Ibimenyeshejwe abavyeyi
Ibimenyeshejwe abavyeyi
Ku wukiri muto, kurengana ikiringo c’ubuyabaga vyoshobora gusa no kujabuka uruzi uciye ku mugogo. Igihe cose ateye intambwe, yoshobora kwumva impungenge canke mbere akagira ubwoba. Kubera ko uri umuvyeyi, rimwe na rimwe woshobora kwumva umengo womusimbisha ico kiringo. Birumvikana ko ivyo bidashoboka, ariko urashobora kumubera nk’ikintu yishimikiza. Ni wewe ushoboye kuruta abandi bose gufasha umwana wawe kugira ntatirimuke maze arengane ico kiringo, aheze abe umuntu akuze yitwararika ibintu.
Wohava ugira uti: ‘Kubivuga vyo biroroshe!’ Ivyo ni vyo. Woshobora kubona umengo nta gihe kinini kihaciye umwana wawe ari akana kaciga gutambuka kavuga utujambo twinshi, ariko ubu akaba ari umuyabaga ahoze, adashaka kukuvugisha. Nta gihe kinini kihaciye, umukobwa wawe ntiyashaka kukuva inyuma, mugabo ubu aricwa n’isoni iyo abandi bamubonye muri kumwe!
Ariko rero, si ngombwa ngo wumve ko ata co ushoboye igihe ubonye ayo mahinduka. Urafise isôko ushobora kuvomamwo impanuro ziranga ubukerebutsi zishobora kubafasha wewe n’umwana wawe. Iryo sôko ni Ijambo ry’Imana Bibiliya.
Igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro (Igitabu ca 2), kigenewe kuronsa umwana wawe impanuro nziza cane zishingiye kuri Bibiliya. Utereje akajisho ku rupapuro rwa 4 n’urwa 5 urahasanga urutonde rw’ivyiyumviro birimburwa. Ariko rero, iki gitabu kizogufasha no mu bundi buryo. Rimbura ibikurikira:
(1) Gituma umusomyi agira uruhara. Mu bibanza bitari bike, umwana wawe azoremeshwa kwandika inyishu n’ico yiyumvira ku bibazo no ku vyiyumviro bitandukanye. Nk’akarorero, uruzitiro ruvuga ngo “Guhangana n’akosho k’urunganwe” ruri ku rupapuro rwa 132 n’urwa 133 ruzofasha umwana wawe kuzirikana ku ngorane ahura na zo no ku kuntu yozifatamwo. Vyongeye, kimwekimwe cose mu bihimba icenda vy’iki gitabu gisozerwa n’uruzitiro ruvuga ngo “Aho niyandikira utuntu,” umwana wawe akaba ashobora kuhandika ivyo yiyumvira be n’ukuntu yiyumva ku bijanye n’ivyarimbuwe muri ico gihimba.
(2) Kiraremesha umusomyi guserura iryo agona. Nk’akarorero, ku rupapuro rwa 63 n’urwa 64 hariho uruzitiro ruvuga ngo “Noganira gute na papa canke mama ibijanye n’igitsina?” Vyongeye, ikigabane kimwekimwe cose gisozerwa n’uruzitiro ruvuga ngo “Uvyibazako iki?” Urwo ruzitiro si isubiramwo gusa ariko rurashobora no gukoreshwa mu kiyago co mu muryango. N’ikindi kandi, mu kigabane kimwekimwe cose harimwo uruzitiro ruvuga ngo “Ico ntegekanya gukora!” Iciyumviro ca nyuma c’urwo ruzitiro gisaba uwukiri muto guheraheza iryungane rigira riti: “Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni . . .” Ivyo bizoremesha abakiri bato kwitura abavyeyi babo kugira babaronse impanuro nziza uko baca kuri wa mugogo w’ubuyabaga.
Impanuro: Kugira ufashe umwana wawe w’umuyabaga kwandika mu gitabu ciwe yisanzuye, numureke hagire ivyo agira akabanga. Mu nyuma yoshobora kugira ico akubwiye kuri ivyo bintu yiyandikiye.
Niwironse igitabu cawe kandi ucimenyereze cane. Igihe ugisoma, nugerageze kwibuka ibintu vyose bitoroshe kandi bitesha umutwe waciyemwo mu buyabaga bwawe. Igihe ubona ko bibereye, nubiyagire uwo mwana wawe. Ivyo bizotuma na we atitinya kukwitura. Igihe ariko arakuyagira, numutege yompi! Bishitse utwigoro ugira ngo muyage ntihagire ico dushikako, ntuce utana n’akabando. Naho yoba yerekana ko atanegwa impanuro umuha, usanga ari zo aha agaciro kuruta izo ahabwa n’urunganwe rwiwe.
Turahimbawe no kubaronsa wewe n’abana bawe iki gitabu gishingiye kuri Bibiliya, kandi dusenga dusaba ko cofasha cane umuryango wanyu.
Abagisohoye