tubona ko amaraso ari meranda.

13. Kubera iki abakirisu batemera guterwa amaraso?

13 Ivyo vyoba bisigura ko abakirisu badakwiye kwemera guterwa amaraso? Ego cane. Yehova yadutegetse kutarya amaraso canke ngo tuyanywe. Hamwe umuganga yokubuza kunywa inzoga, woba wokwemera ko bayigutera muri serumu? Nta gukeka ko utovyemera! Muri ubwo buryo nyene, itegeko ritubuza kurya amaraso canke kuyanywa risobanura ko tudakwiye kwemera kuyaterwa.—Raba akajambo ko ku mpera ka 29.

14, 15. Twoba dukwiye kugambararira Yehova kugira tube turamaze kabiri? Sigura.

14 Bite ho hamwe umuganga yotubwira ko tudatewe amaraso duca dupfa? Umwe wese ni we yihitiramwo kugamburuka itegeko ry’Imana ryerekeye amaraso canke kutarigamburuka. Turubaha cane ingabire y’ubuzima Imana yaduhaye. Ntitwemera guterwa amaraso, ariko turemera kuvurwa hakoreshejwe iyindi miti isubirira amaraso.

15 Turakora ibishoboka vyose kugira tubandanye kubaho, ariko ntitwemera guterwa amaraso kubera ko Imana ibona yuko ari meranda. Kugamburukira Yehova birahambaye cane kuruta kumugambararira kugira tube turamaze kabiri. Yezu yavuze ati: “Uwushaka gukiza ubuzima bwiwe azobubura; mugabo uwuheba ubuzima bwiwe kubera jewe azoburonka.” (Matayo 16:25) Twipfuza kugamburukira Yehova kubera tumukunda. Arazi icotubera ciza kuruta. Vyongeye, turabona ko ubuzima bufise agaciro kandi ko ari bweranda, nk’uko na Yehova abubona.Abaheburayo 11:6.

16. Kubera iki abasavyi b’Imana bayigamburukira?

16 Abasavyi b’Imana b’intahemuka bariyemeje kugamburuka itegeko ryayo rijanye n’amaraso. Ntibarya amaraso canke ngo bayanywe, kandi ntibemera kuyaterwa. * Yamara rero, baremera gukoresha iyindi miti kugira barokore ubuzima. Barazi neza ko uwaremye ubuzima n’amaraso azi ivyobabera vyiza kuruta. Ivyo woba uvyemera?

UBURYO BWEMEWE BWO GUKORESHA AMARASO

17. Muri Isirayeli, ni uburyo bumwe gusa ubuhe bwo gukoresha amaraso Yehova yemera?

17 Mu mategeko Yehova yahaye Abisirayeli, yababwiye ati: “Ubuzima bw’umubiri buri mu maraso, nanje nkaba nayashize ku gicaniro ku bwanyu kugira mutangirwe impongano [canke, musabe imbabazi], kuko amaraso ari yo atuma haba impongano.” (Abalewi 17:11) Igihe Abisirayeli bacumuye, barashobora gusaba imbabazi Yehova mu gushikana ikimazi c’igitungwa, maze bagasaba umuherezi ngo asuke makeyi ku maraso yaco ku gicaniro co ku rusengero. Ubwo ni bwo buryo bwonyene bwo gukoresha amaraso Yehova yemerera Abisirayeli.

18. Incungu ya Yezu ituma turonka akahe karyo?

18 Igihe Yezu yaza kw’isi, yarakuyeho itegeko ryo gushikana ibimazi mu gutanga ubuzima bwiwe, canke amaraso yiwe, kugira tubabarirwe ibicumuro. (Matayo 20:28; Abaheburayo 10:1) Ubuzima bwiwe bwari bufise agaciro cane. Aho Yehova amariye kumuzura maze akaja mw’ijuru, abantu bose baciye baronka akaryo ko kubaho ibihe bidahera.Yohani 3:16; Abaheburayo 9:11, 12; 1 Petero 1:18, 19.

Wokwerekana gute ko wubaha ubuzima n’amaraso?

19. Twokora iki kugira tube ‘abacuna ku maraso y’abantu bose’?

19 Turakengurukira Yehova kubera yaduhaye ingabire nziza cane y’ubuzima! Vyongeye, turipfuza kubwira abandi ko bashobora kuronka ubuzima budahera igihe bizeye Yezu. Turakunda abantu, kandi turakora ibishoboka vyose kugira tubigishe ingene boronka ubuzima. (Ezekiyeli 3:17-21) Ivyo tubigize, tuzoshobora kuvuga nka kumwe kw’intumwa Paulo duti: “[Nda]cuna ku maraso y’abantu bose, kuko ataho naretse kubabwira inama yose y’Imana.” (Ivyakozwe 20:26, 27) Emwe, igihe tubwiye abandi ivyerekeye Yehova hamwe n’ukuntu aha agaciro ubuzima, tuba twerekanye ko twubaha cane ubuzima n’amaraso.

^ ing. 16 Wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye no guterwa amaraso, raba urupapuro rwa 77-79 mu gitabu “Mwigumize mu rukundo rw’Imana,” casohowe n’Ivyabona vya Yehova.