Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yarakoranye ukwiyubara

Yarakoranye ukwiyubara

Niwigane ukwizera kwabo

Yarakoranye ukwiyubara

ABIGAYILI aravye uwo musore mu maso, yarabona ko yataye umutwe. Yari atekewe n’ubwoba, kandi vyarumvikana. Ibara ryagomba kugwa. Muri uwo mwanya nyene, abarwanyi bashika 400 bari mu nzira, biyemeje kwica zina muhungu wese wo mu rugo kwa Nabali umugabo wa Abigayili. Uti kubera iki?

Ivyo vyose Nabali ni we yari yabikweze. Yari yakoze ibiranga ubukazi n’akagaye nk’uko yari asanzwe abigira. Ariko ico gihe hoho, yari yatutse umugabo atari akwiye gutuka, uno akaba yari umukuru yakundwa w’umugwi w’abarwanyi b’intahemuka kandi bamenyerejwe neza. Ico gihe rero, umwe mu basore bakorera Nabali, kumbure akaba yari umwungere, yaraje aho Abigayili ari, yizigiye ko uno yorondeye ingene yokiza abo kwa Nabali. Yamara none, umukenyezi umwe yari gukora iki imbere y’umugwi w’ingabo?

Reka tubanze twihweze amakuru yiyongereye ku bijanye n’uwo mukenyezi adasanzwe. Abigayili yari nde? Iyo ngorane yari yatanguye gute? Vyongeye, ni ibiki dushobora kwigira ku karorero yatanze k’ukwizera?

“Yariyubara cane, kandi yar’umunyakaranga”

Abigayili na Nabali ntibari bakwiranye na gato. Nta wundi mukenyezi ameze neza kuruta Abigayili Nabali yari kuronka, mu gihe Abigayili we yasanze yubakanye n’umuntu ameze nabi bimwe bihebuje. Ego ni ko uwo mugabo yari afise amahera. Ivyo rero vyatuma aca abona ko ahambaye cane, ariko none abandi bamubona gute? Vyogorana kuronka uwundi muntu avugwa muri Bibiliya adondorwa mu majambo agayitse kumuruta. Izina ryiwe bwite risobanura ngo “Rujuju” canke “Gipfu.” Abavyeyi biwe boba bamwise iryo zina akivuka, canke ryoba ryari iritazirano yahawe mu nyuma? Uko biri kwose, izina ryabaye ryo muntu. Nabali yari “umuntu w’ikigoryi kandi w’imico mibi.” Yari inkazi n’imborerwa, akaba yaratinywa kandi akankwa n’abantu nka bose.​—1 Samweli 25:2, 3, 17, 21, 25.

Abigayili we yari atandukanye cane na we. Izina ryiwe risobanura ngo “Dawe yarironkeje umunezero.” Ba sebibondo benshi usanga bishimira ukuba bafise umukobwa w’umunyakaranga, ariko sebibondo w’inkerebutsi arahimbarwa kuruta igihe yiboneye ubwiza bwo mu mutima umwana wiwe afise. Akenshi cane, umuntu yifitiye ubwiza bwo ku mubiri usanga atabona ko bikenewe gutsimbataza kamere nk’ukwiyubara, ubukerebutsi, umutima rugabo canke ukwizera. Kuri Abigayili we si ko vyari bimeze. Bibiliya ivuga ko “[‘yiyubara cane,’ NW], kandi yar’umunyakaranga.”​—1 Samweli 25:3.

Muri iki gihe, bamwebamwe bokwibaza igituma umugore akiri muto w’incabwenge nk’uwo yubakanye n’uwo mugabo w’imburakimazi. Uribuka ko imibano y’abubatse myinshi yo mu gihe ca Bibiliya yatunganywa n’abavyeyi. N’igihe bitaba ari ukwo bigenze, vyari bihambaye cane ko abavyeyi babitangira uruhusha. Abavyeyi ba Abigayili boba bashigikiye uwo mubano, mbere bakawutunganya, kubera yuko batangarira ubutunzi bwa Nabali be n’ukuba yari rurangiranwa? Boba bagondojwe n’ubukene? Uko biri kwose, amahera Nabali yari afise ntiyatuma aba umunega mwiza.

Abavyeyi b’inkerebutsi barigisha abana babo bavyitondeye kubona ko umubano w’ababiranye ari ikintu co kwubahwa. Ntibahimiriza abana babo ngo bubakane n’abantu bafise amahera, eka mbere ntibabashirako umukazo ngo batangure kureshanya bakiri bato cane ku buryo batoshobora kurangura uruhara be n’amabanga y’abantu bageze mu bigero. (1 Abakorinto 7:36) Ariko rero, igihe co kuzirikana kuri mwene ivyo bintu cari caramaze kurengana kuri Abigayili. Icatumye yubakana na Nabali caba ikihe, akaba kari karamaze kuba, kandi yari yiyemeje gukora uko ashoboye kwose naho ibintu vyari bigoye.

‘Yarabarandamukiye’

Nabali yari ahejeje gutuma uko ivya Abigayili vyari vyifashe vyunyuka kuruta ikindi gihe ico ari co cose. Wa mugabo yari yatutse ntiyari uwundi, yari Dawidi. Uno yari wa musuku w’umwizigirwa wa Yehova umuhanuzi Samweli yari yararobanuje amavuta, gutyo aba ahishuye ko Dawidi ari we Imana yahisemwo ngo aze asubirire Sauli, maze abe umwami. (1 Samweli 16:1, 2, 11-13) Kubera yuko Dawidi yariko arahunga uwo Mwami Sauli w’umunyeshari kandi w’umwicanyi, yaba mu gahinga ari kumwe n’abarwanyi biwe 600 b’intahemuka.

Nabali yaba i Mayoni ariko yakorera i Karumeli hafi yaho, kandi bishoboka ko yari ahafise itongo. a Ivyo bisagara vyari hafi y’udutumba turiko ivyatsi vyinshi tubereye kwororeramwo intama, Nabali akaba yari afise izishika 3.000. Ariko rero, hirya no hino hari agahinga katarimwa. Mu Bumanuko hariho agahinga kanini cane ka Parani. Mu Buseruko, inzira yaja ku Kiyaga c’Umunyu yaca ahantu h’ibiharabuga hari huzuye imyonga miremire be n’amasenga. Muri utwo turere ni ho Dawidi n’abantu biwe bagwa bavyuka kugira ngo babandanye babaho, akaba ata gukeka ko barwana urugamba kugira ngo baronke icorirenza, bakongera bakihanganira ingorane nyinshi. Akenshi barahura na ba basore bakorera wa mutunzi Nabali ari abungere.

None abo basirikare bakora bagatama bafata gute abo bungere? Vyari vyoroshe cane ko rimwe na rimwe baza barikora kuri izo ntama, ariko nta kintu na kimwe nk’ico bagize. Ahubwo riho, babaye nk’igihome gikingira imikuku ya Nabali be n’abasuku biwe. (1 Samweli 25:15, 16) Hari ingeramizi nyinshi zari zihanze intama be n’abungere. Ico gihe hariho ibiryanyi vyinshi. Vyongeye, urubibe rwo mu Bumanuko bwa Isirayeli rwari hafi cane, akaba ari co gituma imigwi y’abasuma n’abambuzi yakunda gutera. b

Kuguma ugaburira abo bantu bose muri ako gahinga, gitegerezwa kuba cari igikorwa kitoroshe na gato. Ni co gituma umusi umwe Dawidi yarungitse intwarabutumwa cumi kwa Nabali ngo zimusabe ko yogira ico abafashije. Dawidi yahisemwo ico gihe abigiranye ubukerebutsi. Cari ikiringo giteye umunezero co gukemura intama, ico gihe bikaba vyari bimenyerewe ko abantu bagaragaza ugutanga cane bakongera bakagira imisi mikuru. Dawidi kandi yarahisemwo avyitondeye amajambo yakoresheje, akaba yakoresheje imvugo n’amajambo yo kumwitura biranga urupfasoni. Mbere mu kuvuga ibimwerekeye yavuze ngo “umwana wawe Dawidi,” kumbure kukaba kwari ukwemera abigiranye icubahiro ko Nabali amusumvya imyaka. None Nabali yishuye gute?​—1 Samweli 25:5-8.

Yaciye ashangashirwa! Wa musore yavugwa mu ntango yaradondoreye Abigayili uko ibintu vyagenze ati: “Araheza arabarandamukira.” Uwo mugabo w’ingumyi Nabali yaciye ashira ijwi hejuru aridodomba ku bijanye n’umutsima wiwe, amazi yiwe be n’inyama yari yabagishije. Yaracokoye Dawidi amwita imburakimazi yongera amugereranya n’umusuku yataye shebuja. Nabali ashobora kuba yabona ibintu nka Sauli, uno akaba yaranka Dawidi. Nta n’umwe muri abo bagabo yabona ibintu nk’uko Yehova abibona. Imana yarakunda Dawidi kandi ntiyamubona nk’umushumba w’umugarariji, ahubwo yamubona nk’uwohavuye aba umwami wa Isirayeli.​—1 Samweli 25:10, 11, 14.

Igihe abo Dawidi yari yatumye bamuzanira inyishu, yaciye agira ishavu ryinshi. Yategetse ati: “Umuntu wese n’ahagatire inkota yiwe.” Dawidi na we ubwiwe yaciye afata ikirwanisho ciwe, aca ayobora abantu 400 biwe kugira ngo bagabe igitero. Yararahiye ararengwa ko atosigaje zina muhungu mu nzu kwa Nabali. (1 Samweli 25:12, 13, 21, 22) Ishavu rya Dawidi ryarumvikana, mugabo uburyo yashaka kurigaragazamwo ntibwari bubereye. Bibiliya ivuga iti: “Uburake bw’umuntu [ntibu]shitsa ubugororotsi bw’Imana.” (Yakobo 1:20) Ariko none, Abigayili yoshoboye gute gukiza abo mu rugo rwiwe?

“Hahezagirwe n’ukwiyumvira neza kwawe”

Mu buryo bunaka, twamaze kubona Abigayili atera intambwe ya mbere arondera gukosora iryo kosa riteye ubwoba. Mu buryo butandukanye n’ivyo umugabo wiwe Nabali yakoze, wewe yaragaragaje ko yiteguriye kwumviriza. Wa musuku akiri muto yavuze ku bijanye na Nabali ati: “[Ni] umuntu w’umugesera, ata woshobora kugira ico amubgira.” c (1 Samweli 25:17) N’igiteye agahinda ni uko kuba Nabali yabona ko ahambaye vyamutumye yica amatwi. Ubwibone nk’ubwo ni bwo bweze muri kino gihe. Ariko wa musore yari azi ko Abigayili atandukanye na Nabali, ata gukeka kikaba ari co gituma yamwegereye kugira ngo amubwire iyo ngorane.

Abigayili yarazirikanye maze aca aragira ico akoze adatebaganye. Dusoma duti: “Maze Abigayili arakwakwanya.” Incuro zine muri iyo nkuru imwe harakoreshwa imvugo ziserura ico ciyumviro co gukwakwanya, zikaba zikoreshwa ku bijanye n’uwo mukenyezi. Yaciye ategurira Dawidi n’abantu biwe ingabirano igizwe n’ibintu vyinshi. Yarimwo umutsima, umuvinyu, intama, ingano zikaranze, imisoko y’umuzabibu be n’uturobe tubumbabumbwe mu nsukoni. Biragaragara ko Abigayili yari azi ivyo atunze be n’uko yitwararika cane ibikorwa yari ajejwe mu rugo, akaba yari ameze rwose nka wa mugore aroranye yahavuye mu nyuma adondorwa mu gitabu c’Imigani. (Imigani 31:10-31) Yararungitse ivyo bintu ngo bimwitangire imbere bijanywe na bamwebamwe mu basuku biwe, maze aca arabakurikira ari wenyene. Dusoma duti: “Ariko ntiyabibgira Nabali umugabo wiwe.”​—1 Samweli 25:18, 19.

None ivyo vyoba bisobanura ko Abigayili yariko aragarariza ububemutwe bwemewe bw’umugabo wiwe? Oya namba. Nabali yari yakoreye ikibi umusavyi wa Yehova yarobanuwe, ico kikaba cari ikintu cashobora gutuma abantu benshi ata co bazira bo mu muryango wa Nabali bahasiga ubuzima. Iyo Abigayili atagira ico akoze, ubwo ntiyari kuba agize uruhara mw’ikosa ryari ku gatwe k’umugabo wiwe? Mu kintu ico ari co cose, yategerezwa kuyobokera Imana yiwe imbere yo kuyobokera umunega wiwe.

Haheze umwanya mutoya, Abigayili yarahuye na Dawidi be n’abantu biwe. Yaciye asubira arakwakwanya, ico gihe akaba yakwakwanije ava ku ndogobwa yiwe maze aricisha bugufi imbere ya Dawidi. (1 Samweli 25:20, 23) Yaciye rero asuka ivyari ibwina mu mutima wiwe, asabira imbabazi bimwe bikomeye umunega wiwe be n’abo mu rugo rwiwe. Ni igiki catumye amajambo yiwe agira ico ashitseko?

Yariyitiriye ikosa maze arasaba Dawidi ngo amugirire imbabazi we ubwiwe. Yaremeye mu buryo bwumvikana ko umunega wiwe yari igipfu nk’uko izina ryiwe ryabivuga, kumbure akaba yaraseruye iciyumviro c’uko Dawidi yobaye yitesheje icubahiro hamwe yari guhana umuntu nk’uwo. Yaraseruye ko yizigiye Dawidi nk’uwuserukira Yehova, ariyemerera ko yariko arwana “intambara z’Uhoraho.” Yarerekanye kandi ko yari azi ivyerekeye isezerano Yehova yagize ku bijanye na Dawidi be n’ubwami, kuko yavuze ati: ‘Uhoraho azoguhindura segaba w’Abisirayeli.’ N’ikindi kandi, yarahanuye Dawidi ngo ntihagire ikintu na kimwe akora cohava gituma yagirwa n’amaraso canke cotuma mu nyuma ‘ahava akicuza,’ bikaba biboneka ko yariko yerekeza kw’ijwi ryo mu mutima ridatekanye. (1 Samweli 25:24-31) Emwe, ayo yari amajambo arangwa ubuntu kandi y’igikundiro!

None Dawidi yavyakiriye gute? Yaremeye ivyo Abigayili yari yazanye maze avuga ati: “Uhoraho Imana y’Abisirayeli ashemagizwe, yakurungitse uyu musi kunsanganira; hahezagirwe n’[“ukwiyumvira neza kwawe,” NW], nawe ubgawe uragahezagirwa, untesheje uyu musi ngo simvishe amaraso.” Dawidi yaramushemagije kubera ko yakwakwanije abigiranye ubutwari akaza guhura na we, kandi yariyemereye ko yamutesheje kwikwegera ukwagirwa n’amaraso. Yamubwiye ati: “Ni wīdūgire, usubire i muhira amahoro;” maze aca yongerako yicishije bugufi ati: “Ivyo uvuze ndavyumvise.”​—1 Samweli 25:32-35.

“Ehe nd’incoreke yawe”

Bamaze gutandukana, Abigayili ategerezwa kuba yagumye yiyumvira ibijanye n’ukwo guhura na Dawidi; kandi ashobora kuba atabuze kubona itandukaniro riri hagati y’umwami w’umwizigirwa Dawidi be na wa mugabo w’inkazi bari bubakanye. Ariko rero, ntiyibanze ku vyiyumviro nk’ivyo. Dusoma duti: “Nuko Abigayili asubirayo,” ni ukuvuga aho Nabali ari. Ego cane, yarasubiye ku munega wiwe, yiyemeje cane kurangura uruhara rwiwe rwo kuba umukenyezi ukwo abishoboye kwose. Yategerezwa kumubwira ibijanye na ya ngabirano yari yahaye Dawidi n’abantu biwe. Uwo mugabo yari afise uburenganzira bwo kubimenya. Yategerezwa kandi kumubwira ibijanye n’akaga kari kahatswe kubashikira imbere yuko avyumvana abandi bantu, ivyo bikaba mbere vyotumye amaramara kuruta. Ariko rero ntiyashobora kubimubwira ico gihe. Yariko agira umusi mukuru nk’umwami kandi yari yaborewe cane.​—1 Samweli 25:36.

N’ico gihe nyene mu kugaragaza umutima rugabo be n’ukwiyubara, yararindiriye gushika bukeye mu gitondo inzoga zimaze kumuvako. Ico gihe yobaye atakiborewe ku buryo yomutahuye, ariko vyobaye kandi birushirije kuba ibibangamye kuri Abigayili kubera ukuntu Nabali yari ameze. Naho ari ukwo, yaramwegereye aramwiganira ivyabaye vyose. Nta gukeka ko yari yiteze yuko aca ashangashirwa, kumbure agakora ikintu kiranga ubukazi. Aho kubigenza gutyo, yagumye ng’aho yicaye, adakakaza.​—1 Samweli 25:37.

None uwo mugabo yari yashikiwe n’iki? “Umutima wa Nabali [waradegeye], acika nk’igiti.” Kumbure yari yafashwe n’ubwoko bunaka bw’indwara yonona ubwonko. Ariko rero yapfuye inyuma y’imisi cumi, kandi ntivyavuye neza na neza ku ndwara. Bibiliya ivuga iti: “Uhoraho akubita Nabali, arapfa.” (1 Samweli 25:38) Yehova amaze gukuraho Nabali abigiranye imvo yumvikana, Abigayili yari aruhuriwe ingorane zo mu mubano wiwe. Naho muri kino gihe Yehova adaca agira ico akoze kugira ngo akureho abantu ku gitangaro, iyo nkuru ni icibutswa kibereye c’uko abona ubukazi ubwo ari bwo bwose be n’ukugirirwa nabi ukwo ari kwo kwose bigirwa mu ngo. Ku gihe ubwiwe abona ko kibereye, azokwama nantaryo atuma ubutungane bukora.

Uretse ko Abigayili yaruhuriwe umubano mubi, yari abikiwe uwundi muhezagiro. Igihe Dawidi yamenya ibijanye n’urupfu rwa Nabali, yaciye atuma intwarabutumwa ngo zije kubaza niba Abigayili yokwemera kumubera umukenyezi. Yishuye ati: “Ehe nd’incoreke yawe, umuja wo kwoza ibirenge vy’abantu ba databuja.” Biratomoye ko atahinduwe n’uko yari agiye kuba umukenyezi wa Dawidi; mbere yasavye ko yoba umusukukazi w’abasuku biwe! Duca dusubira gusoma ibijanye n’ingene yaciye akwakwanya, ico gihe akaba yariko yitegurira kuja kwa Dawidi.​—1 Samweli 25:39-42.

Ivyo ntibisobanura yuko ingorane zose zari ziheze; ubuzima bwa Abigayili na Dawidi ntibwokwamye nantaryo bworoshe. Dawidi yari asanzwe yarubakanye na Ahinowamu, kandi nta gukeka ko kugira abagore benshi vyatuma ico gihe abakenyezi b’abizigirwa bagira ingorane zidasanzwe. d Vyongeye Dawidi ntiyari bwabe umwami; hotegerejwe kubaho intambamyi be n’ingorane yobwirijwe kurengera imbere yuko asukurira Yehova muri ubwo buryo. Ariko rero, uko Abigayili yafasha akongera agashigikira Dawidi mu buzima bwiwe, akaba yahavuye amuvyarira umuhungu, yagiye arabona ko yari afise umunega yamuha agaciro akongera akamukingira. Mbere igihe kimwe yaramurokoye mu minwe y’abari bamunyuruje! (1 Samweli 30:1-19) Gutyo rero Dawidi yariganye Yehova Imana, we akunda kandi agaha agaciro abakenyezi nk’abo bafise ukwiyubara n’umutima rugabo kandi b’abizigirwa.

[Utujambo tw’epfo]

a Uwo ntiwari wa Musozi Karumeli uzwi cane wari kure mu Buraruko, ariko cari igisagara kiri ku nkengera ya ka gahinga ko mu Bumanuko.

b Bishoboka ko Dawidi yabona ko gukingira abantu bari bafise amatongo aho hantu be n’imikuku yabo wari umurimo yarangurira Yehova Imana. Muri ico gihe, umugambi wa Yehova wari uw’uko abakomoka kuri Aburahamu, Izahaki na Yakobo baba muri ico gihugu. Gutyo rero, kugikingira abanyamahanga bagisatira be n’imigwi y’abambuzi wari umuce w’umurimo mweranda.

c Ayo majambo uwo musore yakoresheje asigura ijambo ku rindi ngo “umuhungu wa beliyali (imburakimazi).” Izindi mpinduro za Bibiliya mu guhindura iryo ryungane zirashiramwo amajambo adondora Nabali ko ari umugabo “ata muntu n’umwe atega ugutwi,” maze iciyumviro gica gishikwako kikaba ari ic’uko “ata co bimaze kugira ico umubwiye.”

d Raba ikiganiro kivuga ngo “Imana yoba yemera ko umugabo agira abagore benshi?” kiri ku rupapuro rwa 30.

[Ifoto ku rup. 19]

Mu buryo butandukanye n’umugabo wiwe, Abigayili yari umuntu yumviriza yitonze

[Ifoto ku rup. 20]

Abigayili yaragaragaje ukwicisha bugufi, umutima rugabo be n’ukwiyumvira neza igihe yavugana na Dawidi