Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nokora iki nimba dukenye?

Nokora iki nimba dukenye?

IKIGABANE CA 20

Nokora iki nimba dukenye?

Gregory ni umusore aba mu Buraya bw’ubuseruko. Ntashobora kugura impuzu canke ivyuma vy’ubuhinga bwa none urundi rwaruka rw’i Buraya rushobora kugura. Arababazwa cane n’ukuntu abayeho ku buryo ashaka kwimukira muri Otrishe. Wibaza ko Gregory akenye?

✎❏ Ego ❏ Oya

Kure y’aho, hari umusore yitwa Loyiso aba mu gasagara ko hagati mu gihugu muri Afrika yo mu bumanuko. Kubera ko Loyiso abana n’umuryango wabo mu kazu k’ivyatsi, aranohokera urwaruka rwo mu gisagara kibanyi rufise ivyo yita ngo ni ibihinda, ni ukuvuga amatara n’amazi. Wovuga ko Loyiso akenye?

❏ Ego ❏ Oya

BIRAGARAGARA ko ijambo “ubukene” ridatahurwa kumwe bivanye n’ahantu umuntu aba. Nk’akarorero, Gregory ashobora kuba abona ko asinzikajwe n’ubukene. Ariko umugereranije na Loyiso, uca ubona ko afise ibihinda. Urakwiye kumenya ko naho woba uri umukene gute, hashobora kuba hariho abandi bakenye kugusumvya. Ariko nimba udafise uduhuzu dusesuka ujana kw’ishure canke ibintu vyankenerwa nk’amazi yo mw’ibombo, hari aho utorema ngo ni uko umenye ko hari abakenye kugusumvya.

Abakiri bato bamwebamwe bakurira mu miryango ikenye babona ko ata co bamaze be n’uko bari inyuma y’abandi, bagaca barondera kuvyiyibagiza mu kunywa inzoga n’ibiyayuramutwe. Ariko rero, ivyo nta kindi bivamwo atari ukwunyura ibintu. Abishinga umwerera ntibateba kubona ko “ukomora nk’inzoka, ukarekura ubumara nk’imamba.” (Imigani 23:32) Umwigeme yitwa Maria wo muri Afrika y’Epfo ava mu muryango ukenye kandi asigaranye umuvyeyi umwe. Avuga ati: “Kugerageza kwiyibagiza ingorane ufise ntibizitorera umuti ahubwo birazunyura.”

Hari aho utoca utangura kunywa inzoga canke ibiyayuramutwe, mugabo ukaba ubona ko ata cizigiro ufise c’uko uzoteba ukagira ubuzima bwiza. None woronderera he imfashanyo? Impanuro ziranga ubukerebutsi zo muri Bibiliya zirashobora kuba nk’urupfunguruzo rukubohora iminyororo y’umwiheburo, zikagushoboza kubona ibintu mu buryo bwiza. Reka tubirabe.

Numenye ivyiza ufise

Ikintu kimwe gihambaye wokora ni ugushimikira ku bintu ufise, aho gushimikira ku vyo udafise. Kuba ufise uburaro n’umuryango ugukunda nta gukeka ko bihambaye kuruta kugira amahera! Umugani umwe wo muri Bibiliya ugira uti: “Icibo c’imboga ahari urukundo kiruta ishūri yagabuririwe mu bwato ikadoha, iri kumwe n’urwanko.” (Imigani 15:17) Urwaruka rukirisu rurifitiye ikintu c’agaciro kadasanzwe, na co kikaba ari ugushigikirwa n’“umuryango wose w’abavukanyi.”​—1 Petero 2:17.

Kumbure woshobora no kugerageza kubona ivyo utunze mu buryo bwiza kuruta. Ego ni ko, ushobora kuba uba mu nzu ibayabaye, canke mbere mu karuri. Ushobora kuba wambara impuzu zishaje, zitabutse canke zitewe ibiremo. Ushobora kandi kuba wipfuza kutama ku ndya imwe. Ariko none, ubwo woba ukeneye impuzu zigezweho canke uburaro buhanitse kugira uhimbare Imana? Woba ukeneye ibifungurwa binoboye kugira ubeho kandi ugire amagara meza? Si ngombwa. Intumwa Paulo yarize icigwa gihambaye muri ivyo. Yari azi ubworo n’ubutunzi ico ari co. (Abafilipi 4:12) None yashitse ku ciyumviro ikihe? Yavuze ati: “Turonse ico turya n’ico twipfuka, biba bimaze.”—1 Timote 6:7, Ubwuzure bushasha.

Umugabo yitwa Eldred wo muri Afrika y’Epfo yakuriye mu muryango ukenye, avuga ati: “Twaratahura ko umuryango wacu wari ufise uburyo buke be n’uko tutashobora kuronka ivyo twipfuza vyose.” Eldred aribuka ko igihe ipantalo yiwe yo kw’ishure yaba itabutse, nyina wiwe yaca ayitera ikiremo, ivyo akaba yabigize incuro n’izindi! Yiyemerera ati: “Naremera bakantwenga. Ariko icari gihambaye ni uko impuzu zacu zaba zisesuka.”

Ntiwisuzugure

Uwitwa James w’imyaka 11 abana na nyina be na mushikiwe mu kagwati k’abakene hafi y’i Johannesburg muri Afrika y’Epfo. Ni nk’aho ata co batunze. Ariko rero, James arabona ko afise ibintu vy’agaciro, ni ukuvuga umwanya n’inguvu, kandi arahimbarwa no kubikoresha mu gufasha abandi. Buri mpera y’umushamvu, James aritanga agafasha kwubaka Ingoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova yo mu karere iwabo. Uretse ko ico gikorwa gituma atarambirwa, kiratuma yumva ko hari ico yashitseko kikongera kigatuma atisuzugura. Avuga ati: “Igihe mba niriwe ndubaka ingoro, numva mpimbawe cane mu mutima!”

Ikindi gikorwa ngirakamaro wokora ni ukwigisha Bibiliya inzu ku nzu. (Matayo 24:14) Urwaruka rw’Ivyabona vya Yehova rwama rugira uruhara muri ico gikorwa. Mu kubigenza gutyo, baba bariko bararonsa abandi icizigiro c’ubuzima bwiza bwo muri kazoza, kandi biratuma barushiriza kutisuzugura no kwumva ko bafise iteka. Ego ni ko ntibaba bariko baca amahera. Ariko niwibuke ubutumwa Yezu yahaye abakirisu bo mw’ishengero rya kera ry’i Simuruna. Bari bakenye cane. Yamara rero, kubera bari bafitaniye n’Imana ubucuti bukomeye, Yezu yababwiye ati: “Ndazi amakuba yawe n’ubworo bwawe​—mugabo uri umutunzi.” Kubera ko bagaragaza ko bizeye amaraso ya Yezu yasheshwe, bohavuye baba abatunzi cane, bakaronka urugori rw’ubuzima budapfa.​—Ivyahishuwe 2:9, 10.

Raba imbere

Waba uri umutunzi canke umukene, urashobora kugiranira na Yehova ubucuti somambike. Bibiliya ivuga iti: “Umutunzi na ntahonikora barahuye. Uwabahinguye bose ni Yehova.” (Imigani 22:2) Ico kintu carafashije Ivyabona vya Yehova ibihumbi bakiri bato kuvyifatamwo neza mu bukene. Baratahura ko agahimbare katava ku vyo umuntu atunze, ahubwo ko kava ku kuba umugenzi wa Yehova Imana, uno akaba aha ikaze abipfuza kumukorera bose. Imana idusezeranira kubaho mw’isi nshasha yimirije, aho ubukene buzoba ari umugani.​—2 Petero 3:13; Ivyahishuwe 21:3, 4.

Mu kurindira, nukoreshe neza ubutunzi ufise. Nuhange amaso kazoza. Niwirundanirize ubutunzi mw’ijuru. (Matayo 6:19-21) Nubone ko ubukene ari ingorane ushobora kwihanganira!

ICANDITSWE NYAMUKURU

“No mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze.”​—Luka 12:15.

IMPANURO

Niwirinde gukina akamari, kunywa itabi canke kunywa inzoga nyinshi. Nimba hari abo mu muryango bafise ingeso nk’izo, nubabere akarorero keza.

WARI UBIZI . . . ?

Gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya birashobora kugufasha kubumbwa n’ivyo ufise naho ivyawe vyoba vyifashe gute.​—Abafilipi 4:12, 13; 1 Timoteyo 6:8; Abaheburayo 13:5.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Mu vyiza mfise harimwo ․․․․․

Nzobifashisha abandi mu gukora ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

Kubera iki ijambo “ubukene” ridatahurwa kumwe?

Kubera iki atari vyiza kunywa ibiyayuramutwe, inzoga canke ibindi bintu kugira wiyibagize ingorane?

Ni ibintu ngirakamaro ibihe wokora vyogufasha kuvyifatamwo neza mu bukene?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 168]

“Naho nabona ko nugarijwe n’ubukene, naratahura ko kwiba kugira ndonke ikimbeshaho ata co vyomfashije. Benshi mu runganwe rwanje bagiye muri iyo ngeso ubu basigaye ari imihimbiri, abaja b’inzoga n’ibiyayuramutwe, canke bakaba bari mw’ibohero.”​—George

Uruzitiro/​amafoto ku rup. 164]

Urupapuro wokwifashisha

Ngende kuba mu muhanga?

Hari abakiri bato bipfuza kuja kuba mu mahanga kugira baronke amahera bifashisha canke bafashisha imiryango yabo. Abandi na bo bajayo kugira bige urundi rurimi, biyongeze amashure, canke kugira bahunge ingorane z’i muhira. Hari abakirisu bakiri bato bimukiye ahakenewe abamamaji b’inkuru nziza. Ingingo yo kwimukira mu kindi gihugu irahambaye kandi ntikwiye gufatwa minenegwe. Ku bw’ivyo, nimba uriko uriyumvira kuja kuba mu mahanga, nusome ivyanditswe biri aho hepfo wongere ubizirikaneko. Niwibaze ivyo bibazo, uheze wandike inyishu zawe ku rupapuro. Nuce ufata ingingo ubanje gusenga.

◻ Amategeko asaba iki?​—Abaroma 13:1.

◻ Bizontwara amahera angana gute?​—Luka 14:28.

◻ Ni ibiki ndiko ndakora ubu vyerekana ko nzoshobora kwitunga ninashika mu mahanga?​—Imigani 13:4.

◻ Ni impanuro izihe nahawe n’abantu bahumuye babaye mu mahanga?​—Imigani 1:5.

◻ Abavyeyi banje babivugako iki?​—Imigani 23:22.

◻ Kubera iki nshaka kuja kuba mu mahanga?​—Abagalatiya 6:7, 8.

◻ Nimba nzobana n’abandi, boba bazondemesha kugumana urutonde rwiza mu bijanye n’ugusenga?​—Imigani 13:20.

◻ Ni ingorane izihe zoshobora kunshikira mu vyo kwigenza runtu, ku mubiri no mu vy’impwemu?​—Imigani 5:3, 4; 27:12; 1 Timoteyo 6:9, 10.

◻ Ata kwibesha, kuja kuba mu mahanga bizonyungura iki?​—Imigani 14:15.

[Ifoto ku rup. 167]

Impanuro zo muri Bibiliya zirashobora kuba nk’urupfunguruzo rukubohora iminyororo y’umwiheburo