Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Uburyo Shetani ategeka nta co bushobora gushikako

Uburyo Shetani ategeka nta co bushobora gushikako

Uburyo Shetani ategeka nta co bushobora gushikako

“Nta mahoro azoba ku munyakibi.”​—UMUS. 8:13.

1. Ni kubera iki urubanza rugiye gucirirwa abanyakibi ari inkuru ihumuriza?

BITEBE bitebuke abanyakibi bategerezwa kuzorengutswa imbere y’ubutungane. Bazobwirizwa kwishura ivyo bakoze. (Imig. 5:22; Umus. 8:12, 13) Iyo ni inkuru ihumuriza na canecane ku bakunda ubugororotsi kandi barenganijwe bongera barafatwa nabi n’abanyakibi. Umunyakibi aruta abandi bose azobwirizwa kurengutswa imbere y’ubutungane ni umwe se w’ikibi, ari we Shetani wa Mubesheranyi.​—Yoh. 8:44.

2. Ni kubera iki hari hakenewe umwanya kugira ngo ikibazo cavyuwe muri Edeni gitorerwe umuti?

2 Muri Edeni, Shetani abitumwe n’ukwiyumvamwo ko ahambaye, yaratumye abantu batera akagere uburyo Yehova atwara. Ivyo vyatumye abavyeyi bacu ba mbere bifatanya na Shetani mu kurwanya ubutegetsi bugororotse bwa Yehova maze baca baba abacumuzi mu nyonga ziwe. (Rom. 5:12-14) Ego ni ko, Yehova yari azi ico iyo ngendo yabo y’ukutubaha be n’ubugarariji yobaviriyemwo. Yamara, izo ngaruka zategerezwa kubashikira vyari ngombwa ko ibiremwa vyose bifise ubwenge bizibonera. Ku bw’ivyo, hari hakenewe umwanya kugira ngo ico kibazo gitorerwe umuti no kugira ngo bigaragare mu buryo bujijura ko abo bagarariji bari bihenze cane.

3. Tubona gute intwaro z’abantu?

3 Kubera yuko abantu bateye akagere ubuyobozi bwa Yehova, babwirijwe kwishingira uburyo bwabo bwite bwo gutwara. Igihe intumwa Paulo yariko yandikira abo bari basangiye ukwizera b’i Roma, yavuze ko mwene izo ntwaro z’abantu ari “abakuru bari hejuru.” Mu gihe ca Paulo, abo bakuru bari hejuru ubwa mbere na mbere yari intwaro y’Uburoma yari irongowe n’umwami w’abami Nero, uno akaba yategetse kuva mu 54-68 G.C. Paulo yavuze yuko mwene abo bakuru bari hejuru “bashizwe n’Imana mu bibanza birutarutana bitigenga.” (Soma Abaroma 13:1, 2.) None ivyo vyoba bisigura ko Paulo yariko arashigikira ko ubutegetsi bw’abantu buri hejuru y’ubw’Imana? Uwokubesha. Ahubwo riho, yariko gusa avuga yuko mu gihe Yehova akiretse intwaro z’abantu zikabaho, abakirisu bakwiye kwubaha iyo “ndinganizo y’Imana” maze bakemera mwene abo bategetsi.

Ingendo ishikana ku vyago

4. Sigura igituma ubutegetsi bw’abantu ata co buzoshikako.

4 Ariko ntiwumve, ubutegetsi bw’abantu burongowe na Shetani nta gukeka ko ata co buzoshikako. Uti kubera iki? Kimwe coco, ni kubera yuko budashingiye ku bukerebutsi bw’Imana. Yehova wenyene ni we afise ubukerebutsi butagira agahaze. Ku bw’ivyo, ni we wenyene ashobora kutuyobora mu buryo bwo kwizigirwa agatuma habaho ubutegetsi buroranirwa. (Yer. 8:9; Rom. 16:27) Mu buryo butandukanye n’abantu, abo usanga akenshi biga mu kuza baragerageza iki na kiriya hakajamwo n’ukwihenda, Yehova we yama azi uburyo bwiza gusumba ubundi bwose bwo gukora ibintu. Indinganizo iyo ari yo yose ijanye n’ivy’intwaro idakurikiza ubuyobozi bwiwe nta co ipfa ishitseko. Ku bw’iyo mpamvu yonyene, tutiriwe turavuga ibijanye n’imvo mbi abantu bakorana ibintu, ubundi bwoko bw’intwaro Shetani yashizeho abicishije ku butegetsi bw’abantu vyaragaragara kuva mu ntango ko ata co bwoshitseko na gato.

5, 6. Ni igiki biboneka ko catumye Shetani afata ingendo yo kurwanya Yehova?

5 Muri rusangi umuntu yitwararika ibintu aririnda gutangura gukora ikintu azi yuko ata co kizoshikako. Igihe yigize intumva akabandanya akora ico kintu, impera n’imperuka arabona ko yihenze. Kahise karerekanye akatari gake yuko kurwanya Umuremyi mushoboravyose ata co bimaze. (Soma Imigani 21:30.) Ariko rero, Shetani ahumwe amaso n’ukwiyumvamwo yuko ahambaye be n’ubwibone, yarateye ibitugu Yehova. Gutyo, wa Mubesheranyi yarahisemwo n’ibigirankana ingendo ata kindi yoshikanyeko atari ivyago.

6 Agatima k’ubwibone ka Shetani kahavuye kagaragazwa n’umutegetsi wa Babiloni, uwuvugwa ariko arigamba ati: “Nzodūga nje mw ijuru, nkuze ingoma yanje isumbe inyenyeri z’Imana; . . . Nzovyagira ku musozi w’ikoraniro mu ruhande rw’impera y’i burārūko; . . . Nzodūga ndenge ah’ibicu bigarukira; nzoba nk’Īsumba vyose.” (Yes. 14:13-15) Imigambi iranga ubupfu y’uwo mutegetsi nta co yashitseko, kandi umuryango wa cami w’Abanyababiloni wahavuye ushikirwa n’iherezo rimaramaje. Muri ubwo buryo nyene, Shetani n’isi yiwe vuba bagiye gutsindwa bimwe bishitse.

Ni kubera iki Imana yabiretse?

7, 8. Ni ivyiza bimwebimwe ibihe biva ku kuba Yehova yarabaye arareka ikibi kikabaho?

7 Hari abokwibaza igituma Yehova atabujije abantu kuja ku ruhande rwa Shetani no gushigikira ubundi buryo bwo gutegeka ata co bwoshitseko na gato. Kubera yuko Imana ari Mushoboravyose, nta nkeka ko ivyo yari ishoboye kubigira. (Kuv. 6:3) Naho ari ukwo, yarabiretse. Kubera yuko ifise ubukerebutsi, yarabona ko kuba iraretse kugira ico ikoze ku bijanye n’ubugarariji bw’abantu amaherezo vyovuyemwo ikintu ciza gusumba. Impera n’imperuka, Yehova yogaragaye ko ari we Mutegetsi agororotse kandi w’umunyarukundo, kandi abantu b’abizigirwa bokwungukiye kuri iyo ngingo Imana yafashe.

8 Ese ukuntu umuryango w’abantu wari kuba wirinze gushikirwa n’amakuba iyo biyamiriza ivyo Shetani yabasavye gukora bakongera bakanka gutera akagere ubutegetsi bw’Imana barondera kwigenga! Naho ari ukwo, ingingo Yehova yafashe yo kureka abantu bakamara igihe kinaka bitegeka yaravuyemwo ivyiza. Vyaratumye abantu bafise imitima igororotse batahura rwose ko biranga ubukerebutsi kwumvira Imana no kuyizigira. Uko ibinjana vyagiye birarengana, abantu barategetswe n’intwaro nyinshi zitandukanye, ariko nta n’imwe muri zo yagaragaye ko ari nziza. Ico kintu caratumye abasavyi ba Yehova Imana barushiriza kujijuka yuko uburyo ategeka ari bwo bwiza vy’ukuri kuruta ubundi bwose. Ego ni ko, kuba Yehova yararetse ubutegetsi bubi bwa Shetani bakabaho vyaratumye abantu bagira ingorane, tudasize inyuma abasenga Imana badahemuka. Ariko rero, ukwo kuba ikibi cararetswe kikamara igihe gito vyaratumye kandi abo basavyi b’Imana b’abizigirwa bavyungukirako.

Ubugarariji bwatumye Yehova aninahazwa

9, 10. Sigura ukuntu ubutegetsi bwa Shetani bwatumye Yehova aninahazwa.

9 Kuba Yehova yararetse abantu bakoshwa na Shetani bakongera bakitegeka ubwabo ntivyatukishije na gato uburyo atwara. Ahubwo nyabuna, kahise kerekana yuko ivyo Yeremiya yavuze ahumekewe ku bijanye n’ukuba abantu badashoboye kwitegeka, ari ivy’ukuri. (Soma Yeremiya 10:23.) Vyongeye, ubugarariji bwa Shetani bwaratumye Yehova aronka akaryo ko kugaragaza kamere ziwe nziza mu buryo burushirije kwibonekeza. Uti gute?

10 Kubera yuko dushobora kubona ingaruka zibabaje ziva ku bugarariji bwa Shetani, kamere zitagira agahaze za Yehova zica mbere zirushiriza kwigaragaza kuruta uko zari gushobora kugaragara iyo ubwo bugarariji butaba bwarabaye. Muri ubwo buryo, yaranihajwe mu maso y’abamukunda. Egome, naho vyoshobora gusa n’ibitangaje, uburyo Shetani atwara bwatumye mu vy’ukuri Imana ininahazwa. Bwarashize ahabona uburyo burengeye ubundi bwose Yehova yakoresheje mu gutorera umuti vya bihari vyerekeye ubusegaba bwiwe. Kugira ngo dushire ahabona ukwo kuri, nimuze turimbure muri make zimwezimwe muri kamere za Yehova maze tubone ukuntu ubutegetsi bubi bwa Shetani bwatumye Yehova agaragaza izo kamere mu bundi buryo.

11. Yehova yagaragaje urukundo rwiwe gute?

11 Urukundo. Ivyanditswe bitubwira ko “Imana ari urukundo.” (1 Yoh. 4:8) Mu kurema abantu, imbere ya vyose Imana yashaka kugaragaza urukundo rwayo. Ikigeretseko, kuba turemwe mu buryo buteye akoba kandi butangaje ni ikimenyamenya c’urukundo rw’Imana. N’ikindi kandi, Yehova abigiranye urukundo, yararonkeje abantu ahantu heza ho kuba hari ikintu cose bakeneye kugira bahimbarwe. (Ita. 1:29-31; 2:8, 9; Zab. 139:14-16) Ariko rero, kuva aho ikibi cinjiriye mu muryango w’abantu, Yehova yaragaragaje urukundo rwiwe mu bundi buryo butandukanye. Uti gute? Intumwa Yohani arasubiramwo amajambo Yezu yavuze agira ati: “Imana yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo agire ubuzima budahera.” (Yoh. 3:16) Hoba hari ubundi buryo buhambaye cane Imana yari gushobora gukoresha mu kwerekana urwo ikunda abantu, kuruta kurungika Umwana wayo w’ikinege kw’isi kugira acungure abacumuzi? (Yoh. 15:13) Vyongeye, ukwo kugaragaza urukundo mu buryo bukomeye vyarabereye abantu akarorero, birabaha akaryo ko kugaragaza mu buzima bwa misi yose urukundo rw’Imana rurangwa n’ukwitanga, nk’uko na Yezu yabigize.​—Yoh. 17:25, 26.

12. Yehova agaragaza gute ububasha bwiwe?

12 Ububasha. “Imana, Mushoboravyose,” ni yo yonyene ifise ububasha bwo kurema ubuzima. (Ivyah. 11:17; Zab. 36:9) Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, igihe umuntu avutse atangura kubaho ameze nk’urupapuro rugaragara. Igihe apfuye, urwo rupapuro rugaragara aba yaramaze kurwuzuzako ingingo yafashe, ivyo yakoze be n’ivyamushikiye mu buzima, bino bikaba biba vyaratumye agira akaranga kanaka be na kamere zinaka. Ayo makuru Yehova arayashira muri ntibate. Igihe kigeze, Yehova arashobora gutuma uwo muntu asubira kuba muzima, afise vya bintu bimuranga vyose yari yisangije. (Yoh. 5:28, 29) Ku bw’ivyo, naho urupfu rutari mu mugambi Imana yari ifitiye abantu mu ntango, rwaratumye Yehova aronka akaryo ko kwerekana ko afise ububasha bwo gutuma n’abapfuye basubira kuba bazima. Vy’ukuri, Yehova ni “Imana, Mushoboravyose.”

13. Inkuka ya Yezu yagaragaje gute ubutungane butagira agahaze bwa Yehova?

13 Ubutungane. Yehova ntabesha, eka kandi ntarenganya. (Gus. 32:4; Tito 1:2) Yama yumira ku ngingo mfatirwako ziri hejuru cane zerekeye ukuri n’ubutungane, n’igihe nyene kubikora bisa naho bituma agira ico ahomvye. (Rom. 8:32) Ese ukuntu bitegerezwa kuba vyarababaje Yehova kubona Umwana wiwe mukundwa Yezu apfira ku giti co gusinzikarizwako nk’aho yoba yari umurogosi w’igihemu! Yamara rero, Yehova abitumwe n’urukundo afitiye abantu b’abanyagasembwa, yararetse n’umutima ukunze ico kintu kibabaje kiraba kugira ngo yumire ku ngingo mfatirwako ziwe zitagira agahaze zerekeye ubutungane. (Soma Abaroma 5:18-21.) Isi yuzuye akarenganyo yaratumye Yehova aronka akaryo ko kugaragaza ko ari we ruheta mu gukurikiza ubutungane.

14, 15. Yehova yagaragaje ubukerebutsi be n’ukwihangana vyiwe ntangere mu buryo bumwebumwe ubuhe?

14 Ubukerebutsi. Adamu na Eva bagiheza gucumura, Yehova yaciye ahishura uburyo yokoresheje mu gukuraho ingaruka mbi zose zakwezwe n’ubugarariji bwabo. (Ita. 3:15) Ukwo kuntu Yehova yagize ico akoze adatebaganye hamwe n’ukuntu yagiye arahishurira abasavyi biwe intambwe ku yindi ido n’ido ry’ibijanye n’uwo mugambi, vyatumye ubukerebutsi bwiwe bwibonekeza cane. (Rom. 11:33) Nta na kimwe gishobora gutangira ububasha Imana ifise bwo gutorera umuti ibibazo mu buryo ngirakamaro. Mw’isi yuzuyemwo ubushegabo, intambara, ukudakora ibitegereka, ukugambarara, ukuba ruburakigongwe, ukugira nkuzi, be n’ubwiyorobetsi, Yehova yararonse akaryo gahagije ko kwereka ibiremwa vyiwe ico ari co ubukerebutsi nyakuri. Umwigishwa Yakobo yavuze ati: “Ubukerebutsi buva hejuru imbere ya vyose ni ubutanduye, maze bukaba ubw’amahoro, bugira ibitegereka, bugabirije kugamburuka, bwuzuye imbabazi n’ivyamwa vyiza, ntibusobanura abantu mu kugira nkunzi, ntibwiyorobeka.”​—Yak. 3:17.

15 Ukwihangana be n’ukwiyumanganya. Vyogoranye ko kamere Yehova afise y’ukwihangana be n’iy’ukwiyumanganya zigaragaza mu buryo bukomeye cane, iyo bidakenerwa ko agira ico akoze ku bijanye n’agasembwa, ivyaha be n’ubugoyagoye vy’abantu. Kuba Yehova yaremeye n’umutima ukunze akamara imyaka ibihumbi n’ibihumbi abigenza gutyo, birerekana ko afise izo kamere nziza igitangaza ku rugero rutagira agahaze, kandi ivyo bikwiye gutuma tumukengurukira cane. Intumwa Petero yaravuze atihenze ko dukwiye “[kubona] ukwihangana kw’Umukama wacu nk’ubukiriro.”​—2 Pet. 3:9, 15.

16. Ni kubera iki kuba Yehova afise umutima ukunze wo kubabarira bituma tunezerwa cane?

16 Umutima ukunze wo kubabarira. Twese turi abacumuzi kandi twese turatsitara kenshi. (Yak. 3:2; 1 Yoh. 1:8, 9) Ese ukuntu dukwiye gukenguruka kubona Yehova afise umutima ukunze wo kubabarira “cane”! (Yes. 55:7, NW) Rimbura kandi iki kintu: Naho twavutse turi abacumuzi b’abanyagasembwa, turashobora kwumva dufise ka kanyamuneza kenshi tugira igihe Imana itubabariye amakosa yacu. (Zab. 51:5, 9, 17) Kuba ubwacu twibonera ico kintu gikora ku mutima kiranga Yehova, birakomeza urukundo tumufitiye bikongera bikaturemesha kwisunga akarorero kiwe mu vyo tugiranira n’abandi.​—Soma Abakolosayi 3:13.

Igituma isi isinzikaye

17, 18. Ni mu buryo butandukanye ubuhe ubutegetsi bwa Shetani ata co bwashitseko?

17 Ivy’iyi si ya Shetani vyose, ni ukuvuga ibiva ku buryo ategeka, biramaze ibinjana n’ibindi ataco bishikako kandi bikama ari ukwo biri. Mu 1991, ikinyamakuru kimwe (The European) cavuze giti: “Isi yoba isinzikaye? Ego cane, ariko . . . ntibiva ku vyo Imana ikora, kuko indwara isi irwaye yakwezwe n’abantu bayo.” Ese ukuntu ayo majambo ari ay’ukuri! Abavyeyi bacu ba mbere bahenzwe na Shetani, barahisemwo ubutegetsi bw’abantu aho guhitamwo gutegekwa na Yehova. Gutyo, baratumye haba uburyo bwo gutwara ata co bwoshitseko. Umubabaro n’amarushwa bishikira abantu hirya no hino kw’isi, ni ivyerekana ko ubutegetsi bw’abantu burembejwe n’indwara iteye ubwoba.

18 Uburyo Shetani ategeka burahimbara abantu bafise ubwikunzi. Ariko rero, ubwikunzi ntibushobora kwigera butsinda urukundo, runo rukaba ari rwo Yehova yisunga mu gutwara. Uburyo Shetani atwara bwarananiwe kuronsa abantu ugutekanirwa, agahimbare n’umutekano. Emwe, uburyo Yehova ategeka buguma bwemezwa ko ari bwo bwiza! Hoba none hari ikimenyamenya dufise muri kino gihe kivyemeza? Egome kiriho, nk’uko tuzobibona mu kiganiro gikurikira.

Ni ibiki twize ku bijanye n’ubutegetsi, dusomye . . .

Abaroma 13:1, 2?

Imigani 21:30?

Yeremiya 10:23?

Abakolosayi 3:13?

[Study Questions]

[Amafoto ku rup. 25]

Abantu ntibigeze bungukira ku buryo Shetani ategeka

[Abo dukesha ifoto]

Ifoto ya U.S. Army

[Abo dukesha ifoto]

Ifoto ya OMS yafashwe na P. Almasy

[Ifoto ku rup. 26]

Yehova arafise ububasha bwo gutuma n’abapfuye basubira kuba bazima

[Ifoto ku rup. 27]

Urukundo rwa Yehova n’ubutungane bwiwe vyaragaragariye mu nkuka y’Umwana wiwe