Ikigabane ca 46
Ukuntu amazi yahoneje isi—Yoba azosubira kuyihonya?
WOBA warigeze kwumva umuntu avuga ivy’umuhero w’isi?— Muri iki gihe abantu benshi baravuga ivy’umuhero w’isi. Bamwe biyumvira ko isi izosangangurwa mu
ntambara abantu bazorwana bakoresheje ibirwanisho ruhonyanganda. None wibaza ko Imana izokwigera ireka ngo abantu bahonye isi yacu nziza?—
Nk’uko twavyize, Bibiliya iravuga ivy’umuhero w’isi. Ivuga iti: “Isi irikw irashira” (1 Yohana 2:17). Wibaza none yuko umuhero w’isi usobanura ko iyi si tubako izosangangurwa?— Oya, Bibiliya ivuga yuko Imana yaremye isi kugira ‘ngo ibeko abantu’. Emwe, yayiremye kugira ngo abantu bayibeko bongere banezerwe no kuyibako (Yesaya 45:18). Muri Zaburi 37:29 havuga hati: “Abagororotsi bazoragwa igihugu, bakibemw’ibihe bidashira”. Kubera ico, Bibiliya ivuga kandi yuko isi izokwamaho.—Zaburi 104:5; Umusiguzi 1:4.
Rero, nimba umuhero w’isi udasobanura ko isi izosangangurwa, none uwo muhero usobanura iki?— Turashobora kuronka inyishu dusuzumye twitonze ivyabaye mu misi ya Nowa. Bibiliya isigura iti: ‘Isi ya kera amazi yarayirengeye, iratikira’.—2 Petero 3:6.
Hoba hari umuntu n’umwe yarokotse uwo muhero w’isi wabaye mu gihe c’uwo Mwuzure wo mu misi ya Nowa?— Bibiliya ivuga ko Imana “[yakijije] Nowa, umwigisha w’ivyo kugororoka, hamwe n’abandi ndwi, aho yazana umwuzure kw isi y’abatayubaha”.—2 Petero 2:5.
None isi yasanganguwe ni iyihe? Mbega ni iyi si tubako canke ni abantu babi?— Bibiliya ivuga yuko hasanganguwe ‘isi y’abatubaha Imana’. Urabona kandi ko Nowa yitwa “umwigisha”. Wibaza yuko yigisha iki?— Nowa yaburira abantu ku bijanye n’umuhero w’ ‘isi ya kera’.
Igihe Yezu yavuga ibijanye na wa Mwuzure uhambaye, yabwiye abigishwa biwe ivy’abantu bariko barakora imbere gato y’uko umuhero ubashikako. Ehe raba ivyo yababwiye: “Mu misi umwuzure utaribgatere: [abantu] bārarya, bāranywa, bārarongora, bārashingira, bageza kuri wa musi Nowa yinjiye muri bga bgato, ntibagira ico bamenya kugeza ah’umwuzure waziye ubatwara bose”. Yezu yaciye avuga ko abantu bobaye bariko barakora ibintu nk’ivyo nyene imbere y’uko umuhero w’iyi si ushika.—Matayo 24:37-39, ni twe tubihiritse.
Kigabane c’10 c’iki gitabu, woba wibuka ivyo abo bantu bakora?— Bamwebamwe baricana bakongera bagakora ibintu biranga ubukazi. Ariko abandi bantu benshi, Yezu yavuze yuko batumvirije Nowa igihe Imana yamurungika kubigisha.
Ivyo Yezu yavuze biratwereka ko dushobora kugira ico twigiye ku vyo abantu bariko barakora imbere y’uko Umwuzure utera. Ukurikije ivyo wasomye muMaze harashitse igihe Yehova abwira Nowa ko agiye guhonya abantu babi akoresheje umwuzure. Amazi yari kurengera isi yose uko ingana dushizemwo n’imisozi. Yehova yaciye abwira Nowa ngo yubake ubwato bunini cane. Bwari bumeze nk’igisandugu kinini kandi kirekire, nk’uko ushobora kuvyibonera ku rupapuro rw’238.
Imana yabwiye Nowa kwubaka ubwato bunini cane kugira ngo we hamwe n’umuryango wiwe be n’ibikoko vyinshi barokokere muri ubwo bwato. Nowa n’umuryango wiwe barakoresheje inguvu nyinshi. Baraciye ibiti bininibinini, maze bakoresheje imbaho batangura kwubaka ubwo bwato. Ivyo vyamaze imyaka myinshi, emwe myinshi cane kubera ko ubwo bwato bwari bunini cane.
Woba wibuka ikindi kintu Nowa yariko arakora muri iyo myaka yose yamaze ariko yubaka ubwo bwato?— Yariko arigisha abantu, ababurira ku vyerekeye Umwuzure wari wimirije gutera. None muri abo bantu hoba hari umuntu n’umwe yumviye iyo mburizi? Nta n’umwe kiretse gusa umuryango wa Nowa. Abasigaye bari batwawe n’ibindi bintu. Woba wibuka ivyo Yezu yavuze ko bariko barakora?— Bari batwawe no kurya no kunywa be no kurongora. Ntibigeze biyumvira ko ari abantu babi, bituma badafata umwanya wo kwumviriza Nowa. Reka turabe rero ivyabashikiye.
Nowa n’umuryango wiwe bahejeje kwinjira mu bwato, Yehova yaciye yugara urugi. Abantu bari hanze babandanije kutemera ko Umwuzure ugiye gutera. Mugabo baza babona amazi atanguye kugwa avuye mu kirere! Ntiyari imvura isanzwe. Yari imvura y’isegenya! Matayo 24:39; Itanguriro 6:5-7.
Mu kanya gato amazi yari amaze kungana n’uruzi runini, rusuma cane. Nya mazi ararandura ibiti bininibinini arongera aratembagaza ibibuye bininibinini nk’aho umenga ni utubuye dutoyi. None abantu batari mu bwato bobo vyabagendeye gute?— Yezu avuga ati: ‘Umwuzure waraje ubatwara bose’. Abantu bose batari mu bwato barapfuye. Kubera iki?— Nk’uko Yezu yabivuze ‘nta vyo bamenye’. Ntibumviye imburizi!—Niwibuke yuko Yezu yavuze ko ivyashikiye abo bantu bitwigisha muri iki gihe. None bitwigisha iki?— Urumva, abantu ntibasanganguwe gusa kubera ko bari babi, ariko kandi kubera ko benshi bari batwawe n’ibikorwa vyabo, ntibafashe umwanya wo kwiga ivyerekeye Imana be n’ivyo yari igiye gukora. Turakeneye kwiyubara kugira ngo ntitumere nka bo, si vyo none?—
Wibaza none ko Imana izosubira guhonya isi ikoresheje umwuzure?— Oya, Imana yasezeranye ko itazosubira guhonya isi ikoresheje umwuzure. Yavuze iti: ‘Nshinze umunywamazi wanje ku gicu, uzoba ikimenyetso’. Yehova yavuze yuko uwo munywamazi wobaye ikimenyetso c’uko ‘amazi atazosubira kuba umwuzure wo guhonya ibifise umubiri vyose’.—Itanguriro 9:11-17.
Turashobora rero kwemera tudakeka yuko Imana itazokwigera isubira guhonya isi ikoresheje umwuzure. Yamara, nk’uko twabibonye,
Bibiliya iravuga ivy’umuhero w’isi. None Imana niyahonya isi, ni bande izorokora?— Yoba izorokora abantu bazoba bararajwe ishinga n’ibindi bintu ku buryo batigeze bashaka kwiga ivyerekeye Imana? Yoba izorokora abantu bazoba barabandanije kwitwararika ivyo kwiga Bibiliya? None wewe uvyibazako iki?—Dushaka kuba mu bo Imana izorokora, si vyo none?— Ntivyoba ari vyiza cane none umuryango wacu ubaye nk’uwa Nowa maze Imana ikaturokora twese?— Nimba dushaka kuzorokoka uwo muhero w’isi, dukeneye gutahura ingene Imana izohonya isi maze ikazana isi yayo nshasha igororotse. Reka turabe ingene izobikora.
Bibiliya iraduha inyishu muri Daniyeli ikigabane ca 2, umurongo wa 44. Ico canditswe kiravuga ivyerekeye iki gihe turimwo. Kivuga kiti: “Ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose”.
None ivyo urabitahura?— Bibiliya ivuga yuko intwaro y’Imana igiye gusangangura intwaro zose zo kw’isi. Kubera iki?— Kubera ko izo ntwaro zitagamburukira uwo Imana yatoye ngo abe Umwami. Uwo na we ni nde?— Ni Yezu Kirisitu!
Yehova Imana arafise uburenganzira bwo gushiraho intwaro ikwiye kuganza. Ni co gituma yatoye Umwana wiwe Yezu ngo abe Umwami. Ubu bwa vuba, Umutware Imana yatoye ari we Yezu Kirisitu, ni we azoja imbere mu gusangangura izo ntwaro zose z’iyi si. Mu Vyahishuriwe ikigabane c’19 umurongo wa 11 gushika ku wa 16, Bibiliya ivuga ko Yezu azosangangura intwaro zose nk’uko nyene iyi shusho ivyerekana. Muri Bibiliya, intambara y’Imana izosangangura intwaro zose zo muri iyi si, yitwa Harumagedoni.
Turabonye yuko Imana ivuga ko Ubwami bwayo buzosangangura Ivyahishuriwe 16:14, 16). Ego cane, Harumagedoni ni intambara y’Imana, kandi Imana izokoresha Yezu Kirisitu kugira ngo arongore ingabo zo mw’ijuru muri urwo rugamba. None iyo ntambara ya Harumagedoni yoba iri hafi? Reka turabe ingene twobimenya.
intwaro z’abantu. Mugabo none, yoba idusaba kuzisangangura?— Oya. Muri Bibiliya, Harumagedoni yitwa “intambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose” (Dusomere hamwe ivy’igihe Imana izokuraho abanyakibi bose maze ikarokora abantu bayikorera, mu Migani 2:21, 22; Yesaya 26:20, 21; Yeremiya 25:31-33; no muri Matayo 24:21, 22.