ENDONEZIYA
Inkuru nziza ishika mu buseruko
Mu 1953, Peter Vanderhaegen yarungitswe muri Endoneziya kuba umucungezi w’umuzunguruko. Umuzunguruko wiwe wari ukwiye igihugu cose. Kuva mu buseruko gushika mu burengero vyari ibilometero 5.100, kuva mu buraruko na ho gushika mu bumanuko vyari ibilometero 1.800. Mu ngendo yagira muri ico cibare yarashikirwa n’ibintu vyinshi biteye ubwoba.
Mu 1954, umuvukanyi Vanderhaegen yaragiye mu karere ko mu buseruko bwa Endoneziya kakaba ari akarere karimwo amadini atandukanye. Mw’izinga rya Bali hari
huzuye abahindu; mu mazinga ya Lombok na Sumbawa, abisilamu; mw’izinga rya Flores abagatolika; mu mazinga ya Sumba, Alor na Timor na ho abaporoti. Mu rugendo yagize n’ubwato bushaje aja i Kupang, umurwa mukuru wa Timor, yaramamaje gatoyi mu mazinga atari make yagiye aracamwo. Umuvukanyi Vanderhaegen yigana ati: “Naramaze indwi zibiri ndiko ndamamaza muri Timor. Naho hagwa imvura nyinshi, naratanze ibitabu vyose nari mfise, ndaronka abantu 34 basavye kuza bararonswa ibinyamakuru nongera ntanguza inyigisho za Bibiliya zitari nke.” Abatsimvyi badasanzwe barabandanije gufasha abari barashimishijwe mu nyuma na ho barashinga ishengero i Kupang. Inkuru nziza yahavuye ikwira no mu mazinga yo hafi y’aho ari yo Rotè, Alor, Sumba na Flores.Igihe abakuru b’idini ry’abaporoti babona ko abayoboke babo bumviriza Ivyabona vya Yehova, baciye barakara. Umukuru umwe yategetse Thomas Tubulau, uno akaba yari umutama w’umucuzi afise ukuboko kumwe, ngo ahebe kwiga Bibiliya n’Ivyabona, yongerako yuko adahevye kuza arabwira abandi ivyo yiga hazopfa umuntu. Thomas yamwishuye ata bwoba ati: “Hari umukirisu yovuga ivyo? Ntuzopfa usubiye mbere kumbona mu rusengero rwawe.” Thomas yahavuye aba umwamamaji w’umunyamwete, umukobwa wiwe na we aba umutsimvyi adasanzwe.
Ariko rero, abakuru b’amadini muri Timor bari biyemeje gutuza Ivyabona vya Yehova. Mu 1961, barashoboye kugondoza Urwego rujejwe amadini be n’abategetsi mu vya gisirikare bo muri ako karere barabuza igikorwa co kwamamaza inzu ku nzu. Abavukanyi rero baciye bahindura uburyo bwo kwamamaza. Barabwira inkuru nziza abantu ku masoko, ku mariba, bakabwira abarovyi bavuye mu mazi be n’abantu baba baje gukorera imva z’ababo. Inyuma y’ukwezi kumwe abategetsi mu vya gisirikare barisubiyeko baca batangaza kw’iradiyo yuko amadini yose yo
muri Timor yidegemvya. Igihe abategetsi bo mu Rwego rujejwe amadini bababwira ko igikorwa c’inzu ku nzu cari kikibujijwe, abavukanyi barabasavye ko bobishira mu nyandiko mugabo ntibabikora. Abavukanyi rero baciye basubira kwamamaza inzu ku nzu ata kibatangira.Igihe abamisiyonari Piet na Nell de Jager be na Hans na Susie van Vuure bashika muri Papouasie mu 1962, na bo nyene bararwanijwe n’abakuru b’amadini. Batatu muri bo bategetse abo bamisiyonari kuja kwamamaza ahandi. Haba mu nsengero, mu binyamakuru no kw’iradiyo, abo bakuru b’amadini barabeshera Ivyabona vya Yehova bavuga yuko ari bo barwanya Leta. Abo bakuru b’amadini nta ko batagize ngo babuze abantu babo bariko bariga Bibiliya n’abamisiyonari. Kandi barahase abakuru b’imitumba kugira ngo barwanye igikorwa co kwamamaza.
Utwo twigoro twose twabaye impfagusa igihe umukuru w’umutumba umwe yasaba abo bamisiyonari ngo bagire ico bashikiriza abantu baba ku mutumba arongoye. Hans yigana ibi: “Igihe uwo mukuru yakoranya abo arongeye, jewe na Piet twaratanze insiguro ngufi zijanye n’igikorwa cacu. Abakenyezi bacu na bo baciye bagira umwerekano w’ukuntu duhora tudodora ku mihana maze tukinjira mu nzu baduhaye ikaze hanyuma tukababwira ubutumwa bugufi bwo muri Bibiliya. Uwo mutware n’abanyagihugu biwe barabishimye cane maze baratureka turabandanya igikorwa cacu ata ngorane.”
Vyaragenze gutyo incuro nyinshi. Ni gake abisilamu barwanya igikorwa cacu. Uruhamo rwama ruturuka ku bakuru b’amadini y’abakirisu. N’ubu ni ko bikimeze.
“Bazobakwega babatware imbere ya ba buramatari . . . bibe intahe”
Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Bazobakwega babatware imbere ya ba buramatari n’abami babampora, Mat. 10:18) Ayo majambo yararangutse kenshi muri Endoneziya.
kugira bibe intahe kuri bo no ku mahanga.” (Mu 1960 umunyatewolojiya akomeye cane w’Umunyaholande yaba i Jakarta, mu gitabu yasohoye yaranebaguye Ivyabona vya Yehova avuga ko ari abakirisu b’ikinyoma. Ico gitabu catumye abakuru benshi b’amadini batangura kurwanya Ivyabona. Nk’akarorero, hari umukuru w’idini wo mu gisagara kimwe yandikiye Urwego rujejwe amadini yagiriza Ivyabona ko “bajuragiza abantu babo.” Igihe abategetsi bo muri urwo rwego bahamagara abavukanyi kugira baze kwiregura, barasiguye neza ukuntu ibintu vyifashe bongera barashinga intahe ikomeye. Umutegetsi umwe wo muri urwo rwego yabwiye mugenziwe ati:
“Ivyabona vya Yehova bariko bakangura abaporoti basinziriye, nimubahe amahoro.”Mu 1964, hari umugwi w’abakuru b’amadini b’abaporoti muri Papouasie wituye umugwi wo mu Nama nshingamateka ujejwe ibibazo vy’amadini n’imibano basaba ko igikorwa c’Ivyabona vya Yehova cohagarara. Ibiro vy’ishami vyaciye bisaba ko vyorengutswa kugira ngo vyiregure. Tagor Hutasoit yigana ati: “Twaramaze hafi isaha turiko turasigurira uwo mugwi wo mu Nama nshingamateka ibijanye n’igikorwa cacu co kwigisha Bibiliya. Umunyapolitike umwe w’umuporoti yaratwagirije atubeshera ngo ni twe dutuma haba imigumuko mu madini muri Papouasie. Abisilamu bari muri uwo mugwi bobo baratugaragarije umutima mwiza. Batubwiye bati: ‘Ibwirizwa shingiro riratanga umwidegemvyo wo gusenga, murafise rero uburenganzira bwo kwigisha.’” Inyuma y’uwo mubonano, umutegetsi akomeye wo muri Papouasie yaciye atangaza ati: “Leta nshasha . . . igumijeho umwidegemvyo wo gusenga kandi ivyo ni ko biri no ku madini mashasha.”