Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikigabane ca 17

Uburyo bwo kugira agahimbare

Uburyo bwo kugira agahimbare

Ni kubera iki Yehova ari “Imana ihimbawe”?

TWESE turashaka guhimbarwa, si ko?— Mugabo si abantu benshi bahimbawe vy’ukuri. Urazi igituma?— Ni kubera ko batamenye akabanga ko kuronka agahimbare. Biyumvira yuko kuronka ibintu vyinshi ari bwo buryo bwo kugira agahimbare. Mugabo igihe baronse ivyo bintu, agahimbare bagira ntikaramba.

Ngaka akabanga nyako k’ukugira agahimbare. Wa Mwigisha Ahambaye yavuze ati: ‘Haraba agahimbare kenshi mu gutanga kuruta guhabwa’ (Ivyakozwe 20:35). None, uburyo bwo kugira agahimbare ni ubuhe?— Emwe, ni mu guha abandi ibintu no mu kubakorera ibintu. Ivyo wari ubizi?—

Reka tuvyiyumvire kandi gatoyi. Yezu yoba yavuze yuko umuntu yaronse akantu bamugabiye atohimbarwa?— Oya, ivyo nta vyo yavuze. Urashima kuronka utuntu bakugabiye, si ko?— Bose barabishima. Turahimbarwa iyo turonse utuntu twiza.

Mugabo Yezu yavuze yuko iyo dutanze tugira agahimbare kenshi kuruta. None ni nde wibaza yuko yahaye abantu ibintu vyinshi kuruta uwundi muntu uwo ari we wese?— Emwe, ni Yehova Imana.

Bibiliya ivuga yuko Imana ‘iha bose ubuzima, no guhumeka, n’ibintu vyose’. Iraduha imvura igwa ivuye mw’ijuru, ikaduha n’umuco w’izuba, ku buryo ibiterwa bimera hanyuma tukaronka ibifungurwa (Ivyakozwe 14:17; 17:25). Ntibitangaje kuba Bibiliya yita Yehova ‘Imana ihimbawe’ (1 Timote 1:11, UB). Guha abandi ni kimwe mu bintu bituma Imana ihimbarwa. Kandi igihe dutanze, birashobora gutuma na twebwe duhimbarwa.

Ni igiki gishobora gutuma uhimbarwa kuruta gufungura ibitumbura vyawe wenyene?

None, ni ibiki dushobora guha abandi bantu? Wewe wovuga ko ari ibiki?— Rimwe na rimwe usanga ibintu twobagabira bisaba ko tubigura amahera. Nimba ari ikintu ukura kw’iduka, uzobwirizwa kukigura amahera. Nimba rero ushaka kugabira umuntu ikintu mwene ico, vyoshobora kugusaba ko uza urabika amahera gushika uronse ayo kigurwa.

Mugabo ivyo twotanga vyose si ngombwa ngo bibe ibiva kw’iduka. Nk’akarorero, iyo hashushe, agakombe k’amazi usanga karyoshe vy’ukuri! Igihe rero iyo ngabirano uyihaye umuntu anyotewe, urashobora guhimbarwa kubera uba utanze.

Umusi umwe, hari aho wewe na nyoko wawe mwoteka ibitumbura. Ico kintu coba gihimbaye. Mugabo ni igiki woshobora gukora kuri bimwebimwe muri nya bitumbura coshobora gutuma uhimbarwa mbere kuruta ukubirya vyose wenyene?— Woshobora guha bikeyi umwe mu bagenzi bawe. Woba ushaka kuzobigira umusi umwe?—

Wa Mwigisha Ahambaye hamwe n’intumwa ziwe, bose bari bazi agahimbare kava ku gutanga. Urazi ico bahaye abandi bantu?— Babahaye ikintu ciza cane kuruta ibindi bintu vyose bibaho kw’isi! Bari bazi ukuri kwerekeye Imana, hanyuma barabwira abandi bantu iyo nkuru nziza n’umunezero mwinshi. Ivyo barabikoze ata n’umwe basavye ngo abahe amahera ku bw’ivyo babahaye.

Umusi umwe intumwa Paulo hamwe n’umugenzi wiwe bakundana cane, akaba yari umwigishwa Luka, barahwanye n’umugore na we nyene yashaka kugira agahimbare k’ugutanga. Bahuriye ahantu hepfo, hakaba hari ku ruzi. Paulo na Luka bagiyeyo kubera ko bari bumvise ko hari ahantu ho gusengera. Kandi koko, bashitseyo, bahasanze abagore bariko barasenga.

Paulo yaciye atangura kubwira abo bagore inkuru nziza yerekeye Yehova Imana be n’Ubwami bwiwe. Umwe muri bo yitwa Ludiya, yarateze amatwi yitonze. Mu nyuma, Ludiya yashatse kugira ikintu akoze kugira ngo yerekane yuko yari yashimye vy’ukuri inkuru nziza yari yumvise. Uwo mugore yasavye Paulo na Luka ati: ‘Asangwa mubonye ko ndi umwizigirwa kuri Yehova, nimuze iwanje, mucumbikeho’. Yaciye abajana iwe.—Ivyakozwe 16:13-15.

Ludiya ariko abwira iki Paulo na Luka?

Ludiya yaragize umunezero kubona abo basuku b’Imana bari i muhira iwe. Yarabakunze kubera ko bamufashije kumenya ivyerekeye Yehova na Yezu, be n’ivyerekeye ukuntu abantu boshobora kubaho ibihe bidahera. Vyatumye ahimbarwa no kubona ashoboye guha Paulo na Luka ivyo bafungura be n’aho baruhukira. Ugutanga kwa Ludiya rero kwatumye ahimbarwa, kubera ko yashaka vy’ukuri gutanga. Ico ni ikintu tubwirizwa kwibuka. Umuntu ashobora kutubwira yuko tubwirizwa kugira ico dutanze. Mugabo nimba vy’ukuri tutabishaka, ukwo gutanga ntikuzotuma duhimbarwa.

Ni kuki Ludiya ahimbawe no guha Paulo na Luka ivyo bakeneye?

Nk’akarorero, bite nka hamwe woba ufise umukate ushaka kurya? Nka hamwe nokubwira yuko ubwirizwa guhako uwundi mwana, wohimbarwa no guheba ico kimanyu?— Mugabo wokora iki mu gihe woba ufise umukate igihe uhuye n’umugenzi ukunda cane? Hamwe ari wewe ubwawe woba wiyumviriye kuwumuhako, ivyo none ntivyotuma uhimbarwa?—

Rimwe na rimwe turakunda umuntu cane ku buryo twumva dushaka kumuha ikintu ico ari co cose, ntidushake kugira ikintu na kimwe twigungirako. Ukwo ni ko dukwiye kwumva tumerewe ku vyerekeye Imana uko tuza turarushiriza kuyikunda.

Ni kubera iki uyu mugore w’umukene yari ahimbawe no gutanga ivyo afise vyose?

Wa Mwigisha Ahambaye yari azi umugore umwe w’umukene yari afise urukundo nk’urwo. Yamubonye ku rusengero i Yeruzalemu. Uwo mugore yari afise uduceri tubiri gusa; ni two yari asigaranye twonyene. Mugabo yaradutereye twose mw’isandugu ngo tube intererano canke ingabirano, ku bw’urusengero. Nta n’umwe yamuhase ngo abigire. Benshi mu bantu bari bahari ntibanamenye ico akoze. Yabigize kubera ko yashaka kubigira, be no kubera yuko yakunda Yehova vy’ukuri. Vyatumye ahimbarwa no kubona ashoboye gutanga.—Luka 21:1-4.

Hari uburyo bwinshi bwo gutanga. Woshobora kwiyumvira bumwe muri bwo?— Dutanze kubera ko tubishaka vy’ukuri, tuzohimbarwa. Ico ni co catumye wa Mwigisha Ahambaye atubwira ati: “Mutange” (Luka 6:37). Nitwabigira, tuzotuma abandi bantu bahimbarwa. Kandi natwe, tuzohimbarwa kurusha abandi bantu bose!

Reka dusome ibindi vyerekana ukuntu ugutanga kuzana agahim- bare, muri Matayo 6:1-4; Luka 14:12-14; no mu 2 B’i Korinto 9:7.