Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ENDONEZIYA

Umuhari w’aba Bibelkring

Umuhari w’aba Bibelkring

AMAJA mu mpera z’imyaka ya 1930, umuhari mushasha w’idini witwa Bibelkring (mu kinyaholande bisobanura “umugwi w’abatohoji ba Bibiliya”) waravutse mu karere kari ku nkengera y’ikiyaga Toba mu buraruko bwa Sumatra. Uwo muhari watanguye inyuma y’aho abigisha benshi bakiriye ibisohokayandikiro, bikaba bishoboka ko babihawe n’umutsimvyi yitwa Eric Ewins yari yahaciye, uno akaba yari yaramamaje mu karere k’ikiyaga Toba mu 1936. Ivyo abo bigisha basoma vyaratumye baheba urusengero rw’abaporoti rwitwa Batak maze batanguza imigwi yo kwigira Bibiliya muhira. Iyo migwi yarateye imbere gushika aho isigara irimwo abantu amajana. *

Dame Simbolon yahora mu ba Bibelkring ariko ubu ni mushiki wacu

Kubera bakwegerewe n’ibisohokayandikiro wa mutsimvyi yasiga, baramenye inyigisho z’ukuri nyinshi. Dame Simbolon yahoze muri uwo muhari mu nyuma akaba Icabona mu 1972, yavuze ati: “Baranka kuramutsa ibendera kandi ntibahimbaza Noweli n’imisi mikuru y’ivuka. Hari mbere n’abamamaza inzu ku nzu.” Ariko kubera ko ata mfashanyo yava kw’ishirahamwe ry’Imana baronka, uwo muhari ntiwatevye kwigarurirwa n’ivyiyumviro vy’abantu. Uwundi yahoze muri uwo muhari yitwa Limeria Nadapdap, ubu akaba ari mushiki wacu, asigura ati: “Abakenyezi ntibemererwa kwisiga canke kwambara ibisharizo, impuzu zigezweho canke ibirato. Vyongeye abanywanyi b’uwo muhari ntibemererwa kurondera karangamuntu, ivyo bikaba vyarashavuza cane abategetsi.”

Mu nyuma uwo muhari wariciyemwo utudumbidumbi twinshi amaherezo urazimangana. Igihe abatsimvyi bagaruka gukorera mu karere kari ku kiyaga Toba, abantu benshi bari muri uwo muhari baremeye ukuri.

^ ing. 1 Hari abavuga ko bageze no mu bihumbi.