ICIGWA CA 30
Rahabu anyegeza abaje gusuma urusaku
Ba bagabo babiri Yosuwa yatuma i Yeriko bashikiye ku mugore yitwa Rahabu. Umwami w’i Yeriko yarabimenye aca arungika abasoda kwa Rahabu. Rahabu yaranyegeje abo bagabo babiri hejuru ku nzu, aca ahenda nya basoda ngo bagiye. Yabwiye ba bagabo ati: ‘Ndabafasha kubera nzi ko Yehova ari kumwe namwe be n’uko muzonesha iki gihugu. Nimunyemerere ko muzokingira umuryango wanje.’
Abo bagabo baciye babwira Rahabu bati: ‘Turakwemereye ko ata n’umwe mu bazoba bari mu nzu yawe azogira ico aba.’ Bamubwiye bati: ‘Nubohere umugozi utukura kw’idirisha, nitwaza gutera tukawubona tuzoca tuhasimba.’
Rahabu yarabahaye umugozi bururukirako baciye mw’idirisha. Baciye baja mu misozi bamara imisi itatu binyegejeyo imbere yo gusubira kwa Yosuwa. Abisirayeli baciye bajabuka uruzi Yorodani maze baritegura kugira baje gutera ico gihugu. Yeriko ni co
gisagara ca mbere batsinze. Yehova yababwiye ngo bazunguruke ico gisagara rimwe ku musi, mu misi itandatu. Ku musi ugira indwi, bazungurutse ico gisagara incuro indwi. Abaherezi baciye bavuza inzumbete, abasoda na bo baca barakoma induru cane. Impome z’uruzitiro rw’ico gisagara zaciye zibomoka! Ariko inzu ya Rahabu ntiyabomotse naho yari ifatanye n’uruzitiro. Rahabu n’umuryango wiwe bararokotse kubera ko yizigiye Yehova.«Mbega [Rahabu] na we nyene ntiyiswe umugororotsi biciye ku bikorwa, aho amariye kwakira neza za ntumwa hanyuma akazirungika azicishije mu yindi nzira?»—Yakobo 2:25