ICIGWA CA 99
Umurinzi w’ibohero amenya ukuri
I Filipi hari umukobwa yarimwo idayimoni. Iyo dayimoni yatuma ashobora kubwira abantu ibizobashikira, kandi uwo mukobwa yarinjiriza amahera menshi abo yakorera. Igihe Pawulo na Silasi bashika i Filipi, yamaze imisi abakurikira. Iyo dayimoni yatuma asemerera ati: «Aba bantu ni abashumba b’Imana Musumbavyose.» Pawulo yaratevye abwira iyo dayimoni ati: ‘Mw’izina rya Yezu, muvemwo!’ Yaciye imuvamwo.
Abantu nya mukobwa yakorera barashavuye cane babonye ko atazosubira kubinjiriza amahera. Baratwaye Pawulo na Silasi ku bacamanza, bababwira bati: ‘Aba bantu bariko bararenga ku mategeko kandi bariko baragumura igisagara cose!’ Abo bacamanza baciye bategeka ko Pawulo na Silasi bakubitwa maze bagapfungwa. Umurinzi w’ibohero yaciye abapfungira ahantu habi cane, aca ababohera amaguru n’amaboko mu mbaho.
Igihe Pawulo na Silasi bari mu gasho bararirimbiye Yehova, kandi izindi mbohe zarabumva. Mw’ijoro hagati, bagiye bumva nyamugigima ikomeye iriko iranyiganyiza ibohero. Imiryango y’ibohero yaciye yuguruka, n’iminyororo yari iboshe imbohe iracikagurika. Wa murinzi yaciye yiruka mw’ibohero asanga imiryango iruguruye. Yaciye atora inkota ngo yiyice kuko yibaza ko imbohe zose zatorotse.
Ubwo nyene Pawulo yaciye asemerera ati: ‘Ntiwiyice! Twese turi hano!’ Uwo mugabo yaciye yirukanga aja iyo Pawulo na Silasi bari, arabunamira. Yababajije ati: «Nkore iki kugira nkizwe?» Bamwishuye bati: ‘Wewe n’abo mu rugo rwawe nimwizere Yezu.’ Pawulo na Silasi barabigishije ijambo rya Yehova, uwo mugabo n’abo mu rugo rwiwe bose baca barabatizwa.
«Abantu bazobafata babahame, babashengeze mu masinagogi kandi babate mu mabohero. Bazobarengutsa imbere y’abami na ba buramatari kubera izina ryanje. Ivyo bizobaha akaryo ko gushinga intahe.»—Luka 21:12, 13