Privacy Settings

To provide you with the best possible experience, we use cookies and similar technologies. Some cookies are necessary to make our website work and cannot be refused. You can accept or decline the use of additional cookies, which we use only to improve your experience. None of this data will ever be sold or used for marketing. To learn more, read the Global Policy on Use of Cookies and Similar Technologies. You can customize your settings at any time by going to Privacy Settings.

Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Umusi w’urubanza ni iki?

Umuryango uhimbawe kuba usubiye kubonana biciye kw’izuka muri ya myaka igihumbi

Kubera iki umusi w’urubanza ari igihe giteye umunezero?

Mu bihe vya kera, Imana yarakoresheje abacamanza kugira ikize abasavyi bayo agahahazo. (Abacamanza 2:18) Bibiliya yerekana ko Umusi w’urubanza ari igihe giteye umunezero aho Yehova we Mucamanza w’isi yose azokiza abantu agahahazo.Soma Zaburi 96:12, 13; Yesaya 26:9.

Imana yagenye Yezu ngo azocire imanza zigororotse abazima n’abapfuye. (Ivyakozwe 10:42; 17:31) Hari abantu benshi barinze bapfa bataramenya Imana. Mu gihe c’Umusi w’urubanza, Yezu azobazura kugira baronke akaryo ko kumenya Imana y’ukuri no kuyikunda.Soma Ivyakozwe 24:15.

Kubera iki Umusi w’urubanza uzomara imyaka igihumbi?

Abapfuye bazozurwa muri iyo myaka igihumbi. (Ivyahishuwe 20:4, 12) Bazoba bakeneye umwanya kugira bige ivyo Imana ibasaba, bige no kuyigamburukira. Bibiliya yerekana ko abantu bazocirwa urubanza hisunzwe ivyo bazokora bamaze kuzuka, ivyo bikaba bitandukanye n’ivyo abantu benshi biyumvira.Soma Abaroma 6:7.

Bibiliya iravuga ivyerekeye uwundi musi w’urubanza uzoshika bukwi na bukwi, imbere y’uko ya myaka igihumbi itangura. Uwo musi witwa kandi umuhero, ukaba uvugwa mu biganiro bitangura muri iki kinyamakuru. Kuri uwo musi, Imana izorandura ababisha bose kubera batayubaha. (2 Petero 3:7) Birahambaye rero ko twerekana urwo dukunda Imana vy’ukuri.Soma 2 Petero 3:9, 13.