Abavyeyi bawe
IGIHIMBA CA 6
Abavyeyi bawe
Abavyeyi baba ari inararibonye. Baba baraciye mu buyabaga, ca kiringo kitoroshe kirangwa n’amahinduka akomeye ku mubiri no mu nyiyumvo. Mu bisanzwe, ni bo bari babereye kukuyobora muri ico kiringo kitoroshe. Ariko rimwe na rimwe ushobora kubona umengo barunyura ingorane zawe aho kuzitorera umuti. Nk’akarorero, ushobora kuba uhanganye n’imwe muri izi ngorane:
□ Abavyeyi banje baguma bankosora.
□ Papa canke mama yariziziwe n’inzoga canke ibiyayuramutwe.
□ Abavyeyi banje bama bashwanye.
□ Abavyeyi banje baravanye.
Ikigabane ca 21-25 bizokwereka ingene wovyifatamwo neza muri izo ngorane no mu zindi.
[Ifoto yuzuye urupapuro rwose, rup. 172, 173]