Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igikorwa kimara akanyota inabibondo

Igikorwa kimara akanyota inabibondo

Igikorwa kimara akanyota inabibondo

MURI kino gihe, usanga hirya no hino kw’isi abakenyezi benshi cane bakora ubuzi. Mu bihugu biteye imbere, igitigiri c’abakenyezi bakora akazi k’umushahara gihakwa kungana n’ic’abagabo. Mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere, akenshi usanga abakenyezi bamara amasaha n’amasaha bakora bagatama ibikorwa vyo mu mirima kugira ngo bagire ico baterereye mu gutunga imiryango yabo.

Abakenyezi benshi basanga bategerezwa gukora akazi kugira ngo baronke ibibeshaho umuryango, ariko kandi bagategerezwa no kwitwararika imiryango yabo be n’ingo zabo. Abo bakenyezi ntibarondera amahera kugira ngo gusa basume ibifungurwa, bagure impuzu bongere baronke uburaro, ariko kandi baca bateka izo mfungurwa, bakamesura izo mpuzu bakongera bakagirira isuku ubwo buraro.

N’ikindi kandi, ba inabibondo bakirisu barihatira kwigisha bashimitse abana babo ivyerekeye Imana. Inabibondo umwe yitwa Cristina, uno akaba afise utwigeme tubiri, avuga ati: “Mvugishije ukuri, usanga bitoroshe na gato gufadikanya akazi be n’amabanga yo mu muryango, na canecane igihe umuntu aba afise abana bakiri bato. Usanga bitoroshe kwitwararika abana nk’uko baba babikeneye”.

None ni igiki gituma ba inabibondo barondera ubuzi? Ni ingorane izihe bahura na zo? Vyongeye, ubwo vyoba bikenewe ko inabibondo arinda gukora akazi k’umubiri kugira ngo yumve ko ashize akanyota?

Igituma ba inabibondo barondera akazi

Kuri ba inabibondo benshi, gukora akazi k’igihe cose ni ikintu ca nkenerwa cane. Bamwebamwe usanga badafise abo bubakanye bofashanya mu vy’ubutunzi. Abandi bafise abo bubakanye na bo, basanga umushahara w’umwe udahagije kugira ngo umuryango uronke ibintu nyamukuru ukenera.

Ni ivy’ukuri yuko atari ba inabibondo bose bakora akazi k’igihe cose kubera yuko hari ivyo baba bakeneye mu vy’ubutunzi. Ba inabibondo batari bake bakora akazi kugira ngo barushirize kwumva ko hari ico bamaze. Hariho aboshobora gukora kugira ngo barondere ukwigenga mu vy’amahera canke bigurire ibintu bizimvyezimvye. Abenshi usanga bakora neza ku kazi kandi ugasanga baragahimbarirwa.

Akosho k’abagenzi koshobora kuba ikindi kintu gituma ba inabibondo bamwebamwe bumva ko bakwiye gukora akazi. Naho abantu benshi bemera yuko ba inabibondo bakora akazi baguma banyinyana n’umukazo be n’umuruho, abahitamwo kudakora akazi akenshi usanga babatahura ukutari ko, mbere bakanabatyekeza. Umukenyezi umwe yavuze ati: “Ntivyoroshe gusigurira abandi ko uri uwo bavuga ngo ni umukenyezi wo mu rugo gusa”. Yabandanije avuga ati: “Biciye ku vyo abantu bamwebamwe bavuga be no ku kuntu bakwihweza, barakwereka yuko uriko urapfisha ubusa ubuzima bwawe”. Uwitwa Rebeca, uno akaba ari umuvyeyi w’agakobwa gafise imyaka ibiri, avuga ati: “Naho ikibano tubayemwo cemera yuko abakenyezi bari bakwiye kwitwararika abana babo, mbona kibona yuko ba inabibondo badakora akazi hari ukuntu bakengeretse”.

Ibintu vy’ibitito be n’ukuntu ibintu vyifashe vy’ukuri

Mu mihingo imwimwe yo kw’isi, usanga mu bimenyeshamakuru uwitwa ngo ni umukenyezi nyawe yerekanwa ko ari uwuroranirwa mu kazi akora, ni ukuvuga uwuhembwa amahera menshi, yambara neza cane kandi atazera inze. Iyo atashe i muhira aba afise ubushobozi bwo gutorera umuti ingorane abana biwe bafise, gukosora amakosa y’umunega wiwe be no gutunganya ivy’ingorane iyo ari yo yose yo mu rugo. Birumvikana yuko ari abakenyezi bakeya babaho vy’ukuri bashobora kubaho bahuza n’ivyo bintu vy’ibitito bihejeje kudondorwa.

Mu bintu bibaho vy’ukuri, ubuzi bwinshi abakenyezi baronka usanga buguma ari bwa bundi nyene kandi ugasanga ubwo buzi ubugereranije n’ubundi, bubaronsa umushahara muto. Ikibabaje kuri bo, ba inabibondo bakora akazi boshobora gusanga akazi kabo kadatuma baronka akaryo ko gukoresha bimwe vyuzuye ububangukirwe basanzwe bafise. Igitabu kimwe (Social Psychology) kivuga giti: “Naho habaye amaterambere ku bijanye n’ukungana kw’ibitsina, abagabo baguma ari bo baronka ubuzi bw’imishahara minini kandi bw’icubahiro. Ni co gituma abakenyezi bagerageza gushingira agaciro kabo ku kazi bakora, usanga ata co bahanoba”. Ikinyamakuru kimwe (El País) co muri Esupanye kigira giti: “Ku bijanye n’abakenyezi, ibiharuro vyerekana yuko vyoshoboka cane ko abo bakenyezi bagira imyitwarariko iturutse ku mukazo incuro zitatu kurusha abagabo, kubera yuko benshi muri abo bakenyezi bitwararika amabanga y’uburyo bubiri, ni ukuvuga ayo ku kazi be n’ay’i muhira”.

Ingene abanega bashobora gufasha

Birumvikana yuko inabibondo mukirisu ari we yifatira ingingo ku bijanye n’uko akwiye kurondera akazi canke kutakarondera. Ariko rero nimba yubatse, we hamwe n’umunega wiwe bakwiye gufata iyo ngingo bamaze kuyaga ivy’ico kibazo no kurimbura bitonze ibintu vyose vyerekeye ico kibazo.​—Imigani 14:15.

Tuvuge iki nka hamwe umugabo n’umugore bofata ingingo y’uko bompi bakwiye gukora akazi k’igihe cose, bivuye ku vyo bakeneye mu vy’ubutunzi? Muri ico gihe, umunega w’inkerebutsi azokwitwararika cane iyi mpanuro ya Bibiliya igira iti: “Namwe bagabo mutegerezwa kwerekana yuko mutahura ubuzima bwo mu mubano w’ababiranye: nimufatane abagore banyu icubahiro, atari gusa kubera yuko barushirije kuba abagoyagoya ku mubiri, ariko kandi kubera yuko musangiye ingabirano y’ubuzima y’Imana” (1 Petero 3:7, The Revised English Bible). Umunega yerekana ko aha icubahiro umukenyezi wiwe mu kumenya aho uwo mukenyezi ageza mu bikorwa vy’umubiri be n’aho ageza mu bijanye n’akanyengetera. Igihe cose bishoboka, azofasha umukenyezi wiwe udukorwa two mu rugo. Nka kumwe kwa Yezu, umunega azogira umutima ukunze wo gukora yicishije bugufi udukorwa tubayabaye, ntiyinyushe kudukora nk’aho umenga hari ukuntu tumutesha icubahiro (Yohani 13:12-15). Ahubwo riho, azobona ko utwo dukorwa tumuha akaryo ko kugaragaza urwo akunda umukenyezi wiwe akora agatama. Uwo mukenyezi azokenguruka cane ako gacumu k’ubumwe.​—Abanyefeso 5:25, 28, 29.

Ata gukeka, mu gihe bibaye ngombwa ko abubakanye bakora akazi bompi, birahambaye cane ko mu rugo haba ugusenyera ku mugozi umwe. Ico kintu kirashimikwako n’ivyavuzwe n’ikinyamakuru kimwe co muri Esupanye citwa ABC. Mu kugira ico kivuze ku bijanye n’icigwa cagizwe n’ikigo kimwe citaho ivy’ingorane zo mu miryango (Institute of Family Matters), ico kinyamakuru cavuze ko urugero runini rw’abantu bahukana muri Esupanye rutava gusa ku “gutituka kw’ingingo mfatirwako z’ivy’idini be n’iz’ivy’ukwigenza runtu”, ariko kandi ko ruva no ku bindi bintu bibiri bifatirwa hamwe, ivyo na vyo bikaba ari “ukuba abagore barinjiye mu vyo gukora akazi be n’ukuba abagabo badafasha mu gukora udukorwa two mu rugo”.

Uruhara ruhambaye cane rwega inabibondo mukirisu

Naho ba sebibondo ari bo ubwa mbere Yehova aha ibanga ryo kwigisha abana babo, ba inabibondo bakirisu barazi ko na bo nyene bafise ibanga rihambaye cane, na canecane mu gihe umwana aba akiri muto (Imigani 1:8; Abanyefeso 6:4). Igihe Yehova yategeka Abisirayeli kwigisha bashimitse abana babo Itegeko ryiwe, yariko abwira ba sebibondo na ba inabibondo. Yari azi ko ico gikorwa cosavye umwanya be no kwihangana, na canecane muri ca kiringo umwana yigiramwo utuntu n’utundi. Ni co gituma Imana yabwiye abavyeyi yuko bari bakwiye kwigisha abana babo igihe baba bari i muhira, ku nzira, bavyutse, be n’igihe baba baryamye.​—Gusubira mu vyagezwe 6:4-7.

Ijambo ry’Imana rirashimika ku ruhara ruhambaye kandi ruteye iteka ba inabibondo bafise, igihe ritegeka abana riti: “Ntute itegeko rya nyoko” (Imigani 6:20, NW). Birumvikana ko umukenyezi yubatse akwiye kuganira n’umunega wiwe imbere yo gushingira abana itegeko iryo ari ryo ryose. Ariko rero nk’uko uwo murongo uvyerekana, ba inabibondo barafise uburenganzira bwo gushinga amategeko. Kandi abana bafata nka nkama amategeko yo mu vy’impwemu be n’ay’ivy’ukwigenza runtu bigishijwe na ba nyina batinya Imana, bazoyungukirako cane (Imigani 6:21, 22). Inabibondo umwe yitwa Teresa, uno akaba afise uduhungu tubiri, yarasiguye igituma atarondera akazi. Yavuze ati: “Kurera abana banje kugira ngo bakure bakorera Imana ni co gikorwa mfise gihambaye kuruta ibindi vyose. Nipfuza gukora ico gikorwa mu buryo bwiza cane bushoboka”.

Ba inabibondo batanze akarorero ntangere

Nta nkeka ko Lemuweli Umwami wa Isirayeli yungukiye ku twigoro tuvuye ku mutima twagizwe na nyina. “Ubutumwa buremereye” nyina yamuhaye kugira ngo ‘amukosore’, bwarashizwe mbere mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe (Imigani 31:1, NW; 2 Timoteyo 3:16). Ukuntu uwo muvyeyi yadondoye umugore aroranye, n’ubu kuracafasha imisore guhitamwo neza abo bazokwubakana. Vyongeye, ingabisho yatanze ku bijanye n’ubuhumbu be n’ukurenza urugero mu kunywa ziracafise akamaro muri kino gihe nk’uko nyene zari zigafise igihe zandikwa.​—Imigani 31:3-5, 10-31.

Mu kinjana ca mbere, intumwa Paulo yarashemagije igikorwa ciza inabibondo umwe yitwa Ewunise yaranguye kugira ngo yigishe umuhungu wiwe Timoteyo. Kubera yuko bishoboka ko umunega wiwe atizera yasenga imana z’Abagiriki, Ewunise yari akeneye kwumvisha Timoteyo yuko akwiye kwizera “ivyanditswe vyeranda”. None Ewunise yatanguye ryari kwigisha Timoteyo Ivyanditswe? Inkuru yahumetswe ivuga yuko hari “guhera mu buhinja”, ni ukuvuga guhera igihe Timoteyo yari akiri uruyoya (2 Timoteyo 1:5; 3:14, 15). Biragaragara yuko ukwizera kwa Ewunise be n’akarorero yatanga, hamwe n’inyigisho ziwe, ari vyo vyateguye Timoteyo kugira ngo azorangure umurimo w’ubumisiyonari yohavuye akora.​—Abafilipi 2:19-22.

Bibiliya iravuga kandi ba inabibondo bagaragarije ubwakiranyi abasavyi b’Imana b’intahemuka maze ivyo bigatuma abana babo bagira ico bigiye ku burorero bwiza bw’abo bantu. Nk’akarorero, hari umugore w’Umunyashunemu yama yakiriye i muhira iwe umuhanuzi Elisa. Umuhungu wiwe yahavuye azurwa na Elisa (2 Abami 4:8-10, 32-37). Rimbura kandi akarorero ka Mariya nyina wa Mariko, umwe mu banditse Bibiliya. Biboneka ko yatanze inzu yiwe i Yeruzalemu kugira ngo ibe ikibanza abigishwa bo mu ntango bagiriramwo amakoraniro (Ibikorwa 12:12). Ata gukeka, Mariko yarungukiye ku kwifatanya n’intumwa be n’abandi bakirisu bama baza aho iwabo.

Biragaragara neza ko Yehova aha agaciro cane ukubira akuya kw’abakenyezi b’abizigirwa baguma bigisha abana babo ingingo ngenderwako ziwe. Arakunda abo bakenyezi kubera ubwizigirwa bwabo be n’utwigoro bagira kugira ngo batume mu rugo iwabo haba ahantu harangwa ugukunda ivy’Imana.​—2 Samweli 22:26; Imigani 14:1.

Ihitamwo rizana ugushira akanyota kuruta ayandi yose

Nk’uko ubwo burorero duhejeje kubona bushingiye ku Vyanditswe buvyerekana, kwitwararika neza ivyo umuryango ukeneye mu vy’umubiri, mu vy’impwemu be no mu vy’akanyengetera, birazana impera zidasanzwe. Ariko rero kubigira usanga atari aho gutuma umwana. Ibikorwa inabibondo arangura i muhira akenshi usanga bisaba ibintu vyinshi kuruta ivyo ikibanza ico ari co cose gihambaye mu kazi kanaka cosaba.

Ni ivy’ukuri yuko inabibondo, amaze guhabwa ubuyobozi n’umunega wiwe maze agahitamwo kugabanya umwanya akora ku kazi, vyoshobora kuba ngombwa ko umuryango ugira ivyo uhevye mu vyo wahora uronka, kandi bigashobora kuba ngombwa ko uwo mukenyezi yihanganira abantu bamwebamwe bomutyekeza kubera badatahura igituma yafashe iyo ngingo. Ariko rero, ivyiza bivamwo biraruta kure n’iyo ivyo umuntu aba yahevye. Inabibondo umwe yitwa Paqui afise abana batatu kandi akora akazi k’igihe gito. Avuga ati: “Ndahimbarwa no kuba ndi i muhira igihe abana batashe bavuye kw’ishure, gutyo bakaronka uwo baganirira igihe bashitse”. None abana biwe bavyungukirako gute? Avuga ati: “Ndabafasha gukora udukorwa two kw’ishure bahabwa gukorera i muhira, kandi igihe havyutse ingorane ndashobora guca ndazitorera umuti ubwo nyene. Umwanya tumarana ku musi ku musi uratuma dushobora guseruriranira akari ku mutima igihe ico ari co cose. Ndaha agaciro cane uwo mwanya marana n’abana banje ku buryo nanse gukora akazi nemerewe k’igihe cose”.

Ba inabibondo bakirisu benshi basanze igihe bashoboye kugabanya umwanya bamara bakora akazi, abagize umuryango bose bahungukira. Cristina, umwe twavuga mu ntango, asigura ati: “Igihe nahagarika akazi nakora bisa n’uko umuryango wacu waciye utangura kurushiriza kworoherwa. Nararonka umwanya wo kuganira n’abana banje be no gufasha umunega wanje mu buryo ngirakimazi butari buke. Naratanguye guhimbarwa no kwigisha abakobwa banje, ndibonera ukuntu biga utuntu n’utundi be n’ukuntu batera imbere”. Hariho ikintu kimwe kidasanzwe cashitse kikiri mu muzirikanyi wa Cristina. Yibuka ibi: “Umwana wanje w’imfura yigiye gutambuka mu kigo citwararika abana igihe abavyeyi babo baba bari ku kazi, ariko uwugira kabiri ni jewe namwiyigishirije gutambuka i muhira. Igihe yashingura ikirenge ari bwo bwa mbere agatangura kwiga gutambuka yaragomvye gutemba maze nca ndamusama. Ese ukuntu ico gihe numvise mpimbawe cane!”.

Ikindi kintu gikwiye kurimburwa, ni uko ivyo umuryango uhevye mu vy’ubutunzi kubera yuko inabibondo agabanije umwanya akora akazi vyoshobora kuba bikeya kuruta uko umuntu yari avyiteze. Cristina asigura ati: “Mu vy’ukuri, amahera twariha muri ca kigo citwararika abana be n’ayo twakoresha mu kwiyunguruza kugira ngo dushikeyo yaratwara igice kinini c’ayo nahembwa. Igihe twasuzuma twitonze uko ivyacu vyari vyifashe, twasanze akazi nakora kataterera mu muryango amahera yiyongereye ashemeye”.

Hari abubakanye bamwebamwe, bamaze gusuzuma uko ivyabo vyifashe bashika ku ciyumviro c’uko ivyiza biva ku kuba umukenyezi yitwararika umuryango igihe cose, biruta kure n’iyo inyungu izo ari zo zose boheba z’ivy’amahera. Uwitwa Paul, uno akaba ari umunega wa Cristina, avuga ati: “Ndahimbarwa no kubona umukenyezi wanje ashobora gusigara i muhira kugira ngo yitwararike abana bacu babiri bakiri bato. Igihe umukenyezi wanje yari agikora akazi, twempi vyararushiriza kudutesha umutwe cane kuruta ubu”. None iyo ngingo bafashe yagize ico ikoze gute ku bakobwa babiri uwo muryango ufise? Paul avuga ati:“Ntibituma bumva batekaniwe gusa, ariko kandi barakingirwa ku rugero runini utwosho tubi tubashikira mu buto bwabo”. Ni kubera iki none uwo mugabo n’uwo mugore bumva ko bihambaye cane yuko bamarana n’abo bakobwa babo umwanya munini ushoboka? Paul yishura ati: “Ndazi ntakekeranya yuko, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, hamwe twebwe abavyeyi tutokwandika ku mitima y’abana bacu, abandi bantu bobo bazobigira”.

Birumvikana yuko bamwebamwe bose mu bubakanye ari bo basuzuma uko ivyabo vyifashe, kandi nta muntu n’umwe akwiye kunebagura ingingo abandi bashobora kuba bifatiye (Abaroma 14:4; 1 Abanyatesalonika 4:11). Naho ari ukwo, birabereye ko abubakanye barimbura ivyiza vyinshi umuryango ushobora kuronka igihe inabibondo adakora akazi k’igihe cose. Mu kuvuga muri make ukuntu yiyumva ku bijanye n’ico kintu, Teresa umwe twavuga, agira ati: “Nta kintu na kimwe gituma umuntu yumva ko ashize akanyota nko kumara umwanya munini ushoboka yitwararika yongera yigisha abana biwe yivyariye”.​—Zaburi 127:3.

[Ifoto ku rup. 31]

Ba inabibondo bakirisu baragira uruhara mu gikorwa gihambaye cane co kwigisha abana babo