Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Intoranwa isumvya izindi zose agaciro

Intoranwa isumvya izindi zose agaciro

Intoranwa isumvya izindi zose agaciro

MU MISI ya nyuma y’ubuzima bwiwe, intumwa Yohani yari ageze mu zabukuru yanditse ati: “Nta wundi munezero mfise uruta uyu, kwumva kw abana banje bagendera mu kuri”.—3 Yohana 4.

Iyo ntumwa y’intahemuka yariko yerekeza ku bana biwe bo mu buryo bw’impwemu. Ariko rero, n’abavyeyi benshi boshobora kuvuga nk’uko iyo ntumwa yavuze. Baritaye ku rutare kugira ngo barere abana babo ‘babahana babahanura uko Yehova agomba’, ubu na ho bakaba bahimbarwa no kubona abana babo bakuze “bagendera mu kuri” (Abanyefeso 6:4). Nkako, umuntu yigishije abana biwe inzira ijana mu buzima budahera, aba abahaye intoranwa isumvya izindi zose agaciro. Ivyo ni ukwo biri kubera yuko kuyobokera Imana, ukurimwo kubaho nk’uko Yehova ashaka ko abakirisu babaho, “kuzana isezerano ry’ubu[zima] bga none n’ubuzoza”.—1 Timoteyo 4:8.

Yehova, we Sebibondo atagira agasembwa, araha agaciro kanini abavyeyi batinya Imana bita ku rutare kugira ngo batoze abana babo indero yo mu vy’impwemu. Igihe abo bana babumviye, bararonka umunezero mwinshi mu gukurikirana ugusenga kw’ukuri bari kumwe n’abavyeyi babo. Uko mwene abo bana bagenda barakura, baribikira ibintu biteye umunezero biboneye bazoja baribuka. Bamwebamwe baribukana umunezero igihe bagira uruhara ari bwo bwa mbere mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi *. Canke kumbure baribuka igihe bashoboye gusoma ari bwo bwa mbere icanditswe co muri Bibiliya mu busuku bw’inzu ku nzu bari kumwe n’umwe mu bavyeyi babo. Wumva none boshobora kwibagira igihe wasanga bariko barumviriza abavyeyi babo babasomera mu Gitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya canke muri ca gitabu Écoutez le grand Enseignant *? Uwitwa Gabriel aribuka ikintu yakunze cane: “Igihe nari mfise imyaka ine gusa y’amavuka, mawe yarandirimbira ku musi ku musi igihe yaba ariko arateka. Hariho ururirimbo rw’Ubwami gushika n’ubu nibukana umunezero mwinshi. Mu nyuma, rwaramfashije kubona ukuntu umurimo wa Yehova uhambaye”. Kumbure na wewe uribuka urwo ruririmbo ruryoshe Gabriel ashaka kuvuga. Ni ururirimbo inomero 157 mu gitabu c’indirimbo Mwimbieni Yehova Sifa, rukaba rufise umutwe uvuga ngo “Senga Imana mu buto bwawe”.

Urwo ruririmbo rutangura uku: “Aban’Imana barashemeje;/Yez’impundu bamuvugirije”. Erega ni vyo, hariho abana baronse agateka ko kwifatanya na Yezu, kandi biboneka yuko bamuhimbara kubera inyifato yabo iruhura kandi itarangwamwo uburyarya. Yezu mbere yarakoresheje ivy’ukuba abana batoyi ari abantu boroshe kwigisha mu gutanga akarorero abigishwa biwe bakwiye kwigana (Matayo 18:3, 4). Abana rero barafise ikibanza kibereye mu vy’ugusenga Yehova. Kanatsinda amajambo y’iyo ndirimbo abandanya uku: “Na bone barayininahaza”.

Biciye ku kuntu bigenza mu buryo bw’intangakarorero, haba i muhira, kw’ishure be n’ahandi hantu, abana benshi barateye iteka Imana be n’imiryango yabo. Ese ukuntu vyabaye umuhezagiro kuri bo kuba bafise ‘Abavyeyi barondera ukuri’ (Gusubira mu vyagezwe 6:7)! Abavyeyi batinya Imana baraja ku ruhande rwayo, yo yigisha ibiremwa vyayo kugendera mu nzira bikwiye gucamwo, ikabigira nka Sebibondo munyarukundo. Kandi ese ukuntu ivyo bironsa abavyeyi umuhezagiro! Uko na bo bigisha abana mu miryango yabo, ese ukuntu bibatera akamwemwe kugira abana ‘babubaha akaba ari wo munezero’ wabo (Yesaya 48:17, 18)! Uwitwa Angélica, muri iki gihe akaba akorera ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova muri Megizike, avuga ati: “Abavyeyi banje bamye nantaryo bagira akigoro ko gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ivyo vyatumye imyaka yanje yo mu bwana iba iyihimbaye cane. Nari mpimbawe”.

Mwene abo bakirisu baremera yuko ari ngirakamaro ko witaho cane intoranwa yawe yo mu vy’impwemu. Kumbure uri uwukiri muto arerewe mu muryango wisunga inyifato nyakuri ya gikirisu. Nimba ari ukwo biri, urwo ruririmbo nyene ruguhimiriza ruti: “Bak’risu b’abana ntimwandure”. Hazogera igihe musigara ari mwebwe mwifatira ingingo, ubu rero “Mu buto Yehova mwizigire./Ntimurondere kumenyekana”.

Niwihenda ugashira ukurondera kumenyekana mu kibanza ca mbere mu buzima bwawe, ukumenyerezwa kwose uronka kwoshobora kuba impfagusa kandi ugashobora kwonona ivyizigiro ufise vya kazoza. Icipfuzo co kumenyekana kirashobora kugushikana ku kutaba maso. Bamwebamwe bahavuye bifatanya n’abantu batitwararika ingingo mfatirwako za gikirisu, naho abo bantu wamenga nta co batwaye eka no kuboneka neza bakaba baboneka neza. Ivyo vyagaragariye kuri Tara, wa mukinyi nyamukuru yerekanwa muri ya videwo y’umutwe uvuga ngo Les jeunes s’interrogent . . . Comment se faire de vrais amis? (Urwaruka ruribaza—Noshobora gute kugira abagenzi beza?). Cokimwe na Tara, umukirisu akiri muto uwo ari we wese yifatanya n’abadaha agaciro ugusenga kw’ukuri, bitebe bitebuke azokwibonera yuko “abagenzi babi [bo]nona”, nk’uko urwo ruririmbo rubivuga. Bisaba imyaka n’iyindi y’akigoro kugira ngo umuntu atsimbataze ingeso nziza, mugabo zirashobora kwononekara mu kanya gato.

Tuvugishije ukuri, kubaho umuntu atinya Imana si ikintu coroshe. Ariko rero, nk’uko urwo ruririmbo rubandanya kuvuga, ‘niwibuka Imana mu buto bwawe,/Ugakorera Yehova ata mahinyu’, uzokwubaka umushinge ukomeye uzogushitsa ku kuroranirwa nyakuri. Vyongeye ‘mu busaza uzumva akamwemwe’. Uzorushiriza mbere gutahura yuko biciye ku bwitwararitsi bwa Yehova burangwa urukundo, ata kintu na kimwe gishobora kukubuza gukora ibigororotse mu nyonga ziwe. Ubwo ni bwo buryo bwo gucika umuntu ahumuye, ni ukuvuga umuntu akuze kandi atinya Imana. N’ikiruta ivyo, kwungukira mu buryo buranga ubukerebutsi ku ndero ya gikirisu birabaronsa akaryo kazotuma “no ku Mana muzoba mushimwe”. Wumva none hari agateka umuntu yoterwa koza gahambaye kuruta ako?—Imigani 27:11.

Rwaruka, nimwame nantaryo rero mwibuka ukuntu indero iva kuri Yehova be no ku bavyeyi banyu bakirisu ari iy’agaciro. Ese urukundo rwinshi babakunda rwobavyurira umutima wo gukora ibihimbaye mu nyonga za Yehova! Cokimwe na Yezu Kirisitu be na wa mwana w’umwizerwa Timoteyo, muzohimbara So wo mw’ijuru n’abavyeyi banyu bo kw’isi. Kandi namwe ubwanyu nimwaramuka mubaye abavyeyi, kumbure muzokwumva mumerewe nka Angélica, umwe twigeze kuvuga, we agira ati: “Ninaramuka ndonse umwana, nzokwita ku rutare kugira ngo ndamwinjize mu mutima ugukunda Yehova kuva mu buhinja, maze urwo rukundo ruzomubere umuco umurongora”. Ego cane, inzira igororotse ijana mu buzima budahera ni yo ntoranwa isumvya izindi zose agaciro!

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 4 Muri iyo porogarama y’ukwigisha ishingiye kuri Bibiliya igirirwa mu mashengero y’Ivyabona vya Yehova, abakiri bato n’abakuze bakirwa bose.

^ ing. 4 Ibitabu vyavuzwe vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.