Ikigabane ca 43
Abo tuvukana ni bande?
IGIHE kimwe wa Mwigisha Ahambaye yarabajije ikibazo gitanganje. Ico kibazo cari iki: “Mama ni nde? Canke bene mama ni ba nde?” (Matayo 12:48). None ico kibazo wari gushobora kucishura?— Kumbure urazi yuko nyina wa Yezu yitwa Mariya. Ariko none woba uzi amazina ya benewabo na Yezu?— Yoba yari afise na bashikiwe?—
Bibiliya ivuga yuko benewabo na Yezu bitwa “Yakobo na Yosefu na Simoni na Yuda”. Yezu kandi yari afise bashikiwe bariho igihe yamamaza inkuru nziza. Kubera Yezu yari umwana w’imfura, abo bose bari batoyi biwe.—Matayo 13:55, 56; Luka 1:34, 35.
Benewabo na Yezu boba na bo nyene bari abigishwa biwe?— Bibiliya ivuga yuko mu ntango “batāmwizera” (Yohana 7:5). Ariko rero, mu nyuma Yakobo na Yuda barabaye abigishwa biwe, kandi mbere hariho ibitabu vya Bibiliya banditse. Woba uzi ibitabu banditse ivyo ari vyo?— Banditse igitabu citwa Yakobo n’icitwa Yuda.
Naho amazina ya bashiki ba Yezu atavugwa muri Bibiliya, turazi yuko yari afise n’imiburiburi babiri. Ariko rero, ashobora kuba yari afise n’abandi. None abo bashikiwe barabaye abayoboke biwe?— Bibiliya nta vyo ivuga. Ni co gituma ata vyo tuzi. Ariko none woba uzi igituma Yezu yabajije ca kibazo ngo: “Mama ni nde? Canke bene mama ni ba nde?”.— Reka tubirabe.
Igihe Yezu yariko arigisha abigishwa biwe, haraje umuntu amuciramwo maze amubwira ati: “Umuvyeyi wawe na barumuna bawe bahagaze hanze, baragomba ko mubonana”. Yezu yaciye akoresha ako
karyo kugira ngo yigishe icigwa gihambaye mu kubaza ca kibazo gitangaje ati: “Mama ni nde? Canke bene mama ni ba nde?”. Yaciye aramvura ukuboko yerekana abigishwa biwe, maze yishura ico kibazo mu kuvuga ashimitse ati: “Ngaba mama na bene mama”!Yezu yaciye asigura ico ashaka kuvuga, ati: “Umuntu wese akora ivyo Data wo mw ijuru agomba [ni] we murumunanje na mushikanje na mama” (Matayo 12:47-50). Ivyo birerekana ukuntu Yezu yakunda abigishwa biwe. Yariko aratwigisha yuko kuri we, abigishwa biwe bari nka benewabo, bashikiwe be na ba nyina wiwe b’ukuri.
Muri ico gihe benewabo na Yezu ari bo Yakobo, Yozefu, Simoni na Yuda ntibemera yuko Yezu ari Umwana w’Imana. Bategerezwa kuba batari baremeye ivyo umumarayika Gaburiyeli yari yarabwiye nyina wabo (Luka 1:30-33). Bashobora rero kuba batakunda Yezu. Umuntu wese agira ikintu nk’ico ntaba ari uwo muvukana vy’ukuri. Woba uzi umuntu kanaka adakunda abo bivukana?—
Bibiliya iravuga ivyerekeye Esau na Yakobo be n’ukuntu Esau yashavuye cane gushika n’aho avuga ati: “Nzokwica murumunanje Yakobo”. Nyina wabo Rebeka, yaragize ubwoba gushika n’aho ahungisha Yakobo kugira ngo Esau ntamwice (Itanguriro 27:41-46). Ariko rero, haciye imyaka myinshi Esau yarahindutse, maze agwa mu nda Yakobo yongera aramusoma.—Itanguriro 33:4.
Ico gihe Yakobo yari afise abahungu 12. Mugabo abana ba Yakobo bakuru ntibakunda mutoyi wabo Yozefu. Baramugirira ishari kubera yuko se wabo yamukunda cane. Baciye bamugurisha ku bantu bagurisha abashumba bari bagiye mu Misiri. Hanyuma babwira se wabo yuko igikoko co mw’ishamba camuriye (Itanguriro 37:23-36). Wumva bitari biteye ubwoba?—
Mu nyuma, benewabo na Yozefu barasavye ikigongwe kubera ivyo bari barakoze. Maze Yozefu arabagirira ikigongwe. Woba utahura ingene Yozefu yari ameze nka Yezu?— Intumwa bwite
za Yezu zaramutaye igihe yari mu magogwa, eka mbere na Petero aramwihakana. Yamara, nk’uko Yozefu yabigize, Yezu yarabagiriye ikigongwe bose.Reka tuvuge ivy’abandi bavukana babiri ari bo Kayini na Abeli. Na bo nyene turashobora kugira ico tubigiyeko. Imana yarabonye mu mutima wa Kayini yuko atakunda vy’ukuri mwenewabo. Kubera ico, Imana yaciye ibwira Kayini yuko akwiye guhindura iyo nyifato. Iyo Kayini aba vy’ukuri akunda Imana, yari kwumvira iyo mpanuro. Ariko ntiyakunda Imana. Umusi umwe Kayini abwira Abeli ati: ‘Ingo dusohoke tuje mu gahinga’. Abeli ajana na Kayini. Bashitse muri ako gahinga ari bonyene, Kayini akubita mwenewabo cane gushika n’aho amwica.—Itanguriro 4:2-8.
Bibiliya itubwira yuko hari icigwa kidasanzwe ivyo bikwiye kutwigisha. Urazi ico cigwa ico ari co?— ‘Ubu ni bwo butumwa mwumvise uhereye mbere na mbere, ngo dukundane; ntiduse na Kayini yari uwa wa Mubi’. Rero abavukana bakwiye gukundana. Ntibakwiye kuba nka Kayini.—1 Yohana 3:11, 12.
Ni kubera iki vyoba ari bibi kumera nka Kayini?— Ni kubera yuko Bibiliya ivuga ko Kayini ‘ari uwa wa Mubi’ Shetani Murwanizi. Kubera ko Kayini yakoze nka Shetani, ni nk’aho Shetani yari se wiwe koko.
Woba utahura igituma bihambaye gukunda abo muvukana?— Mu gihe utobakunda, woba uriko wigana abana ba nde?— Woba uriko urigana abana ba Shetani. None wokwipfuza kumera gutyo?— Mbega wokwerekana gute ko ushaka kuba umwana w’Imana?— Wovyerekana mu gukunda vy’ukuri abo muvukana.
Ariko none urukundo ni iki?— Urukundo ni inyiyumvo ikomeye yo mu mutima ituma twipfuza gukorera abandi bantu ibintu vyiza. Twerekana ko dukunda abandi igihe tubabona neza n’igihe tubakorera ibintu vyiza. None abo tuvukana dukwiye gukunda ni
bande?— Ibuka yuko Yezu yigishije ko ari abagize umuryango wose w’Abakirisu.None gukunda abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bihambaye ku rugero rungana iki?— Bibiliya ivuga iti: “Ūdakunda [umuvukanyi wiwe canke umuvukanyikazi wiwe] yabonye ntashobora gukunda Imana atābonye” (1 Yohana 4:20). Rero ntidukwiye gukunda gusa bakeyi mu bagize umuryango w’abakirisu. Dutegerezwa kubakunda bose. Yezu yavuze ati: “Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje” (Yohana 13:35). Woba ukunda abavukanyi n’abavukanyikazi bose?— Niwibuke yuko mu gihe utabigira, udashobora vy’ukuri kuba ukunda Imana.
Dushobora gute kwerekana ko dukunda vy’ukuri abavukanyi n’abavukanyikazi bacu?— Urumva, niba tubakunda, ntituzokwanka kubegera ngo n’uko tudashaka kubayagisha. Bose tuzobagirira umutima mwiza. Tuzokwama tubagirira neza kandi tuzogira umutima ukunze wo gusangira na bo ivyo dufise. Kandi no mu gihe boba bashikiwe n’ingorane, tuzobafasha kubera yuko tugize vy’ukuri umuryango munini.
None igihe dukunda vy’ukuri abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bose, vyerekana iki?— Vyerekana ko turi abigishwa ba Yezu wa Mwigisha Ahambaye. None ntidushaka kuba abigishwa ba Yezu?—
Kugaragariza urukundo abavukanyi n’abavukanyikazi bacu biravugwa kandi mu B’i Galatiya 6:10 no muri 1 Yohana 4:8, 21. Turakwinginze uzingurure Bibiliya yawe maze usome ivyo vyanditswe.