Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikigabane ca 35

Turashobora gukanguka tukava mu rupfu!

Turashobora gukanguka tukava mu rupfu!

NITWAPFA, Imana yoba izogira umutima ukunze wo kutuzura, ni ukuvuga, gusubira kutugira bazima?— Wa muntu mwiza Yobu, yaremera ko Imana ifise umutima ukunze wo kubigira. Ni co gituma igihe Yobu yiyumvira ko agira apfe yabwiye Imana ati: ‘Uzompamagara ndakwitabe’. Yobu yavuze yuko Yehova Imana yogize icipfuzo canke umutima ukunze wo kumuzura.—Yobu 14:14, 15.

Yezu ameze neza na neza nka Se wiwe Yehova Imana. Yezu arafise umutima ukunze wo kudufasha. Igihe umugabo umwe yari arwaye imibembe yamubwira ngo ‘ukunze, woshobora kumpumanura’, Yezu yishuye ati: “Ndakunze”. Maze arakiza nya muntu, imibembe iramuvako.—Mariko 1:40-42, ni twe tubihiritse.

Yezu yarigiye kuri Se wiwe gukunda abana. Kera cane, incuro zibiri Yehova yarakoresheje abasavyi biwe mu kuzura abana bato. Eliya yaratakambiye Yehova ngo azure umwana w’umugore yari yarakiriye neza Eliya. Kandi Yehova yaramuzuye. Yehova kandi yarakoresheje umusavyi wiwe Elisa mu kuzura agahungu gatoya.—1 Abami 17:17-24; 2 Abami 4:32-37.

None ntibiteye umunezero mwinshi kumenya yuko Yehova adukunda cane?— Ntatuzirikana gusa igihe turi bazima. Aranatwibuka iyo bishitse tugapfa. Yezu yavuze yuko Dawe wa twese abona ko mbere n’abapfuye akunda ari bazima (Luka 20:38)! Bibiliya ivuga yuko ‘naho rwoba urupfu, canke ubuzima, canke ibiriho, canke ibizoba, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana’.—Abaroma 8:38, 39.

Igihe Yezu yari kw’isi, yarerekanye yuko Yehova yitwararika abana batoyi. Uribuka yuko Yezu yafata umwanya wo kuganirira abana ivyerekeye Imana. Mugabo woba uzi yuko Imana yahaye Yezu ububasha bwo kuzura abakiri bato mu bapfuye?— Reka tuganire ivyerekeye igihe Yezu yazura umwigeme w’imyaka 12, akaba yari umwana w’umugabo umwe yitwa Yayiro.

Yayiro yabana n’umukenyezi wiwe be n’umwana wabo w’ikinege mu micungararo y’Ikiyaga c’i Galilaya. Umusi umwe, uwo mwigeme akiri muto ararwara araremba, maze Yayiro abona ko nya mwigeme agira apfe. Yayiro atangura kwiyumvira Yezu, wa muntu w’igitangaza yari yumvise ko ashobora gukiza abantu. Nuko rero Yayiro aja kumurondera. Asanga Yezu ku nkombe y’Ikiyaga c’i Galilaya, ariko yigisha abantu benshi.

Yayiro yironderera inzira mu bantu benshi araheza yikubita imbere y’ibirenge vya Yezu. Abwira Yezu ati: ‘Akana kanje k’agakobwa kararwaye cane. Ndagusavye uze kugafasha. Ndakwinginze nuze’. Buno nyene, Yezu aca ajana na Yayiro. Abantu benshi baje kuraba uwo Mwigisha Ahambaye na bo nyene barabakurikira. Mugabo bamaze kugira urugendo rutari ruto, haza abantu bavuye ku rugo kwa Yayiro baramubwira bati: “Wa mwana wawe aracīkānye, uracagorera iki Umwigisha?”.

Yezu arumva ivyo nya bagabo bavuze. Arazi ingene Yayiro ababaye kubera abuze umwana wiwe w’ikinege. Ni co gituma aca amubwira ati: ‘Ntutinye, pfa gusa kwizera Imana, umwigeme wawe arakira’. Babandanya kugenda gushika bashitse ku nzu ya Yayiro. Ngaho abagenzi b’uwo muryango bariko bararira. Baratuntuye kubera yuko akagenzi kabo kapfuye. Mugabo Yezu ababwira ati: ‘Sigaho kurira. Aka kana ntikapfuye, mugabo karasinziriye’.

Yezu avuze ivyo, abantu batangura gutwenga, kubera yuko bazi ko nya kigeme kapfuye. None, wiyumvira ko ari kubera iki Yezu avuga yuko nya kigeme gasinziriye?— Wiyumvira ko ashaka kwigisha abo bantu ikihe cigwa?— Ashaka ko bamenya yuko urupfu rushobora kumera nk’itiro rinini. Ashaka kubigisha yuko biciye ku bubasha bw’Imana, bitomugora kuzura uwapfuye, nka kurya nyene dushobora gukangura umuntu asinziriye bitatugoye.

Yezu asaba abantu bose kuva muri iyo nzu kiretse intumwa ziwe Petero, Yakobo na Yohani be na se hamwe na nyina ba nya kigeme. Hanyuma yinjira aho nya kana kari. Agafata ukuboko maze avuga ati: ‘Gakobwa, vyuka!’. Buno nyene gaca karavyuka gatangura kugendagenda! Se wako na nyina wako baca bagira umunezero mwinshi.—Mariko 5:21-24, 35-43; Luka 8:40-42, 49-56.

Ubu na ho niwiyumvire gato. Kubera ko ako kigeme Yezu yashoboye kukazura kagasubira kuba kazima, yoba ashobora kuzura n’abandi?— Wiyumvira yuko azobigira koko?— Egome, azobigira. Yezu yivugiye ati: “Igihe kija kuza, ah’abari mu mva bose bazokwumvira ijwi [ryanje], bakazivamwo”.—Yohana 5:28, 29.

Wiyumvira yuko Yezu afise umutima ukunze wo kuzura abantu?— Hari akandi karorero ko muri Bibiliya kadufasha kwishura ico kibazo. Ivyashitse umusi umwe mu micungararo y’igisagara ca Nayini birerekana ingene Yezu yumva amerewe abonye abantu batuntuye bari ku maziko.

Umugore umwe ari mu murongo w’abagiye ku maziko bagiye gufuba umuhungu wiwe, iryo shengero rikaba rivuye i Nayini. Haciye igihe gitoyi umugabo wiwe apfuye, ubu na ho umwana wiwe w’ikinege akaba yapfuye. Ese ukuntu ababaye! Benshi mu bantu b’i Nayini barakurikira igihe ikiziga c’umuhungu wiwe bakijanye inyuma y’ico gisagara. Nya mugore ariko ararira, kandi abantu babuze ingene bamwirura.

Kuri uwo musi, Yezu n’abigishwa biwe bariko baza berekeza mu gisagara c’i Nayini. Bashitse hafi y’irembo ry’igisagara, bahura na rya shengero rigiye guhamba umuhungu wa nya mugore. Yezu abonye uwo mugore ariko ararira, amutera akagongwe. Umutima wiwe uterwa ikigongwe n’umubabaro ukomeye uwo mugore arimwo. Ashaka kumufasha.

Nuko amubwirana ikibabarwe, yamara adafyina bituma uwo mugore amwumviriza. Amubwira ati: “Nta co urira”. Ukuntu avyifashemwo n’ivyo agize bitumye abantu bose bamutamarira. Igihe Yezu aja ku kiziga, bose bategerezwa kuba bibaza ico agira akore. Yezu ategeka ati: “Muhungu, ndakubariye nti Vyuka”! Buno nyene, aca aravyuka aricara! Maze atangura kuvuga.—Luka 7:11-17.

Iyumvire ukuntu nya mugore ategerezwa kuba yarumvise amerewe! Wokwumva umerewe gute usubiye kwakira umuntu ukunda yari yarapfuye?— None ivyo ntivyerekana yuko Yezu akunda abantu koko be n’uko afise umutima ukunze wo kubafasha?— Iyumvire gato ingene bizoba biteye umunezero cane mw’isi nshasha y’Imana kwakira abantu basubiye kubaho!—2 Petero 3:13; Ivyahishuriwe 21:3, 4.

Ico gihe bamwebamwe mu bazozuka bazoba ari abantu twari tuzi kera, harimwo n’abana. Tuzobamenya nka kurya nyene Yayiro yaciye amenya umwigeme wiwe aho Yezu amuzuriye. Abandi bazoba ari abantu bamaze imyaka amajana n’amajana canke ibihumbi n’ibihumbi barapfuye. Ariko naho nyene hazoba haciye igihe kirekire bapfuye, Imana ntizobibagira.

None ntibiteye umunezero cane kumenya yuko Yehova Imana be n’Umwana wiwe Yezu, badukunda cane gutyo?— Bashaka ko tubaho, atari imyaka mikeyi gusa, mugabo bashaka ko tubaho ibihe bidahera!

Ku vyerekeye icizigiro c’akaroruhore kiri muri Bibiliya cerekeye abapfuye, turakwinginze usome Yesaya 25:8; Ivyakozwe 24:15; na 1 Ab’i Korinto 15:20-22.