Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 100

Pawulo na Timoteyo

Pawulo na Timoteyo

Timoteyo yari umuvukanyi akiri muto wo mw’ishengero ry’i Lusitira. Se wiwe yari Umugiriki, nyina wiwe akaba Umuyudakazi. Nyina wiwe Enise na inakuru Loyisi baramwigishije ivyerekeye Yehova kuva akiri akana gatoyi.

Igihe Pawulo yaja i Lusitira mu rugendo rwiwe rwa kabiri rwo kwamamaza, yarabonye ko Timoteyo yakunda abavukanyi vy’ukuri be n’uko yipfuza kubafasha. Pawulo yaciye amusaba ngo bajane. Yaramumenyereje araba umwamamaji abishoboye n’umwigisha mwiza w’inkuru nziza.

Impwemu nyeranda yarayobora Pawulo na Timoteyo aho baja hose. Umusi umwe mw’ijoro, Pawulo yareretswe umugabo ariko amubwira ngo aje i Masedwane kubafasha. Pawulo, Timoteyo, Silasi na Luka baciye bajayo kwamamaza no gutanguza amashengero mashasha.

Abagabo n’abagore benshi bo mu gisagara c’i Masedwane citwa Tesalonika barabaye abakirisu. Ariko hari Abayuda bashavuriye Pawulo na bagenziwe. Baragiye hamwe baca barafata abo bavukanyi babajana ku bajejwe igisagara, basemerera bati: ‘Aba bantu bararwanya intwaro y’Uburoma!’ Kubera ko Pawulo na Timoteyo bari guhava bamererwa nabi, baciye bahungira i Beroya mw’ijoro.

Abantu b’i Beroya barashaka cane kwiga Ijambo ry’Imana, kandi mu babaye abakirisu harimwo Abagiriki n’Abayuda. Ariko haraje Abayuda bavuye i Tesalonika baragumura abantu, Pawulo aca ahungira i Atene. Timoteyo na Silasi bagumye i Beroya kugira bakomeze abavukanyi. Haciye igihe, Pawulo yarabwiye Timoteyo ngo asubire i Tesalonika kuremesha abavukanyi kuko bariko barahamwa. Mu nyuma, Pawulo yaramurungitse kugendera ayandi mashengero menshi kugira ayaremeshe.

Pawulo yabwiye Timoteyo ati: ‘Abashaka gukorera Yehova bazohamwa.’ Timoteyo yarahamwe yongera arapfungwa ahorwa ukwizera kwiwe. Yarahimbarwa kubera yuko ivyo vyamuha akaryo ko kwerekana ko ari intahemuka kuri Yehova.

Pawulo yabwiye Abafilipi ati: ‘Ndabarungikiye Timoteyo. Azobigisha kugendera mu kuri no kwamamaza.’ Pawulo yarizigira Timoteyo. Barakoranye imyaka myinshi bituma baba abagenzi.

«[N]ta wundi mfise ari n’umutima nk’uwiwe kandi yitaho ivyanyu vy’ukuri. Abandi bose bironderera inyungu zabo bwite, aho kurondera iza Yezu Kristu.»​—Abafilipi 2:20, 21