Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwigishe abana bawe

Yeremiya ntiyatanye n’akabando

Yeremiya ntiyatanye n’akabando

WOBA urigera ucika intege ukumva wotana n’akabando?​— a Abantu benshi birabashikira. Yeremiya, uwari akiri muto, vyaramushikiye. Ariko rero, ntiyaretse ivyo abandi bavuga canke ivyo bakora ngo bitume atana n’akabando. Reka tuyage ibijanye n’ukuntu Yeremiya yari umuntu adasanzwe ku Mana, naho mbere yigeze kwumva umengo yotana n’akabando.

Imbere yuko Yeremiya avuka, Imana y’ukuri Yehova yaramutoye ngo azobe umuhanuzi aburira abantu ko batariko barahimbara Imana. Woba uzi ivyo Yeremiya yabwiye Yehova haciye imyaka itari mike inyuma y’aho?​— Yavuze ati: “Sinzi kuvuga, kuko nkiri muto.”

None wibaza ko Yehova yishuye iki Yeremiya?​— Abigiranye ubuntu mugabo ashikamye, yavuze ati: “Nta co uvuga, ngo Ndacari muto; kuk’uwo nzogutumako wese ari we uzojako, kand’ico nzokubarira cose akaba ari co ukwiye kuvuga. Ntuz’ugire ubgoba.” Uti kubera iki? Yehova yavuze ati: “Nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore.”​—Yeremiya 1:4-8, ni twe dushimitse.

Naho ari ukwo, nk’uko twamaze kubivuga, mu nyuma Yeremiya yaracitse intege. Ivyo vyatumwe n’uko yatyekezwa ahorwa ko akorera Imana. Yavuze ati: ‘Abantu bose barantwenga umusi wose kandi barancokora.’ Yaciye rero afata ingingo yo gutana n’akabando. Yavuze ati: “Sinzosubira [kuvuga Yehova], canke ngo ngire ico mvuga mw izina ryiwe.” Ariko, ubwo vy’ukuri yoba yaratanye n’akabando?

Yeremiya yavuze ati: ‘Mu mutima wanje, ijambo rya Yehova ryari nk’umuriro uyingana uhishije uburimbi amagufa yanje, kandi vyarangoye kwiyumanganya.’ (Yeremiya 20:7-9) Naho vyashika Yeremiya agatekerwa n’ubwoba, kubera ko yakunda Yehova, ntiyari gutana n’akabando. Reka turabe ukuntu Yeremiya yakingiwe kubera yuko atatanye n’akabando.

Yehova yabwiye Yeremiya ngo aburire abantu ko Yeruzalemu yosanganguwe mu gihe batohindura ingeso zabo mbi. Igihe Yeremiya yatanga iyo mburi, abantu baciye bashavura maze bavuga bati: “Uyu muntu akwiye gupfa.” Ariko rero, Yeremiya yarabatakambiye ngo ‘bumvire Uhoraho.’ Yaciye avuga ati: ‘Mukwiye kumenya yuko nimwanyica, muzoba mwishe umuntu ata co azira, kuko Imana yandungitse kubabwira ibi bintu.’ Woba uzi ivyaciye biba?​—

Bibiliya ivuga iti: “Abaganwa n’abantu bose babarira abaherezi n’abo ba kamenyi, bat’Uyu muntu ntakwiye gupfa, kukw atubariye mw izina ry’Uhoraho Imana yacu.” Igihe rero Yeremiya atareka ubwoba ngo butume atana n’akabando, Yehova yaramukingiye. Reka ubu na ho turabe ivyashikiye Uriya, uno akaba ari uwundi muhanuzi wa Yehova yakoze ibitandukanye cane n’ivya Yeremiya.

Bibiliya ivuga iti: ‘Uriya yavugishijwe ku bizoba kuri Yeruzalemu bihwanye n’amajambo yose ya Yeremiya.’ Ariko none igihe Umwami Yehoyakimu yashavurira Uriya, woba uzi ico Uriya yaciye agira?​— Yaratekewe n’ubwoba, araheba gukora ivyo Imana igomba, maze ahungira mu Misiri. Umwami yaciye arungika abagabo baja kumurondera ngo bamugarukane. None igihe bamugarukana, woba uzi ico uwo mwami mubi yaciye agira?​— Yaciye yicisha Uriya inkota!​—Yeremiya 26:8-24.

Ni kubera iki woshobora kuvuga ko Yehova yakingiye Yeremiya ariko atakingiye Uriya?​— Urabona, Yeremiya ashobora kuba yaragize ubwoba nk’uko na Uriya yabugize, ariko Yeremiya ntiyahevye gukorera Yehova ngo ace ahunga. Ntiyatanye n’akabando. None wovuga ko dushobora gukura icigwa ikihe kuri ako karorero ka Yeremiya?​— Ni ic’uko rimwe na rimwe twoshobora gusanga bigoye gukora ivyo Imana ivuga, ariko dukwiye kwama nantaryo tuyizigira kandi tukayigamburukira.

a Nimba uriko urasoma uri kumwe n’abana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukerekeza ivyo bibazo kuri bo.