Kutadadaza; kutarenza urugero
Kubera iki abakirisu bakwiye kutadadaza?
Raba kandi 1Tm 3:2, 3
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
It 18:23-33—Yehova yaremeye ko Aburahamu amubaza ibibazo vyerekeye isangangurwa rya Sodomu na Gomora, amwumviriza yihanganye
It 19:16-22, 30—Igihe Loti yasaba ko yohungira i Zowari aho kuja ku misozi, Yehova yaramushiriye aho ashaka
Mt 15:21-28—Yezu yarerekanye ko atadadaza mu gukora ivyo umugore w’Umunyafenisiyakazi yariko aramusaba yinginga. Yabikoze kubera ko uwo mugore yari yerekanye ukwizera kwinshi